Biblia Todo Logo
အွန်လိုင်း သမ္မာကျမ်းစာ

- ကြော်ငြာတွေ -




Yeremiya 8:12 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

12 Mbega har’ isoni bāgize, bamaze gukora ibizira? Eka nta dusoni na mba, nta n’ukumāramāra. Ni co gituma bazotembana n’abari ku mutembo; igihe nzobazira bazogwaho, ni jewe Uhoraho mbivuze.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ




Yeremiya 8:12
20 ပူးပေါင်းရင်းမြစ်များ  

Bukeye bg’aho, umukuru abgira murumuna we, at’ Iri joro ryakeye naryamanye na data: twongere tumutereke n’iri joro, nawe ugende uryamane na we, duhonore data.


Wa muhizi we, n’iki gitumye wirata inzigo? Imbabazi z’Imana zihorah’ ibihe vyose.


Bati Rāba, uyu ni we atāhinduye Imana igihome kimukīngira, Ariko yizigira ibihinda vy’ ivyo atunze, Akiha inkomezi mu bubi bgiwe.


Maz’ ibizoba ku bantu buntu bizoba no ku muherezi; ibizoba ku mushumba bizoba no kuri shebuja; ibizoba ku mukobga w’umuja bizoba no kuri inabuja; ibizoba ku muguzi bizoba no k’ūshōra; ibizoba k’ūtiza bizoba no k’ūtira; ibizoba k’uwaka inyungu bizoba no k’uwakwa inyungu.


Ishusho yo mu maso habo ni yo ibāgiriza; bērura icaha cabo nk’ab’ i Sodomu, ntibagihisha. Ubugingo bgabo buzobona ibara, kukw ari bo bīhamagariye ivyago.


N’ivy’ ubusa gusa, n’igikorwa c’uruhendo; igihe cabo co kūzirwa bizoherengetezwa.


None rero, uku ni ko mvuze, jewe Uhoraho, ku vya ba kamenyi bavuga mw izina ryanje, kandi ntābatumye, yamara bakavuga ngw Inkota n’inzara ntibizoba mur’ iki gihugu: mber’ inkota n’ inzara ni vyo bizorandura abo ba kamenyi.


Ni co gitumye inzira yabo izobabera nk’ahanyerera mu mwiza: bazokwirukanwa bahagwe, kuko nzobazanakw ivyago, ni wo mwaka wo kūzirwa kwabo, ni jewe Uhoraho mbivuze.


Ni co gitumye imvura ibuzwa, ntigwe no mu gihe cobaye urushana; yamara na ho nyene wāraritse uruhanga nka maraya, ntiwaruha ugira n’udusoni.


Ntibarīcīsha bugufi gushitsa no kur’ uyu musi, ntibaratinya, ntibaragendera mu vyagezwe vyanje, canke mu mabgirizwa yanje, ivyo nashize imbere yanyu n’imbere ya ba sogokuruza.


Mbega har’ isoni bāgize, bamaze gukora ibizira? Eka nta dusoni na mba, nta n’ukumāramāra. Ni co gituma bazotembana n’abari ku mutembo; igihe nzobāzira bazogwaho, ni jewe Uhoraho mbivuze.


None rero ni mwumve ivyo mvuze jewe Uhoraho: Ehe ngira nshire ibitsitaza imbere y’ubu bgoko: abavyeyi n’abana babo bazobitsitarirakw icarimwe; ababanyi na bagenzi babo bazoranduka.


Uko ni ko yagaragaje ubusambanyi bgiwe, agatwikurura ibiteye isoni vyiwe: nanje umutima wanje uca uramuzinukwa na we, nk’uko wazinutswe mukuru we.


Efurayimu azosigara ar’ imbura ku musi wo guhanwa: namenyesheje imiryango y’Abisirayeli ibitazobura kubaho.


Arik’ Uhoraho ari hagati muri wo aragororotse, ntazokora ivyo kugabitanya; uko bukeye aserura ahibonekeza imanza ziwe ziroranye, ntatenzekanya: arikw ikigoryi nta dusoni kigira.


Uguhōra n’ukwanje, nzobasubiriza mu nkōko Igihe ibirenge vyabo bizonyerera. Kuk’ umusi w’ivyago vyabo uri hafi, Kand’ ibigira bibazeko bizotebuka.


iherezo ryabo n’uguhona, imana yabo n’inda, biratana ibiteye isoni vyabo, ivy’ isi ni vyo bababaye.


ကြှနျုပျတို့နောကျလိုကျပါ:

ကြော်ငြာတွေ


ကြော်ငြာတွေ