Biblia Todo Logo
အွန်လိုင်း သမ္မာကျမ်းစာ

- ကြော်ငြာတွေ -




Yeremiya 8:11 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

11 Kandi bāvūye imirenzako igikomere ca wa mukobga ari bo bantu banje, bavuga, bati N’amahoro, n’amahoro; kand’ ata mahoro ariho.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ




Yeremiya 8:11
14 ပူးပေါင်းရင်းမြစ်များ  

Maz’ intumwa yari yagiye guhamagara Mikaya iramubarira, it’ Abavugishwa bose bahūrije hamwe gusigurira umwami ivyiza; none rero nawe amajambo yawe n’abe nk’ayabo, uvuge ivyiza.


Nuk’ umwami w’ Abisirayeli akoranya ba kamenyi, bār’ abantu nk’amajana ane; arababaza, ati Mbega tuje gutera i Ramoti‐gileyadi canke dusigeho? Baramwishura, bati Dūga uhatere, kuk’ Uhoraho azohagabura mu maboko yawe, mugenzi.


Maze ndavuga, nti Yō! Erega Mwami Uhoraho, ba kamenyi bababgira, ngo nta ho bazobona inkota cank’ inzara, ariko ng’ uzobaha kugirira aha hantu amahoro y’ukuri.


Ntibahengeshanya kubarira abakēngēra ijambo ryanje, bat’ Uhoraho yavuze ngo Muzoba amahoro; kand’ umuntu wese agendera mu budadarare bg’umutima wiwe, baramubgira, bati Nta cago kizobazako.


Bāvūye igikomere c’abantu banje imirenzako, bavuga, bati N’amahoro, n’amahoro; kand’ ata mahoro ariho.


Twiteze amahoro, ariko nta vyiza vyaje; twiteze igihe co kuvūrwa, ariko habah’ ibiteye ubgoba.


Ba kamenyi bawe bākurotoreye ivy’ ubusa n’ivy’ ubupfu; Kandi ntibāguseruriye ibigabitanyo vyawe, ngo ntuje mu kinyago: Ariko bākurotoreye imbūri z’ubusa, n’ibikuzanira gucibga.


Ut’ Ibinyoma vyanyu ko mwabibabarishije umutima w’umugororotsi uwo jewe ntābabaje, mukaremesha umunyakibi kugira ngo ntāhindukire ngw ave mu nzira yiwe mbi, ngw akire;


Ereg’ umuntu agendana impwemu y’ ikinyoma, akabesha, ati Nkuboneye vino n’ibinyobga; ni we yoba umuvugishwa kur’ ubu bgoko!


Aho bazoba bavuga, bati Har’ amahoro, nta nkomanzi; ni ho uguhona kuzobazako giturumbuka, nk’ukw ibise biza ku mugore akuriwe, kandi ntibazokwikiza na gatoya.


ကြှနျုပျတို့နောကျလိုကျပါ:

ကြော်ငြာတွေ


ကြော်ငြာတွေ