Biblia Todo Logo
အွန်လိုင်း သမ္မာကျမ်းစာ

- ကြော်ငြာတွေ -




Yeremiya 8:1 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

1 Ico gihe, ni k’Uhoraho agize, bazozura amagufa y’abami b’Abayuda, n’ay’ abaganwa babo, n’ay’ abaherezi, n’aya ba kamenyi, n’ay’ ababa i Yerusalemu, bayakūre mu mva zabo:

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ




Yeremiya 8:1
12 ပူးပေါင်းရင်းမြစ်များ  

Avuga n’ ijwi rirenga, avugishijwe n’ijambo ry’Uhoraho, abarira ico gicaniro, at’ Ewe wa gicaniro, ewe wa gicaniro! Uku ni k’Uhoraho agize, ngo Mu nzu ya Dawidi hazovuka umwana yitwa Yosiya; ngo Kand’ abaherezi bo mu bitabo vyo ku mpinga z’imisozi bahora bosereza imibavu kuri wewe, ng’ Uyo azobatanga bga bimazi kuri wewe nyene, ngo Kandi kuri wewe ni ho bazoturirira amagufa y’ abantu.


Maze Yosiya akebutse, abona imva zari ngaho kur’ uwo musozi; atuma abantu, bazura amagufa mur’ izo mva, ayaturirira kur’ ico gicaniro, aragihumanya, nk’ukw ijambo ry’Uhoraho ryari riri, iryo wa muntu w’Imana yavuze, igihe yavuga ivyo ko bizoba.


Yicira ku bicaniro abaherezi bose bāri ngaho, abituririrakw amagufa y’abantu. Araheza arahindukira, asubira i Yerusalemu.


ati Kand’ umuvyimba wiwe uzohinduka nk’intabire yo ku gahinga mw itongo ry’i Yezireli, kugira ngo ntihaze hagire ūvuga, ngo Harya hari Yezebeli.


Aho nyene bahacikiye umuhongo, ata kiwubaciye, Kukw Imana yakwiragije amagufa y’uwashagarije kugutera: Warabatetereje, kukw Imana yabahinyuye.


Kandi n’abo bantu baragurira bazoshiburirwa hanze mu nzira z’i Yerusalemu bishwe n’inzara n’inkota; kandi ntibazogira uwo kubahamba, bo ubgabo, cank’ abagore babo, cank’ abahungu babo, cank’ abakobga babo: kuko nzobasubizakw ibibi vyabo.


Ukuboko kw’Uhoraho kwanjeko, ansohokana ndi muri Mpwemu wiwe, anshira hagati mu kiyaya cuzuye amagufa,


Kand’ ibicaniro vyanyu bizosigara bitamāriwe, n’ibishushanyo vyanyu vy’izuba bizomenagurwa: kand’ abishwe banyu nzobashiburira hasi imbere y’ibigirwamana vyanyu.


Nzorambika imivyimba y’Abisirayeli imbere y’ibigirwamana vyabo; kand’ amagufa yanyu nzoyatāgaguza impande zose z’ibicaniro vyanyu.


Uku ni k’Uhoraho agize, ati Kubg’ ibicumuro bitatu vy’i Mowabu, mbere ni bine, sinzovyirengagiza; kuko baturiye amagufa y’umwami w’Abanyedomu, bayahindura nk’ishwagara.


ကြှနျုပျတို့နောကျလိုကျပါ:

ကြော်ငြာတွေ


ကြော်ငြာတွေ