Nuko Eliya yēgēra abantu bose, arababarira, ati Muzogeza ryari kuba ba nyamujiryanino? Asangw’ Uhoraho ari we Mana, ni mumukurikire; na ho nyene ni yaba Bayali, abe ari yo mukurikira. Abantu ntibamwishura ijambo na rimwe.
Aba bantu b’abanyakibi, uko bākanse kwumva amajambo yanje, bakagendera mu budadarare bg’imitima yabo, bagakurikira izindi mana ngw abe ari zo basaba, bazisenge, bazomera nk’uyu mukanda utakigira ico umaze.
Yamar’ abantu banje baranyibagiye, boshereje imibavu ibitagira ikimazi; vyatumye batsitara mu nzira zabo, ni zo nzira za kera, ngo bajane inzira zikikamye, inzira zitanoze,
Kuko bāntaye, bagahumanya aha hantu, bakahoserereza imibavu izindi mana batigeze kumenya, bo na ba sekuruza n’abami b’i Buyuda; bakuzuza aha hantu ibitenga vy’ amaraso y’abatācumuye;
Kuko bamaze kwica abana babo, babashikaniye ibigirwamana vyabo, kur’ uwo musi nyene baca baza ahēra hanje kuhahumanya: mber’ uko ni ko bakoze mu ngoro yanje.