Biblia Todo Logo
အွန်လိုင်း သမ္မာကျမ်းစာ

- ကြော်ငြာတွေ -




Yeremiya 7:8 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

8 Mbega ko mwizigiye amagambo y’ibinyoma adafise ikimazi!

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ




Yeremiya 7:8
14 ပူးပေါင်းရင်းမြစ်များ  

Ko muvuga, muti Twasezeranye isezerano n’ urupfu, kandi twemeranije n’i kuzimu; mut’ Icago ni casendanisha kigahita mu gihugu, muti Ntikizodushikako; muti Kuko twironkeye ubuhungiro mu binyoma, tukaba tunyegeye musi y’ ubugunge:


babarira abamenyi, bati Ntimutumenyere, bakabgira n’aberekwa ibizoba, bati Ntimutubarire ivyo mweretswe vy’ukuri, ariko mutubarire ivyoroshe, muvugishwe ivy’ ibinyoma;


Nta witwarira uwundi mu buryo buroranye, nta n’ūbūrana ivy’ ukuri; bizigira ibitagira ikimazi, bakavuga ibinyoma; basama inda z’ ukugira nabi, bakavyara ibigabitanyo.


Ivyo ni vyo bizokubako, ni wo mugabane nkugereye, ni jewe Uhoraho mbivuze, kuko wanyibagiye ukizigira ibinyoma.


Ivyo bizogeza ryari kuba mu mitima ya ba kamenyi barotora ibinyoma, ni bo bavugishwa n’ubugunge bgo mu mitima yabo?


Rāba, nzohigūra n’abarotora inzozi z’ibinyoma, ni jewe Uhoraho mbivuze, bakazisigura, bakazimirisha abantu banje ibinyoma vyabo n’ukwihayagiza kwabo kw’ ubusa: yamara jewe nta ho nabatumye, nta co nabageze; kandi nta co bazomarira ubu bgoko na gatoya, ni jewe Uhoraho mbivuze.


Nuk’ ūvugishwa n’Imana Yeremiya aca abarira Hananiya kamenyi, ati Ni wumve, Hananiya: Uhoraho ntiyagutumye, ariko wizigiza ubu bgoko ivy’ ibinyoma.


Maze ndavuga, nt’ Ewe Mwami Uhoraho! Mbega ko wahenze rwose ubu bgoko n’i Yerusalemu, wavuze ngo Muzoba amahoro: kandi non’ inkota ikaba igeramiye amagara yabo!


ba kamenyi bavuga ibinyoma, kandi n’abaherezi, uko baganza kwose bagukūra kuri bo; kand’ abantu banje ni co bakunda: mbega none muzokora iki kw iherezo ryavyo?


Ntimwizigire amagambo y’ibinyoma, avuga ngo Nguru urusengero rw’Uhoraho, nguru urusengero rw’Uhoraho, nguru urusengero rw’Uhoraho!


Ni co gitumye abagore babo nzobaha abandi, n’amatongo yabo nkazoyaha abandi bakayegukira: kuk’ umuntu wese, uhereye kuri nyarucari muri bo ugashitsa no k’ūhambaye wo muri bo, yifuza inyungu mbi: kand’ uhereye kuri ba kamenyi ugashitsa no ku baherezi, umuntu wese aragunga.


ကြှနျုပျတို့နောကျလိုကျပါ:

ကြော်ငြာတွေ


ကြော်ငြာတွေ