Biblia Todo Logo
အွန်လိုင်း သမ္မာကျမ်းစာ

- ကြော်ငြာတွေ -




Yeremiya 7:6 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

6 ni mudahahaza ingenzi cank’ impfuvyi cank’ umupfakazi, ntimuvishirize amaraso y’ūtācumuye aha hantu, ntimugendanire izindi mana, bikababera icago:

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ




Yeremiya 7:6
37 ပူးပေါင်းရင်းမြစ်များ  

Atanga umuhungu wiwe kw ikimazi ngo yoserezwe mu muriro, agapfumuza, agatera amabara, akaja kuraguza abahamagara imizimu, n’ abamenyi; yakora ibibi vyinshi imbere y’Uhoraho, bimutera umwikomo.


n’amaraso y’aberanda yavishije; kuko yujuje i Yerusalemu amaraso y’aberanda; nukw ivyo Uhoraho ntiyemera kubiharira.


Bavisha amaraso y’aberanda, ni yo maraso y’abahungu babo n’ay’ abakobga babo, Abo batanze kw ibimazi babaha ibigirwamana vy’i Kanani, Igihugu gihumanywa n’amaraso.


Ntugashingūre akarimbi k’ urubibe rwa kera, Kandi ntukarye amatongo y’ impfuvyi;


Ibirenge vyabo vyirukira gukora ikibi, kandi bihutira kuvisha amaraso y’abatācumuye; ivyiyumviro vyabo n’ivyiyumviro vy’ubugāba; kugeseza no guhonnya biri mu nzira zabo.


Aba bantu b’abanyakibi, uko bākanse kwumva amajambo yanje, bakagendera mu budadarare bg’imitima yabo, bagakurikira izindi mana ngw abe ari zo basaba, bazisenge, bazomera nk’uyu mukanda utakigira ico umaze.


Kuko bāntaye, bagahumanya aha hantu, bakahoserereza imibavu izindi mana batigeze kumenya, bo na ba sekuruza n’abami b’i Buyuda; bakuzuza aha hantu ibitenga vy’ amaraso y’abatācumuye;


Nakubise abo mu gihugu canyu, ariko nigoreye ubusa; banse guhaha; inkota zanyu ubganyu zāriritse ba kamenyi banyu nk’intambge itikiza.


Mbere no ku mpuzu zawe haboneka amaraso y’abantu b’abakene wishe batagira igicumuro, kand’ utābafashe bamena inzu.


Kimwe gusa, mumenye rwose ni mwanyica, ko muzoba mwizanyekw amaraso y’ ūtācumye, azoba kuri mwebge ubganyu no kur’ iki gisagara no ku bakibamwo: kuko vy’ukuri Uhoraho ni we yabantumyeko kuvugira ayo majambo yose mu matwi yanyu.


bakwega Uriya bamukūra muri Egiputa, bamuzanira umwami Yehoyakimu: amwicisha inkota, ashiburira umuvyimba wiwe mu mva z’ abantu ba nyarucari.


Kandi nabatumyekw abasavyi banje bose abo navugisha, nama nzindurwa no kubatuma, nt’ Enda ni mugaruke, umuntu wese ave mu nzira yiwe mbi, mutunganye ibikorwa vyanyu, mwoye gukurikira izindi mana ngo muzigendanire; nti Ni ho muzobona kwibera mu gihugu nabahaye, mwe na ba sogokuruza: ariko ntimwateze ugutwi, canke ngo munyumvire.


Bacitse ibisēme, barayagayaga; bakora ibibi vy’akarenzarugero: ntibabūrana impfuvyi mu manza ngo zibone kuroranirwa; kand’ urubanza rw’aboro ntibaruca.


Erega ni mwatunganya ingeso zanyu n’ibikorwa vyanyu, ni mwaca imanza ziri hagati y’umuntu na mugenzi we,


Mbega birashoboka ko mwiba, mukica, mugasambana, mukarahira ibinyoma, mukosereza Bayali imibavu, mukagendanira izindi mana mutigeze kumenya,


Vyatewe n’ivyaha vya ba kamenyi baho, n’ibigabitanyo vy’abaherezi baho, Bāvishirije amaraso y’abagororotsi hagati muri ho.


akaba atārīriye mu bitabo ku misozi, ntiyunamurire amaso ibigirwamana vy’inzu ya Isirayeli, kand’ akaba atononnye umugore wa mugenzi we, akaba atēgereye umugore mu gihe ari mu miziro;


Ababa muri wewe bakēngēra ba se na ba nyina; muri wewe ni ho bahahariza umuntu w’akavantara; muri wewe ni ho barīra impfuvyi n’ abapfakazi.


Umunyamahanga ni yaza mu gihugu canyu, akabana namwe, ntimuze mumugirire nabi.


Nuko ntimuze mugungane, ariko muntinye, jewe Imana yanyu, kuko nd’ Uhoraho Imana yanyu.


Kandi nzobēgēra nce amateka; nzokwihutira kwagiriza abarozi, n’abasambanyi, n’abarahira ibinyoma, n’ abagunga umucangero ingero yiwe, n’abanyikiza umupfakazi n’impfuvyi, bakagirira nabi inyambukīra, nanje ntibanyubahe, ni k’Uhoraho Nyen’ ingabo agize.


Abantu bose baramwishura, bat’ Amaraso yiwe araba ari twebge akora n’abana bacu.


ati Nācumuye, naguze amaraso y’ūtagira icaha. Na bo baramwishura, bati Bidutwaye iki? N’ivyawe.


uwo muvumo muzowuvumwa ni mutumvira ivyagezwe vy’Uhoraho Imana yanyu, mugakikama mugata inzira mbagera uyu musi, mukagendanira izindi mana mutigeze kumenya.


Ntihaze hagire ūgoreka urubanza rw’umunyamahanga, cank’ urw’ impfuvyi; canke ngo hagire uwaka umupfakazi impuzu yiwe kw ingwati:


Abalewi bat’ Azoba avumwe, ūgoreka urubanza rw’inyambukīra, canke rw’impfuvyi canke rw’umupfakazi. Abantu bose bitabirize, bati Amen.


Ariko ni mwibagira Uhoraho Imana yanyu, mugakurikira izindi mana, mukazisaba, mukazisenga, uyu musi ndababūriye yuko mutazobura guhona.


Idini itunganye itagira agasembga imbere y’Imana Data wa twese, n’ukurāba impfuvyi n’abapfakazi mu marushwa yabo, no kwirinda ngo ntiwanduzwe n’ivy’ isi.


ကြှနျုပျတို့နောကျလိုကျပါ:

ကြော်ငြာတွေ


ကြော်ငြာတွေ