Biblia Todo Logo
အွန်လိုင်း သမ္မာကျမ်းစာ

- ကြော်ငြာတွေ -




Yeremiya 7:4 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

4 Ntimwizigire amagambo y’ibinyoma, avuga ngo Nguru urusengero rw’Uhoraho, nguru urusengero rw’Uhoraho, nguru urusengero rw’Uhoraho!

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ




Yeremiya 7:4
16 ပူးပေါင်းရင်းမြစ်များ  

nuko nanje nzoherengeteza Abisirayeli mu gihugu nabahaye, kand’ iyi ngoro nejeje kubg’ izina ryanje nzoyishibura imve mu maso; kand’ Abisirayeli bazoba iciro ry’imigani n’agashinyaguro mu mahanga yose;


Kuko biyita abo ku murwa wera, bakishingikiriza ku Mana ya Isirayeli; Uhoraho Nyen’ ingabo ni ryo zina ryanje.


Nta witwarira uwundi mu buryo buroranye, nta n’ūbūrana ivy’ ukuri; bizigira ibitagira ikimazi, bakavuga ibinyoma; basama inda z’ ukugira nabi, bakavyara ibigabitanyo.


Uku ni k’Uhoraho agize, at’ Ijuru ni ryo ntebe yanje y’ubgami, isi na yo n’indava y’ ibirenge vyanje: muzonyubakira inzu ki, kandi n’ahantu ki hombera uburuhukiro?


Nuk’ ūvugishwa n’Imana Yeremiya aca abarira Hananiya kamenyi, ati Ni wumve, Hananiya: Uhoraho ntiyagutumye, ariko wizigiza ubu bgoko ivy’ ibinyoma.


kuko bākoze ivy’ ubupfu mu Bgisirayeli, bagasambana n’abagore ba bagenzi babo, bakavuga amagambo y’ibinyoma mw izina ryanje, ayo ntābageze; jewe ubganje ndabizi, kandi nd’icabona, ni jewe Uhoraho mbivuze.


riti Tuma ku bājanywe kw inyagano bose, ubabgire, ut’ Uku ni k’Uhoraho agize ku vya Shemaya w’i Nehelamu, ati Kw ababariye amagambo, nanje ntāmutumye, akabizigiza ibinyoma,


Bāvūye igikomere c’abantu banje imirenzako, bavuga, bati N’amahoro, n’amahoro; kand’ ata mahoro ariho.


nuko rero, nk’uko nagiriye i Shilo, ni ko nzogirira iyi ngoro yitirirwa izina ryanje, iyo mwizigira, ni ho hantu nabahaye, mwe na ba sogokuruza banyu.


Uti Mwamutītūje mu bantu biwe ngo mwironkere ingemu z’ amashi ya sayiri n’ubumanyagu bg’imitsima, uti Kugira ngo mwice abantu batāri bakwiye gupfa, mukize abatāri bakwiye kubaho, uti Mu buryo mubesha abantu biwe bakunda kwumviriza ibinyoma.


Abakuru baho baca imanza kubg’ ingurire, n’abaherezi baho bigishiriza ingero, n’abavugishwa baho baragurira kubona ingemu: yamara bisunga Uhoraho, bakavuga, bati Mbeg’ Uhoraho ntari muri twebge? bat’ Erega nta cago kizodushikako.


Kur’ uwo musi ntuzokwongera gutēterezwa n’ibikorwa vyawe vyose, ivyo wagenda uncumurako: kukw ico gihe nzoba ngukūyemw’ abihayagiza bībona, kandi nawe ntuzokwongera kwishira hejuru ku musozi wanje wera.


Nuko mwame imbuto zikwiranye n’ukwihana: kandi ntimutangure kwiyumvira mu mitima, muti Ko dufise Aburahamu, ni we sogokuruza. Ndababgira yukw aya mabuye Imana ishobora kuyavyuramw’ abana ba Aburahamu.


ကြှနျုပျတို့နောကျလိုကျပါ:

ကြော်ငြာတွေ


ကြော်ငြာတွေ