Biblia Todo Logo
အွန်လိုင်း သမ္မာကျမ်းစာ

- ကြော်ငြာတွေ -




Yeremiya 7:34 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

34 Maze mu bisagara vy’i Buyuda no mu nzira z’i Yerusalemu nzohaca ijwi ry’ibitwengo n’iry’ umunezero, bo n’ijwi ry’umukwe n’iry’ umugeni: kukw igihugu kizoba gicitse amatongo.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ




Yeremiya 7:34
23 ပူးပေါင်းရင်းမြစ်များ  

Mber’ iryo joro rirakaba ingumba; Ntirikabonekemwo ijwi ry’ umunezero.


Umuriro utongora imisore yabo, Abakobga babo nta ndirimbo y’ubukwe bāri bagifise.


Igihugu canyu n’amatongo, ibisagara vyanyu vyakomvomvowe n’umuriro, abanyamahanga babaryana igihugu canyu mubona, kandi cacitse amatongo nk’ahakomvomvowe n’abanyamahanga koko.


Amarembo y’i Siyoni azorira aboroge: hazokwicara hasi hasigaye ar’ umuzigirizwa.


Ndamubaza, nti Mwami, n’ugushitsa ryari? Aranyishura, ati N’ugushitsa ah’ ibisagara bizobera imisaka, ata wukibibamwo, n’amazu ata wukiyabamwo, n’igihugu kigahinduka amatongo masa,


Kuk’ ukw ari ko ngize, jewe Uhoraho Nyen’ ingabo, Imana y’Abisirayeli, nti Rāba aha hantu nzohaca ijwi ry’ibitwengo n’iry’ umunezero, bo n’ijwi ry’umukwe n’iry’ umugeni, mbikore mukibona mukiriho.


Kuk’ ukw ari k’Uhoraho agize, ku vy’ingoro y’umwami w’i Buyuda, ati War’ umbereye nka Gileyadi, canke nk’ agatwe ka Lebanoni: n’ukuri nzoguhindura ubugaragwa, ube nk’ ibisagara bitakirimw’ umuntu.


Ikindi, nzobakūramw’ ijwi ry’ibitwengo n’iry’ umunezero, n’ijwi ry’umukwe n’iry’ umugeni, n’ukuvuga kw’urusyo n’ukubonesha kw’itara.


Ntimuruhe mubumvira: musabe umwami w’i Babuloni, mubone kubaho: n’iki cotuma iki gisagara gihinduka amatongo?


Uku ni ko mvuze, jewe Uhoraho, nt’ Aha hantu aho muririra, ngo Harakomvomvowe, ata muntu agisigayeho cank’ igitungwa, ngo No mu bisagara vy’i Buyuda n’ uko, no mu miharuro y’i Yerusalemu, ngo Hasigaye ar’ imisaka, ata n’umuntu ata n’ūkihaba ata n’igitungwa;


aha hantu nyene hazosubira kwumvikana ijwi ry’umunezero n’iryo guhimbarwa, n’ijwi ry’umukwe n’iry’ umugeni, n’ijwi ry’abavuga, bati Ni mushime Uhoraho Nyen’ ingabo, kuk’ Uhoraho ari mwiza, kukw imbabazi ziwe zamaho ibihe bidashira; n’iry’ abazanye ibimazi vy’ishimwe mu ngoro yanje Uhoraho. Kuko nzotuma iki gihugu kiva mu kinyago, kikamera nk’ ubga mbere, ni jewe Uhoraho mbivuze.


Nararāvye, nsanga itongo ryamera rihindutse ubugaragwa, n’ibisagara vyaho vyose bisangangukiye imbere y’Uhoraho, n’imbere y’uburake bgiwe bg’inkazi.


Kuk’ ukw ari k’Uhoraho agize, at’ Igihugu cose kizoba imisaka; yamara sinzogiherengeteza rwose.


Ni co catumye ubushangashirwe bganje n’uburake bganje bisukwa bikadomekwa mu bisagara vy’i Buyuda no mu nzira z’i Yerusalemu; none har’ imisaka n’amatongo, nk’uko bir’ uyu musi.


Abatāma bāhevye kwicara ku nama, N’imisore ntikiruha icuraranga.


Kandi nzozibiza ijwi ry’indirimbo zawe, kand’ ukuvuga kw’inanga zawe ntikuzosubira kwumvikana ukundi.


Umuryano urisumbuye ucitse inkoni yo guhana ikibi; nta masigarira yo muri bo, haba no mu masinzi yabo, haba no mw itunga ryabo; nta n’ubukuru bukiba muri bo.


Nzomucakw ibitwengo, n’imisi mikuru yaziririza, bo n’ imboneko z’amezi n’amasabato n’ imisi mikuru yose yashinzwe.


Nzomuhōra imisi yamaze yosereza za Bayali imibavu, yisakaye impeta n’utugenegene, agakurikira abūzure biwe, nanje jeho akanyibagira, ni k’Uhoraho agize.


Namwe nzobashwiragiriza mu mahanga, nsokōre inkota, mbirukane; igihugu canyu kizosigara gitamāriwe, n’ibisagara vyanyu bicike imisaka.


Yamar’ isi izohinduka umusaka, kubg’ abayibako, bahōwe ivy’ ibikorwa vyabo vyāmuje.


Kand’ ukumurika kw’itara ntikugisubira kubonesha muri wewe ukundi, kand’ ijwi ry’umukwe n’iry’ umugeni ntirigisubira kwumvikana muri wewe ukundi. Abadandaza bawe bār’ abahambaye bo kw isi, kukw amahanga yose yahendahenzwe n’uburozi bgawe.


ကြှနျုပျတို့နောကျလိုကျပါ:

ကြော်ငြာတွေ


ကြော်ငြာတွေ