Biblia Todo Logo
အွန်လိုင်း သမ္မာကျမ်းစာ

- ကြော်ငြာတွေ -




Yeremiya 7:32 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

32 None rer’ umve, imisi igira ize, ni jewe Uhoraho mbivuze, ntihazoba hacitwa Tofeti, canke ngo hitwe Umwonga wa mwene Hinomu; ariko hazokwitwa Umwonga w’ Imihindigiti, kuko bazohamba i Tofeti gushitsa aho batazoba bagishigaje n’akanya k’aho bahamba.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ




Yeremiya 7:32
10 ပူးပေါင်းရင်းမြစ်များ  

Kand’ ahumanya n’i Tofeti mu mwonga wa bene Hinomu, kugira ngo hoye kugira umuntu n’umwe ahatangira umwana wiwe kw ikimazi, ar’ umuhungu cank’ umukobga, ngo yoserezwe Moleki mu muriro.


ubabgire, ut’ Uku ni k’Uhoraho Nyen’ ingabo agize, at’ Uko ni ko nzosāvya ubu bgoko n’iki gisagara, nk’uk’ umuntu asāvya ikibumbano, kidashobora kwungwa ukundi: uti Maze bazohamba i Tofeti gushitsa aho batazoba bagishigaje n’akanya k’aho bahamba.


ingo z’i Yerusalemu n’ingoro z’abami b’i Buyuda zizoba ibihumane, zimere nk’aha hantu i Tofeti, mbere n’amazu yose būriyeko hejuru ngo bosereze imibavu inyenyeri zose, ari zo ngabo zo kw ijuru, bagasukira ibiturire izindi mana.


ugende ushike mu mwonga wa mwene Hinomu, aherekeye mw ishikiro ry’irembo ry’ababumvyi, uhavugire amajambo nkubarira:


Nuko rero, umve, imisi igira ize, ni jewe Uhoraho mbivuze, aha hantu ntihazoba hacitwa Tofeti, canke ngo hitwe Umwonga wa mwene Hinomu; ariko hazokwitwa Umwonga w’Imihindigiti.


Kand’ umwonga wose uhambgamw’ imivyimba ugatābgamwo n’umunyota, n’indimiro zose ukarinda ushitsa ku mugezi Kidironi, ugashitsa no ku mfuruka y’irembo ry’amafarasi aherekeye i burasirazuba, hose hazoba ahēra h’ Uhoraho; ntihazokwongera guhomvorwa ngo hasangangurwe gushitsa ibihe bidashira.


Batavye ibitabo i Tofeti, ahahanamiye umwonga wa mwene Hinomu, ngo bahosereze abahungu babo n’abakobga babo mu muriro, babatanze kw ibimazi; ar’ ikintu ntābageze, kitigeze no kuza mu mutima wanje.


Kand’ ibicaniro vyanyu bizosigara bitamāriwe, n’ibishushanyo vyanyu vy’izuba bizomenagurwa: kand’ abishwe banyu nzobashiburira hasi imbere y’ibigirwamana vyanyu.


Kandi nzokomvomvora ibitabo vyanyu vyo ku mpinga z’imisozi, nsiture ibishushanyo vyanyu vy’izuba, nshiburire imivyimba yanyu ku mirambararo y’ibigirwamana vyanyu; kandi nzobazinukwa mu mutima wanje.


ကြှနျုပျတို့နောကျလိုကျပါ:

ကြော်ငြာတွေ


ကြော်ငြာတွေ