Biblia Todo Logo
အွန်လိုင်း သမ္မာကျမ်းစာ

- ကြော်ငြာတွေ -




Yeremiya 7:31 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

31 Batavye ibitabo i Tofeti, ahahanamiye umwonga wa mwene Hinomu, ngo bahosereze abahungu babo n’abakobga babo mu muriro, babatanze kw ibimazi; ar’ ikintu ntābageze, kitigeze no kuza mu mutima wanje.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ




Yeremiya 7:31
23 ပူးပေါင်းရင်းမြစ်များ  

bagatanga abana babo b’abahungu n’abakobga kw ibimazi ngo boserezwe mu muriro, bakaragura bagapfumura, bakitanga gukora ivyo Uhoraho abona kw ari bibi, bakamutera umwikomo.


Kand’ ahumanya n’i Tofeti mu mwonga wa bene Hinomu, kugira ngo hoye kugira umuntu n’umwe ahatangira umwana wiwe kw ikimazi, ar’ umuhungu cank’ umukobga, ngo yoserezwe Moleki mu muriro.


Yicira ku bicaniro abaherezi bose bāri ngaho, abituririrakw amagufa y’abantu. Araheza arahindukira, asubira i Yerusalemu.


Ikigeretseko, yosereza imibavu mu mwonga wa mwene Hinomu, atanga n’abana biwe kw ibimazi ngo boserezwe mu muriro, nk’ ukw ibizira vy’ubuyobe vy’abanyamahanga vyari bimeze, abo Uhoraho yari yarirukanye imbere y’Abisirayeli.


Atanga abana biwe kw ibimazi ngo boswe mu muriro mu mwonga wa mwene Hinomu, agapfumuza, agatera amabara, agakoresha uburozi, akaja kuraguza abahamagara imizimu, n’abamenyi; yakora ibibi vyinshi imbere y’Uhoraho, bimutera umwikomo.


Kukw ikirundo c’inkwi citeguwe uhereye kera, mbere citeguriwe umwami; Uhoraho yakigize kirekire kandi kinini; ibigikomanije n’umuriro n’ibigiga vyinshi; impwemu z’Uhoraho zimeze nk’ umugezi w’amazuku ni zo zibidometse.


abītera gushuha muri mu biti vy’ imyeloni no musi y’igiti cose gitotahaye, mukicira abana mu myonga, no mu bihoro vyo mu bitandara?


ugende ushike mu mwonga wa mwene Hinomu, aherekeye mw ishikiro ry’irembo ry’ababumvyi, uhavugire amajambo nkubarira:


Uvuga ute, uti Sinanduye, kand’ uti Sinakurikiye Bayali? Itegereze inzira zawe zo mu mwonga, umenye ico wakoze! Ur’ ingamiya y’iriza y’impehu, igenda iharātwa;


Ariko bāshize ibizira vyabo vy’ ubuyobe mu ngoro yanje yitirirwa izina ryanje ngo bayihumanye.


Kandi bātabiye ibitabo Bayali, ni vyo biri mu mwonga wa mwene Hinomu, bagatanga abana babo b’abahungu n’abakobga kw ibimazi ngo boserezwe Moleki; ar’ ikintu ntābageze, kitigeze no kuza mu mutima wanje, ko bokora ivyo bizira, bagacumuza Abayuda.


Ikigeretseko, wābiriye abahungu bawe n’abakobga bawe, abo wamvyariye, ubatanga kw ibimazi ngo bibarye. Mbeg’ ubumaka bgawe ubgita ikintu coroshe,


kandi mbahumanisha amashikanwa yabo ubgabo, kuko bātanze imfura zabo zose kw ibimazi ngo zoswe mu muriro, kugira ngo ndabajonjogoze, baruhe bamenye yuko jewe nd’ Uhoraho.


Kand’ iyo mushikana amashikanwa, mugatanga abana banyu kw ibimazi ngo boswe mu muriro, ntimuba mwihumanishije ivyo bigirwamana vyanyu vyose, gushitsa na bugingo n’ubu? None noshobora nte ko mwogira ico munsiguza, ga mwebge ab’ inzu ya Isirayeli? Ndahiye ukubaho kwanje, ni k’Umwami Uhoraho agize, nkazogira ico nsiguzwa namwe.


Kandi ntihaze hagire ūtanga uwo mu bana biwe ngo yoserezwe Moleki kw ikimazi, ngw atukishe izina ryanje, Imana yiwe: nd’ Uhoraho.


Mbeg’ Uhoraho yohimbarwa n’amapfizi y’intama ibihumbi, cank’ inzūzi z’amavuta ya elayo ibihumbi cumi? Notanga imfura yanje ku gicumuro canje, imbuto y’umubiri wanje nkayitanga ku caha c’umutima wanje?


Ntimuze musenge Uhoraho Imana yanyu ubgo buryo bgabo: kukw ikintu cose c’ubuyobe imbere y’Uhoraho, ico yanka urunuka, ari co basabisha imana zabo; mbere n’abahungu babo n’abakobga babo babosereza izo mana zabo kw ibimazi.


akagenda agasaba izindi mana, akazisenga, ari nk’izuba, cank’ ukwezi, cank’ inyenyeri, ari zo ngabo zose zo kw ijuru, kand’ ar’ ivyo ntabageze;


Muri mwebge ntihaze haboneke umuntu atanga umwana wiwe kw ikimazi, ar’ uw’ umuhungu canke w’umukobga, ngo yoswe mu muriro, canke ngo haboneke ūragura, cank’ ūtera amabara, cank’ umupfumu, cank’ umurozi,


rugaheza rukadūga rukajana umwonga wa mwene Hinomu gushitsa ku mucāmo w’ umusozi w’Abayebusi ahahera i bumanuko, ni wo Yerusalemu; rukadūga gushitsa ku mpinga y’ umusozi uhanamiye uwo mwonga nyene wa Hinomu ahahera i burengerazuba, ni ho umwonga Refayimu wahēra, ku ruhande rw’i burārūko.


ကြှနျုပျတို့နောကျလိုကျပါ:

ကြော်ငြာတွေ


ကြော်ငြာတွေ