Biblia Todo Logo
အွန်လိုင်း သမ္မာကျမ်းစာ

- ကြော်ငြာတွေ -




Yeremiya 7:30 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

30 Kuk’ uruvyaro rwa Yuda bakoze ibibi mu nyonga zanje, ni jewe Uhoraho mbivuze; bashize ibintu vyabo vy’ubuyobe mu ngoro yitirirwa izina ryanje, ngo bayihumanye.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ




Yeremiya 7:30
20 ပူးပေါင်းရင်းမြစ်များ  

Yongera gutabisha ibitabo ku mpinga z’imisozi, ivyo se Hezekiya yari yarasibanganije, yubakira Bayali ibicaniro, abāza igishushanyo ca Ashera, nk’uko Ahabu umwami w’Abisirayeli yagize; asenga ingabo zose zo kw ijuru, ari zo nyenyeri, arazisaba.


Yubaka n’ibicaniro mu ngoro y’Uhoraho, ari ho Uhoraho yari yaravuze, at’ I Yerusalemu ni ho nzoshira izina ryanje.


Ca gishushanyo ca Ashera yabāje agishinga mu ngoro y’Uhoraho, iyo Uhoraho yari yarabariye Dawidi na Salomo umuhungu wiwe, ati Mur’ iyi ngoro, bo n’i Yerusalemu, ni ho natoranije mu miryango yose y’Abisirayeli ko nzohashira izina ryanje ngo rihabe ibihe vyose.


Kand’ ibicaniro vyari hejuru ku nzu, ku cumba co hejuru ca Ahazi, ivyo abami b’i Buyuda bagiye bubaka, n’ibicaniro Manase yubatse mu nyubakwa no mu ntangaro vyo ku ngoro y’Uhoraho, na vyo umwami arabisangangura; araheza arabijonjanga, umukungugu wavyo awushiburira mu mugezi Kidironi.


Kand’ akūrah’ ibigirwamana vy’amahanga, akūra na ca gishushanyo mu ngoro y’Uhoraho, n’ibicaniro vyose yari yarubatse ku musozi urikw ingoro y’Uhoraho n’i Yerusalemu, abishiburira inyuma y’igisagara.


Yongera gutabisha ibitabo ku mpinga z’imisozi, ivyo se Hezekiya yari yarasibanganije, yubakira za Bayali ibicaniro, abāza igishushanyo ca Ashera, asenga ingabo zose zo kw ijuru, ari zo nyenyeri, arazisaba.


Ca gishushanyo c’ikigirwamana yabāje agishinga mu ngoro y’Imana, ari yo ngoro Imana yari yarabariye Dawidi na Salomo umuhungu wiwe, iti Mur’ iyi ngoro, bo n’i Yerusalemu, ni ho natoranije mu miryango yose y’Abisirayeli ko nzohashira izina ryanje ngo rihabe ibihe vyose.


None nanje nzobatoraniriza amagorwa, mbatēze ibibatera ubgoba; kukw aho nahamagara ata witavye, aho navuga ntibumve, ariko bagakora ivyo mbona kw ari bibi, bagahitamw’ ivyo nanka.


Ariko nzobanza kubahōra ibigabitanyo vyabo n’ivyaha vyabo ibihetangabo kabiri, kuko bāndurishije igihugu canje imivyimba y’ibimazi vyabo biteye ishishi, bakuzuza ishamvu yanje bga buyobe bgabo.


Kuko ba kamenyi n’abaherezi ar’ ibihumane; mbere no mu ngoro yanje nabonye ivyaha vyabo, ni jewe Uhoraho mbivuze.


Ariko bāshize ibizira vyabo vy’ ubuyobe mu ngoro yanje yitirirwa izina ryanje ngo bayihumanye.


Kandi bātabiye ibitabo Bayali, ni vyo biri mu mwonga wa mwene Hinomu, bagatanga abana babo b’abahungu n’abakobga kw ibimazi ngo boserezwe Moleki; ar’ ikintu ntābageze, kitigeze no kuza mu mutima wanje, ko bokora ivyo bizira, bagacumuza Abayuda.


Ubgiza bg’ivyari bibasharije bgabateye ubgibone: babicuzemw’ ibishushanyo vy’ibizira vyabo n’ ibigirwamana vy’ubuyobe; ni co gitumye mbihindura igihumane kuri bo.


Maz’ aramvura igisa n’ukuboko, afata umushatsi wo ku mutwe wanje; maze Mpwemu aranterura, ancisha hagati y’ ijuru n’isi mur’ ukwo kwerekwa n’Imana, mbona anjana i Yerusalemu, anshikana ku rugi rw’ikirimba c’inyubakwa kirābana n’i burārūko, ahār’ intebe y’igishushanyo c’ikēba, gikēba Imana.


Azogomora ingabo ziwe, zihumanye ahēra n’iboma yaho, bakūreh’ ikimazi co kwoswa gihora gitangwa uko bukeye, bahashinge ikizira c’ubuyobe kizana ubugesera.


Kand’ azosezerana na benshi isezerano rikomeye kumara iyinga rimwe: ni ryagera hagati azokūrah’ ibimazi n’amashikanwa; ūgeseza azoza kw ibaba ry’ibizira; maz’ ubuyobe buzosukwa kur’ uyo ageseza, gushitsa ku muhero washinzwe.


ကြှနျုပျတို့နောကျလိုကျပါ:

ကြော်ငြာတွေ


ကြော်ငြာတွေ