Biblia Todo Logo
အွန်လိုင်း သမ္မာကျမ်းစာ

- ကြော်ငြာတွေ -




Yeremiya 7:3 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

3 Uku ni k’Uhoraho Nyen’ ingabo agize, ni we Mana y’Abisirayeli, ati Mutunganye ingeso zanyu n’ibikorwa vyanyu, nanje nzobabesha aha hantu.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ




Yeremiya 7:3
18 ပူးပေါင်းရင်းမြစ်များ  

Yamar’ Uhoraho yama abūrira Abisirayeli n’Abayuda, abicishije mu bo yavugisha bose no muri ba kamenyi bose, ati Ni muhindukire, mureke ingeso zanyu mbi, mwitondere amabgirizwa yanje n’amateka yanje, nk’ ukw ivyagezwe vyose biri, ivyo nageze ba sogokuruza banyu, nkagenda ndabibabarira, ndabicishije mu basavyi banje navugisha.


None ni mwaturire Uhoraho Imana ya ba sogokuruza ivyo, mukore ivy’ igomba, mwitandukanye n’amahanga yo mu bihugu n’abagore b’abanyamahangakazi.


Ūpfukapfuka ibigabitanyo vyiwe ntazoronka umugisha, Arik’ ūvyihana akabireka azogirirwa ikigongwe.


umunyavyaha n’areke inzira yiwe, ūgabitanya areke ivyiyumviro vyiwe: agaruke k’Uhoraho, na we aramugirira ikigongwe, agaruke ku Mana yacu, kukw ikunda guharira.


ni ho mu birimba vy’iki gisagara hazoca abami n’abaganwa uko bakūranwa ku ngoma ya Dawidi, bagendera mu mikogote no ku mafarasi, bo ubgabo n’ abaganwa babo, n’abagabo b’i Buyuda, n’ababa i Yerusalemu: kand’ iki gisagara kizokwamah’ ibihe bidashira.


Nuko rer’ ubarire abagabo b’i Buyuda n’ababa i Yerusalemu, ut’ Uku ni k’Uhoraho agize, at’ Ehe mbagereye ikibi, nīgīriye imigabo y’ivyo nzobagirira: enda ni mugaruke, umuntu wese ave mu nzira yiwe mbi, mutunganye inzira zanyu n’ ingeso zanyu.


maz’ iryo hanga navuzeko ryohindukira rikareka ibibi vyaryo, nanje nzokwigarura ndeke ibibi nari namaramaje kuzobakorera.


None rero mutunganye ingeso zanyu n’ibikorwa vyanyu, mwumvire Uhoraho Imana yanyu; maz’ Uhoraho azokwigarura areke ibibi yar’ abageneye.


Kandi nabatumyekw abasavyi banje bose abo navugisha, nama nzindurwa no kubatuma, nt’ Enda ni mugaruke, umuntu wese ave mu nzira yiwe mbi, mutunganye ibikorwa vyanyu, mwoye gukurikira izindi mana ngo muzigendanire; nti Ni ho muzobona kwibera mu gihugu nabahaye, mwe na ba sogokuruza: ariko ntimwateze ugutwi, canke ngo munyumvire.


Bene Yonadabu wa Rekabu ko bāshikije iragi rya sekuruza yabasigaranye, arik’ ubu bgoko bgo ntibgānyumviye;


Namb’ ugomba guhindukira, ewe Isirayeli, ni jewe ukwiye guhindukirira, ni jewe Uhoraho mbivuze; kandi ni wakūrah’ ivyo ukora vy’ubuyobe mu nyonga zanje, nuko nawe ntuzokūrwaho;


Uku ni k’Uhoraho agize, ati Muhagarare mu mayira, mwitegereze, mubaze inzira za kera, inzira nziza iy’ ari yo, abe ari yo mujana, maze muzoronka uburuhukiro bg’imitima yanyu: ariko bo baravuga, bat’ Eka ntituyijana.


Mwiyegereze Imana, na yo izobēgēra. Yemwe banyavyaha, ni mukarabe: yemwe ab’ imitima ibiri, ni mwiyeze imitima.


ကြှနျုပျတို့နောကျလိုကျပါ:

ကြော်ငြာတွေ


ကြော်ငြာတွေ