Biblia Todo Logo
အွန်လိုင်း သမ္မာကျမ်းစာ

- ကြော်ငြာတွေ -




Yeremiya 7:26 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

26 ariko na ho nyene ntibānyumvira, canke ngo batege ugutwi kwabo, ariko bagamika amazosi yabo; bagatako bagakora ibibi birengeye ivya ba sekuruza.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ




Yeremiya 7:26
44 ပူးပေါင်းရင်းမြစ်များ  

Maz’ Abayuda bakora ivyo Uhoraho abona kw ari bibi, bamuteza ifuhe ivyaha bakoze, birengeye ivyo ba sekuruza bakoze vyose.


ngw Arik’ ukora ibibi kurenza abakubanjirije bose, ng’ Uragenda wironderera izindi mana z’ibishushanyo bivugutiwe mu nkero, ng’ Uramuratsa, umushiburira inyuma yawe;


Ariko banka kwumva; bashinga amazosi, nk’uko ba sekuruza batizera Uhoraho Imana yabo bāyashinga.


Bakēngēra amateka yiwe, n’isezerano yasezeranye na ba sekuruza, n’imbūri yababūriye, bagakurikira ibitagira ikimazi, baca bahinduka ba nta kimazi, bīgāna amahanga abakikije, abo Uhoraho yari yarabihanikirije ngo ntibabīgāne.


Ngo None rero mweho ntimugamike amazosi nka ba sogokuruza banyu, ariko muyoboke Uhoraho, muze muze mu rusengero rwiwe yejeje gushitsa ibihe vyose, mube abasavyi b’Uhoraho Imana yanyu, kugira ng’ uburake bgiwe bg’inkazi bubaveko.


Maz’ Uhoraho abūrira Manase n’abantu biwe, ariko ntibābibabara.


Ntiyicisha bugufi imbere y’ Uhoraho, nk’uko se Manase yicishije bugufi, ariko Amoni uwo agenda arushiriza gucumura.


Wama ubahanura kugira ngo basubire gukurikira ivyagezwe vyawe, ariko bo bakagira ubgibone, ntibumvire ivyagezwe vyawe, bagacumura ku mabgirizwa yawe, kand’ ari yo abeshah’ umuntu iy’ ayitondeye; bagakūtsa ibitugu, bakagamika amazosi, bakanka kwumva.


Ūhanūrwa kenshi akagamika izosi Azovunagurwa giturumbuka, atagira gitabara.


Nari nzi k’udakūrwa kw ijambo, kandi kw izosi ryawe ari nk’umutsi umeze nk’icuma, n’uruhanga rwawe ari nk’umuringa:


Ico nari gukorera uruzabibu rwanje ntārukoreye n’igiki? Ko naziga ko ruzokwama inzabibu, n’iki catumye rwama ibijabija vy’inzabibu?


Yamara ntibānyumvira, canke ngo batege amatwi, ariko bāgendera mu budadarare bg’imitima yabo mibi: ni co catumye mbashitsakw ivyo nababūriye vyose vyo mur’ iryo sezerano, iryo nabageze kwitondera, ntibaryitondere.


kandi namwe mwakoze ibibi kurusha ba sogokuruza, kukw ehe rāba, umuntu wese muri mwebge agendera mu budadarare bg’umutima wiwe mubi, bigatuma mutamwumvira:


yamara bo ntibānyumvira, canke ngo batege amatwi, ariko bāgamika amazosi ngo boye kwumva, canke ngo bemere kwigishwa.


at’ Uku ni k’Uhoraho Nyen’ ingabo agize, ni we Mana y’Abisirayeli, at’ Ehe nzozana kur’ iki gisagara, no ku bindi bisagara vyose vyo hafi yaco, ivyago vyose nakigeneye, kuko bāgamitse amazosi yabo, bakanka kwumva amajambo yanje.


Navuganye nawe igihe war’ umerewe neza, arik’ uravuga, uti Sinduha ndavyumva. Iyo ni yo ngeso yawe uhereye mu buto bgawe, yo kutanyumvira.


at’ Uhereye mu mwaka ugira icumi na gatatu wa Yosiya mwene Amoni, umwami w’i Buyuda, gushitsa no kur’ uyu musi, iyo myaka ukw ari mirongwibiri n’itatu, ijambo ry’ Uhoraho ryama rinzako, nanje nkaribabgira, nkāma nzindurwa no kubabarira, namwe ntimwumve.


Ariko mwebge ntimwanyumviye, ni k’ Uhoraho agize, atar’ ukundakisha ibikorwa vy’intoke zanyu, mukikwegera ivyago.


ngo mwumvire amajambo y’ abasavyi biwe avugisha, abo abatumako, mber’ akāma azindurwa no kubatuma, mukanka kubumvira,


kuko batumviye amajambo yanje, ni jewe Uhoraho mbivuze, ayo natumye abasavyi banje mvugisha, nama nzindurwa no kubatuma, ariko ntibaruha bumva, ni jewe Uhoraho mbivuze.


Pfa kwemera gusa ukugabitanya kwawe, ko wancumuyeko, jewe Uhoraho Imana yawe, ugakwiragira irya n’ino ku mana z’inyamahanga musi y’igiti cose gitōtahaye, ntiwumvire ijwi ryanje, ni jewe Uhoraho mbivuze.


baracinjira barakiganza; yamara banka kukwumvira, no kugendera mu vyagezwe vyawe; ntibakora na kimwe mu vyo wabageze vyose gukora: ico ni co catumye ubatēza ivyo vyago vyose.


nt’ Ukw imyaka ndwi igiye gushira, umuntu wese az’ arekure mugenzi we w’Umuheburayo, uwo yaguze akamukorera imyaka ndwi, amurekure amuveko, abe uwidegemvya: yamara ba sogokuruza ntibānyumvira, canke ngo bantege ugutwi.


Kandi nabatumyekw abasavyi banje bose abo navugisha, nama nzindurwa no kubatuma, nt’ Enda ni mugaruke, umuntu wese ave mu nzira yiwe mbi, mutunganye ibikorwa vyanyu, mwoye gukurikira izindi mana ngo muzigendanire; nti Ni ho muzobona kwibera mu gihugu nabahaye, mwe na ba sogokuruza: ariko ntimwateze ugutwi, canke ngo munyumvire.


nuko rero, uku ni ko mvuze, jewe Uhoraho, Imana Nyen’ ingabo, Imana y’Abisirayeli, nt’ Ehe nzozana ku Bayuda no ku baba i Yerusalemu bose ivyago vyose nabageneye, kuko nababūriye bakanka kwumva, nkabahamagara bakanka kwitaba.


bati Ku vy’ijambo utubariye mw izina ry’Uhoraho ntitukwumvira.


Mbeg’ Uhoraho, inyonga zawe ntizitegereza ivy’ ukuri? Warabakubise, ntibābibabara; warabatūbije, banka guhaha: bākomantaje mu maso habo gusumvya ibuye; banse kugaruka.


Nobarira nde ngw ambere icabona, kugira ngo bumve? Ereg’ amatwi yabo arazivye, ntibashobora kwumva: ijambo ry’Uhoraho ryahindutse agatukisha kuri bo; ntibakirinezererwa.


Nabashiriyeh’ abashibamyi, nti Ni mwumvirize ijwi ry’inzamba; ariko bo baravuga, bat’ Eka ntituryumviriza.


Ariko ntibāvyumvira, kandi ntibātega ugutwi kwabo, ariko bāgendera mu migabo yabo, no mu bukomantare bg’imitima yabo mibi, kandi bāsubira inyuma, ntibāja imbere.


Maz’ Uhoraho aravuga, ati Ko bātaye ivyagezwe vyanje nabashize imbere, ntibanyumvire, canke ngo babigenderemwo,


riti Mwana w’ umuntu, uba hagati mu b’inzu y’ abagarariji, bafise amaso yo kubona ariko ntibabona, bafise amatwi yo kwumva ariko ntibumva; kukw ar’ inzu y’abagarariji.


Nuko rero wewe mwana w’ umuntu, ni witegure ibintu vyo ku nzira, uheze ujonjore ku murango bakubona; ujonjore uve i wawe uje ahandi bakubona: kumbure vyobatera kwibaza, nah’ ar’ inzu y’abagarariji.


Nuko rero bgira ab’ inzu ya Isirayeli, ut’ Uku ni k’Umwami Uhoraho abaza, ngo Mbega ntimwihumanya nk’uko ba sogokuruza bāgize, mukagenda muhurumbira ibizira vyabo nk’ibimaka?


Ntitwumviye abasavyi bawe, ari bo bavugishwa nawe, bāvuga mw izina ryawe babarira abami bacu n’abaganwa bacu na ba sogokuruza bacu n’abantu bose bo mu gihugu.


Abantu banje bamogoreye gusubira inyuma ngo bamveko; naho bobahamagarira kwerekeza amaso kw Īsumba vyose, ariko nta n’umwe yokwemera kuyishira hejuru.


Ariko banka kwumva, bantera ibitugu, bīziba amatwi ngo boye kwumva.


Uhereye mu bihe vya ba sogokuruza muhora mukevya mugata amabgirizwa yanje, ntimuyitondere. Ni mungarukeko, nanje nzobagarukako, ni k’Uhoraho Nyen’ ingabo agize. Yamara muravuga, muti Twogaruka mu buryo ki?


Abo barimyi babonye wa mwana wiwe, baravugana, bat’ Urya ni we samuragwa: ni muze tumwice, tuze twegukire umwandu wiwe.


None ni mwuzurize ingero ya ba sogokuruza banyu.


Yemwe abatagonda izosi, mwa ntakebga mu mitima no mu matwi, na ntaryo murwanya Mpwemu Yera. Uko ba sogokuruza banyu bākora, ni ko namwe mukora.


Ariko kuk’ ufise umutima ukomantaye utihana, wirindiriza uburake buzoba ku musi wo kuraka, ah’ amateka abereye y’Imana azohishurirwa,


Nk’uk’ Uhoraho agenda arandura amahanga imbere yanyu, ni ko namwe muzoranduka, kuko muzoba mwanse kwumvira ijwi ry’Uhoraho Imana yanyu.


ကြှနျုပျတို့နောကျလိုကျပါ:

ကြော်ငြာတွေ


ကြော်ငြာတွေ