Biblia Todo Logo
အွန်လိုင်း သမ္မာကျမ်းစာ

- ကြော်ငြာတွေ -




Yeremiya 7:25 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

25 Uhereye umusi ba sogokuruza banyu bāviriye mu gihugu ca Egiputa ugashitsa no kur’ uyu musi, nabatumyekw abasavyi banje bose, ari bo mvugisha, nama nzindurwa uko bukeye no kubatuma:

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ




Yeremiya 7:25
30 ပူးပေါင်းရင်းမြစ်များ  

Kand’ Uhoraho yabatumyekw abasavyi biwe bose abo yavugisha, yama azindurwa no kubatuma, namwe ntimwumve, canke ngo mutege amatwi ngo mwumvirize;


Uhoraho, Imana ya ba sekuruza, akabatumakw intumwa ziwe, akāma azindurwa uko bukeye no kubatuma, kuko yatewe akagongwe n’abantu biwe bo n’ aho hantu yaba.


Arambarira, ati Mwana w’umuntu, ngutumye ku Bisirayeli, kw ihanga ry’abagarariji bāngararije. Bāncumuyeko, bo na ba sekuruza, gushitsa no kur’ uyu musi nyene.


Kandi none, ko mwakoze ivyo bikorwa vyose, ni jewe Uhoraho mbivuze, nkaba nari naravuganye namwe nzinduwe no kubabgira, ariko ntimwumve, nkabahamagara ariko ntimwitabe;


Ariko ntibakwumviye, barakugarariza, bashiburira ivyagezwe vyawe inyuma yabo, bica abavugishwa nawe bāhora babahanura ngo babasubize kuri wewe, bakora ivyo kukuratsa bikomeye.


Wamaze imyaka myinshi ubihanganira, watumye Mpwemu wawe kubahanura, avugiye mu bavugishwa bawe, ariko banka kwumva; ni co catumye ubagabura mu maboko y’abanyamahanga bo mu bindi bihugu.


Uhereye mu bihe vya ba sogokuruza twamye dukora ibidutsinda vyinshi cane, gushitsa na bugingo n’ubu; kand’ ibigabitanyo vyacu ni vyo vyatumye twe n’abami bacu n’ abaherezi bacu tugaburwa mu maboko y’abami bo mu bindi bihugu, tukagenda twicwa n’ inkota, tukajanwa tur’ imbohe, tukanyagwa utwacu, tukaba ibimāramāre nk’uko bimeze uyu musi.


Muze mwibuke ingene mwarakije Uhoraho Imana yanyu muri mu bugaragwa, ntimuze muvyibagire; uhereye umusi mwaviriye mu gihugu ca Egiputa, kugeza aho mwashikiye aha hantu, mwagiye mugarariza Uhoraho.


Ni co catumye Imana ivugisha ubgenge bgayo, iti Nzobatumakw abo mvugisha n’intumwa, bamwe muri bo bazobica, abandi bazobahama,


Yamar’ akagenda abarungikira abavugishwa na we bo kubagarukana kuri we, bakāma babāgiriza, ariko bo bakanka kwumva.


Ico nari gukorera uruzabibu rwanje ntārukoreye n’igiki? Ko naziga ko ruzokwama inzabibu, n’iki catumye rwama ibijabija vy’inzabibu?


Kuko nihanikirije rwose ba sogokuruza banyu, mpereye umusi nabakūriye mu gihugu ca Egiputa ngashitsa no kur’ uyu musi, nzinduka mbihanikiriza, mvuga nti Ni munyumvire.


at’ Uhereye mu mwaka ugira icumi na gatatu wa Yosiya mwene Amoni, umwami w’i Buyuda, gushitsa no kur’ uyu musi, iyo myaka ukw ari mirongwibiri n’itatu, ijambo ry’ Uhoraho ryama rinzako, nanje nkaribabgira, nkāma nzindurwa no kubabarira, namwe ntimwumve.


kuko batumviye amajambo yanje, ni jewe Uhoraho mbivuze, ayo natumye abasavyi banje mvugisha, nama nzindurwa no kubatuma, ariko ntibaruha bumva, ni jewe Uhoraho mbivuze.


Amajambo ya Yonadabu mwene Rekabu, ayo yihanikirije abana biwe ngo ntibanywe vino, barayashitsa, no gushitsa kur’ uyu musi nta yo banywa, kuko bumviye iragi rya sekuruza; ariko jeho navuganye namwe, nama nzindurwa no kubabarira, namwe ntimwanyumvira.


Kandi nabatumyekw abasavyi banje bose abo navugisha, nama nzindurwa no kubatuma, nt’ Enda ni mugaruke, umuntu wese ave mu nzira yiwe mbi, mutunganye ibikorwa vyanyu, mwoye gukurikira izindi mana ngo muzigendanire; nti Ni ho muzobona kwibera mu gihugu nabahaye, mwe na ba sogokuruza: ariko ntimwateze ugutwi, canke ngo munyumvire.


Yamara nabatumyekw abasavyi banje bose, ni bo bavugishwa nanje, nama nzindurwa no kubatuma, nti Ntimugakore ico kizira c’ubuyobe nanka urunuka.


Navuganye n’abo navugisha, nagwije ivyo nerekanye; naciye imigani, ncishije mu bo navugisha.


Kandi mu bana banyu natoyemw’ abo nzovugisha, no mu misore yanyu abo kuba Abanaziri. Mbega si ko vyābaye, ga yemwe Bisirayeli? ni k’Uhoraho abaza.


Uhereye mu bihe vya ba sogokuruza muhora mukevya mugata amabgirizwa yanje, ntimuyitondere. Ni mungarukeko, nanje nzobagarukako, ni k’Uhoraho Nyen’ ingabo agize. Yamara muravuga, muti Twogaruka mu buryo ki?


Abantu banje bamogoreye gusubira inyuma ngo bamveko; naho bobahamagarira kwerekeza amaso kw Īsumba vyose, ariko nta n’umwe yokwemera kuyishira hejuru.


ကြှနျုပျတို့နောကျလိုကျပါ:

ကြော်ငြာတွေ


ကြော်ငြာတွေ