Yeremiya 7:23 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)23 arikw ijambo nabageze ryar’ iri: nababgiye, nti Ni mwumvire ijwi ryanje, maze nanje nzoba Imana yanyu, namwe muzoba abantu banje; mugendere mu vyo mbagera vyose, kugira ngo bibagendere neza. အခန်းကိုကြည့်ပါ။ |
Kand’ uwo muvugishwa cank’ uwo murōsi baze bamwice, kukw azoba avuze ibibatera kugarariza Uhoraho Imana yanyu, n’ivyo kubakūra mu nzira Uhoraho Imana yanyu yabarangiye ngo muyicemwo, kand’ ari we yabakūye mu gihugu ca Egiputa, akabagobōtora, akabakūra mu nzu y’ ubuja. Uko az’ abe ari ko mukūra ikibi hagati muri mwebge.