Biblia Todo Logo
အွန်လိုင်း သမ္မာကျမ်းစာ

- ကြော်ငြာတွေ -




Yeremiya 7:23 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

23 arikw ijambo nabageze ryar’ iri: nababgiye, nti Ni mwumvire ijwi ryanje, maze nanje nzoba Imana yanyu, namwe muzoba abantu banje; mugendere mu vyo mbagera vyose, kugira ngo bibagendere neza.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ




Yeremiya 7:23
38 ပူးပေါင်းရင်းမြစ်များ  

Ni bayumvira, bakayisaba, Bazomara imisi yabo baguwe neza, N’imyaka yabo bahimbawe.


Mbere nta c’ukugabitanya bakora, Bagendera mu nzira ziwe.


Ibimazi n’amashikanwa y’ifu ntivyaguhimbaye; Amatwi yanje urayazibūye: Ibimazi vyoshejwe n’ibimazi vy’ivyaha ntiwabigomvye.


Icompa abantu banje bakanyumvira, Icompa Abisirayeli bakagendera mu nzira zanje!


Arababarira, ati Ni mwagira umwete wo kwumvira Uhoraho Imana yanyu, mugakora ibitunganye mu nyonga ziwe mukumvira ivyagezwe vyiwe, mukitondera ivyo yihanikirije vyose, ngo Nta ndwara azobateza nk’ izo yateje Abanyegiputa; ngo Kukw ari we Uhoraho, abakiza indwara.


Mose arababgira, at’ Iki ni co Uhoraho yabageze, at’ Ingero ya omeru yuzuye manu ibīkirwe ab’ urunganwe rwanyu uko ruzogenda rukurikirana, kugira ngo baze barābe umutsima yabagaburiye mu bugaragwa, igihe yabakūra mu gihugu ca Egiputa.


Mubgire umugororotsi kw azomererwa neza, kukw azotungwa n’ivyo ibikorwa vyiwe vyāmūje.


iryo nihanikirije ba sogokuruza ku musi nabakūriye mu gihugu ca Egiputa, muri rya tanure rivugutira ivyuma, nti Ni munyumvire, mukore vyose ivyo mbagera: uko ni ko muzoba abantu banje, nanje nzoba Imana yanyu;


Kuko nihanikirije rwose ba sogokuruza banyu, mpereye umusi nabakūriye mu gihugu ca Egiputa ngashitsa no kur’ uyu musi, nzinduka mbihanikiriza, mvuga nti Ni munyumvire.


Nk’uk’ umukanda uramata ubura bg’ umuntu, uko ni ko nari naratumye inzu yose ya Isirayeli indamatako, bo n’inzu yose ya Yuda, ni jewe Uhoraho mbivuze; kugira ngo bambere ubgoko niharije, bampeshe izina ry’iritazirano, n’icubahiro n’ubgiza: ariko banka kwumva.


Navuganye nawe igihe war’ umerewe neza, arik’ uravuga, uti Sinduha ndavyumva. Iyo ni yo ngeso yawe uhereye mu buto bgawe, yo kutanyumvira.


Uku ni k’Uhoraho agize, ati Ni muce imanza ziroranye n’izigororotse, mukize ūnyazwe, mumukūre mu kuboko kw’ ūmuhahaza; ntimugirire nabi canke ngo muhahaze ingenzi n’ impfuvyi n’umupfakazi, canke ngo muvishirize aha hantu amaraso y’ abatācumuye.


Kandi nzobaha umutima wo kummenya yuko nd’ Uhoraho: bazoba abantu banje, nanje nzoba Imana yabo, kuko bazongarukanak’ umutima wabo wose.


Arikw iri ni ryo sezerano nzosezerana n’umuryango w’Abisirayeli hanyuma y’ iyo misi, ni jewe Uhoraho mbivuze; nzoshira ivyagezwe vyanje imbere muri bo, no mu mitima yabo ni ho nzovyandika; nanje nzobabera Imana, na bo bazoba abantu banje.


baracinjira barakiganza; yamara banka kukwumvira, no kugendera mu vyagezwe vyawe; ntibakora na kimwe mu vyo wabageze vyose gukora: ico ni co catumye ubatēza ivyo vyago vyose.


Yeremiya aramwishura, ati Ntibazobaguha. Ndakwinginze, wumvire Uhoraho mur’ ivyo nkubariye: ni ho uzomererwa neza, ukikiza.


Ar’ ivyiza ar’ ibibi, ntituzobura kwumvira Uhoraho Imana yacu, uwo tugutumyeko; kugira ngo tuze tubone kuroranirwa ni twumvira Uhoraho Imana yacu.


Ntiwumviye ijwi riwubarira, ntiwemeye guhanūrwa, ntiwizigiye Uhoraho, ntiwiyegereje Imana yawo.


Kand’ abazoba bari kure bazoza bubake urusengero rw’Uhoraho; ni ho muzomenya yuk’ Uhoraho Nyen’ ingabo ari we yabantumyeko. Ivyo bizoshika ni mwagira umwete wo kwumvira ijwi ry’Uhoraho Imana yanyu.


Mbega ntimwari mukwiye kwumva amajambo Uhoraho yavugiye mu bāvugishwa na we ba kera, hamwe Yerusalemu hāri hagitūritse, hakir’ amahoro, bo n’ibisagara vyaho bihakikije, kand’ igihugu c’i bumanuko no mu biyaya na vyo bigitūritse?


ariko mur’ iki gihe riraserutse, kand’ ivyanditswe n’abavugishwa n’Imana birimenyesheje amahanga yose, nk’ukw Imana ihoraho yageze, kugira ngo bumvire Imana babiheshwa no kwizera,


dushingūra impāri n’igishizwe hejuru cose, kihashiriwe kurwanya ukumenya Imana, dufata mpiri ivyiyumvirwa mu mitima vyose, ngo tubigomōrere Kristo.


uwo mugisha muzowuhabga ni mwitondera ivyagezwe vy’Uhoraho Imana yanyu, ivyo mbagera uyu musi;


Ariko muze mugendanire Uhoraho Imana yanyu, mumwubahe, mwitondere ivyagezwe vyiwe, mumwumvire, abe ari we musaba, mwifatanye na we akaramata.


Kand’ uwo muvugishwa cank’ uwo murōsi baze bamwice, kukw azoba avuze ibibatera kugarariza Uhoraho Imana yanyu, n’ivyo kubakūra mu nzira Uhoraho Imana yanyu yabarangiye ngo muyicemwo, kand’ ari we yabakūye mu gihugu ca Egiputa, akabagobōtora, akabakūra mu nzu y’ ubuja. Uko az’ abe ari ko mukūra ikibi hagati muri mwebge.


mugahindukirira Uhoraho Imana yanyu, mukamwumvira muri vyose, nk’ uko mbibagera uyu musi, mwe n’abana banyu, mumwumvirishije imitima yanyu yose n’ubugingo bganyu bgose;


mukunde Uhoraho Imana yanyu, mumwumvire, mwifatanye na we akaramata, kukw ari we bugingo bganyu n’ukuramba kwanyu; kugira ngo mubone kuba mu gihugu yarahiye ba sogokuruza Aburahamu na Isaka na Yakobo, kw azokibaha.


Namwe muzohindukirira Uhoraho, mumwumvire, mwitondere ivyagezwe vyiwe vyose mbagera uyu musi.


Kandi ntimwibagire wa musi mwari muhagaze imbere y’Uhoraho Imana yanyu kuri Horebu, igihe Uhoraho yambarira, ati Nkoraniriza abantu, mbacūrire amajambo, kugira ngo bige kunyubaha imisi yose bazomara bakiriho mw isi, bavyigishe n’abana babo;


Kandi muze mwitondere amabgirizwa yiwe n’ ivyagezwe vyiwe, ivyo mbagera uyu musi, kugira ngo mube mu vyiza, mwe n’abana banyu bazovuka hanyuma, kugira ngo mwame mu gihugu Uhoraho Imana yanyu abahaye kugeza ibihe bidashira.


Wubahe so na nyoko, nk’ uko jewe Uhoraho Imana yawe nabikugeze, kugira ng’ urambire mu gihugu jewe Uhoraho Imana yawe nzoguha, uhamererwe neza.


At’ Icompa bagahorana ben’ uwo mutima, ubatera kunyubaha no kwama bitondera ivyagezwe vyanje vyose, kugira ngo bamererwe neza, bo n’uruvyaro rwabo, ibihe vyose!


Muze mujane inzira yose Uhoraho Imana yanyu yabarangiye, kugira ngo mubone kubaho, mumererwe neza, muze muhore muba mur’ ico gihugu mugiye kwegukira.


None rero, yemwe Bisirayeli, ni muvyumve, muvyitondere; kugira ngo mumererwe neza, mugwire cane, muri mu gihugu gitemba amata n’ ubūki, nk’uk’ Uhoraho Imana ya ba sogokuruza yabasezeraniye.


kand’ amaze guhīngūrwa rwose, abera abamwumvira bose inyanduruko y’agakiza kadashira:


Samweli aramwishura, ati Mbeg’ Uhoraho ahimbarwa n’ibimazi vyoswa n’ ibindi bimazi gusumba ūmwumviye? Erega kwumvira gusumba ibimazi, no kuyoboka gusumba ibinure vy’impfizi z’intama.


ကြှနျုပျတို့နောကျလိုကျပါ:

ကြော်ငြာတွေ


ကြော်ငြာတွေ