22 Kukw ata co nabariye ba sogokuruza banyu, canke ngo ngire ico mbabgira ku musi nabakūriye mu gihugu ca Egiputa, ku vyo kwosa ibimazi canke kubikerera:
Ibimazi n’amashikanwa y’ifu ntivyaguhimbaye; Amatwi yanje urayazibūye: Ibimazi vyoshejwe n’ibimazi vy’ivyaha ntiwabigomvye.
Kukw Abisirayeli n’Abayuda bākoze ibibi gusa mu nyonga zanje uhereye mu buto bgabo, kuko ku Bisirayeli ata kindi atar’ ukuntera ishavu, barinteresha ibikorwa vy’amaboko yabo, ni jewe Uhoraho mbivuze.
Ereg’ imbabazi ni zo ngomba, s’ibimazi, n’ukummenya jewe Imana, kuruta ibimazi vyoshejwe.
Mugende mwige iri jambo, muritahure, ngw Imbabazi ni zo ngomba, s’ibimazi: kuko ntaje guhamagara abagororotsi, atar’ abanyavyaha.
kandi kuyikundisha umutima wose, n’ugutahura kwose, n’inkomezi zose, bo n’ugukunda mugenzawe nk’uko wikunda, biruta cane ibimazi vyose vyoshejwe n’ibitoshejwe.
akagenda agasaba izindi mana, akazisenga, ari nk’izuba, cank’ ukwezi, cank’ inyenyeri, ari zo ngabo zose zo kw ijuru, kand’ ar’ ivyo ntabageze;
Samweli aramwishura, ati Mbeg’ Uhoraho ahimbarwa n’ibimazi vyoswa n’ ibindi bimazi gusumba ūmwumviye? Erega kwumvira gusumba ibimazi, no kuyoboka gusumba ibinure vy’impfizi z’intama.