21 Uku ni k’Uhoraho Nyen’ ingabo agize, ni we Mana y’Abisirayeli, at’ Ibimazi vyanyu vyo kwoswa, enda ni mubirundanye hamwe n’ivyo gukererwa, mwīrīre inyama!
Bimaze iki kunkūrira ibintu bimoga i Sheba, na kanehe imota neza ivuye mu gihugu ca kure? Ibimazi vyanyu vyoswa simbishima, kand’ ivyo mukerera ntibimpimbara.
mu bimazi vyo kwoswa, inyama zavyo bo n’ amaraso muze mubitangire ku gicaniro c’Uhoraho Imana yanyu; mu bindi bimazi vyanyu, amaraso az’ abe ari yo avyagizwa ku gicaniro c’Uhoraho Imana yanyu, namwe murye inyama zavyo.