Biblia Todo Logo
အွန်လိုင်း သမ္မာကျမ်းစာ

- ကြော်ငြာတွေ -




Yeremiya 7:21 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

21 Uku ni k’Uhoraho Nyen’ ingabo agize, ni we Mana y’Abisirayeli, at’ Ibimazi vyanyu vyo kwoswa, enda ni mubirundanye hamwe n’ivyo gukererwa, mwīrīre inyama!

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ




Yeremiya 7:21
9 ပူးပေါင်းရင်းမြစ်များ  

Ku vy’ ibimazi banshikanira, batanga inyama z’ibimazi, bakazīrīra; ariko jewe Uhoraho simbākīrira: mbere nzokwibuka ibigabitanyo vyabo, mbahanire ivyaha vyabo; bazosubira muri Egiputa.


Bimaze iki kunkūrira ibintu bimoga i Sheba, na kanehe imota neza ivuye mu gihugu ca kure? Ibimazi vyanyu vyoswa simbishima, kand’ ivyo mukerera ntibimpimbara.


Ntiwanzaniye imyagazi y’ibimazi vyawe vyo kwosa, kandi ntiwanyubahishije ibimazi vyawe. Sinakugoje kunshikanira amashikanwa, sinakuruhishije imibavu.


Iyo bisonzesha sinzoruha numva ugutakamba kwabo; iyo bosa ikimazi, bazanye n’ishikanwa ry’ifu, sinzobākīrira: ariko nzobaranduza inkota n’inzara n’ikīza.


Nuko rero, ubabarire, ut’ Uku ni k’Umwami Uhoraho agize, ati Ko murya inyama zitavuyemw’ amaraso, mukunamurira amaso ibigirwamana vyanyu, mukavisha amaraso: none mugira ngo mwohabga igihugu kw ishamvu?


mu bimazi vyo kwoswa, inyama zavyo bo n’ amaraso muze mubitangire ku gicaniro c’Uhoraho Imana yanyu; mu bindi bimazi vyanyu, amaraso az’ abe ari yo avyagizwa ku gicaniro c’Uhoraho Imana yanyu, namwe murye inyama zavyo.


Sinkugayira ibimazi vyawe; Ibimazi vyawe vyoshejwe vyama imbere yanje na ntaryo.


ကြှနျုပျတို့နောကျလိုကျပါ:

ကြော်ငြာတွေ


ကြော်ငြာတွေ