Biblia Todo Logo
အွန်လိုင်း သမ္မာကျမ်းစာ

- ကြော်ငြာတွေ -




Yeremiya 7:2 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

2 riti Hagarara mu kirimba kirora ku ngoro y’Uhoraho, uhatāngārize iri jambo, uti Ni mwumve ijambo ry’Uhoraho, mwebge mwese b’i Buyuda, abaca mur’ ibi birimba ngo musenge Uhoraho.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ




Yeremiya 7:2
38 ပူးပေါင်းရင်းမြစ်များ  

Mikaya arongera, ati None rero ni wumve ijambo ry’Uhoraho: mbonye Uhoraho avyagiye ku ntebe yiwe, ingabo zose zo mw ijuru zimuhagaze i buryo n’i bumoso.


Ibirenge vyacu bihagaze Mu birimba vyawe, ewe Yerusalemu.


Ni mwumve ijambo ry’Uhoraho, mwebge abaganza i Sodomu; mutegere amatwi ivyagezwe vy’Imana yacu, mwa bantu b’i Gomora.


Ni mwumve ijambo Uhoraho ababgira, yemwe ab’ inzu ya Isirayeli:


Maz’ Uhoraho arambarira, ati Tāngāza aya majambo yose mu bisagara vy’i Buyuda, no mu nzira z’i Yerusalemu, uti Ni mwumve amajambo y’iri sezerano, muyitondere.


Nuko Yeremiya aragaruka avuye i Tofeti, ah’ Uhoraho yari yamutumye kuvuga imbūri; maz’ ahagarara mu rugo rw’ingoro y’ Uhoraho, abarira abantu bose,


riti Genda usemererere mu matwi y’ab’ i Yerusalemu, ut’ Uku ni k’Uhoraho agize, ati Nibuka urukundo rwo mu buto bgawe, n’ukuntu wannogera ukir’ umugeni; ukuntu wankurikiye mu bugaragwa, no mu gihugu kitigeze kubibgamw’ imbuto.


Ni mwumve ijambo ry’Uhoraho, mwebge nzu ya Yakobo, namwe miryango yose y’inzu ya Isirayeli;


rit’ Uku ni k’Uhoraho agize, ati Hagarara mu nyubakwa y’ingoro yanje Uhoraho, ubarire ab’ibisagara vyose vy’i Buyuda baza gusenga mu ngoro yanje, amajambo yose nkubarira yo kubabgira: ntusige na rimwe.


Maze Yeremiya ūvugishwa n’Imana yishurira Hananiya kamenyi imbere y’abaherezi n’imbere y’abantu bose bāri bahagaze mu ngoro y’Uhoraho;


Uti Yamara ni wumve ijambo ryiwe Uhoraho, ewe Zedekiya mwami w’i Buyuda: ut’ Uku ni kw avuze ku vyawe, ati Ntuzokwicwa n’inkota,


Nuko Baruki asoma muri ca gitabo amajambo ya Yeremiya ahagaze mu ngoro y’Uhoraho, mu cumba ca Gemariya mwene Shafani umukarani, cari mu kigo ahahera haruguru, mw ishikiro ry’ikirimba gisha kija ku ngoro y’Uhoraho, ayasomera abantu bose.


nuko rero wewe genda usome mur’ uwo muzingo amajambo y’Uhoraho wanditse ukūye mu kanwa kanje, uyasomere abantu mu ngoro y’Uhoraho ku musi wo kwisonzesha: uyasomere n’Abayuda bose baza bavuye mu bisagara vyabo.


Vyongeye Yeremiya abarira abantu bose, n’abo bagore bose, ati Ni mwumve ijambo ry’Uhoraho, mwebge mwese Abayuda muri mu gihugu ca Egiputa:


Ijambo rivuye k’Uhoraho riza kuri Yeremiya,


Ukuboko kw’Uhoraho kwanjeko, ansohokana ndi muri Mpwemu wiwe, anshira hagati mu kiyaya cuzuye amagufa,


Ni mwumve ibi, yemwe baherezi, kandi mwumvirize namwe ab’ inzu ya Isirayeli, mutege amatwi yemwe ab’ inzu y’umwami, kuk’ urubanza ari mwebge rutsinze; kuko mwabereye i Misipa umutego, mukabera i Tabora ururiba rutezwe.


Nuko rero nawe nyene ni wumve ijambo ry’Uhoraho: k’uvuze ngo singire ico mvugishwa ku Bisirayeli, canke ngo singire ijambo nzana ku nzu ya Isaka:


Ni mwumve, mwa moko yose mwe; tega amatwi nawe wa si, n’ibiri muri wewe vyose! Umwami Uhoraho n’abe icagiriza canyu, Umwami ari mu rusengero rwiwe rwera.


Maze ndavuga, nti Ni mwumve se ndabinginze, yemwe bakuru bo mu ba Yakobo, namwe abaganza bo mu b’inzu ya Isirayeli: mbega si mwebge mwari mukwiye kumenya imanza ziroranye?


Ni mwumve se ndabinginze, yemwe bakuru bo mu b’inzu ya Yakobo, namwe abaganza bo mu b’inzu ya Isirayeli, mwebge abazinukwa imanza ziroranye, mukagoreka ivyari bibereye vyose;


Yesu aramwishura, ati Nabarira ab’ isi mvyeruye, nahora nigishiriza mu masinagogi no mu rusengero ah’ Abayuda bose bakoranira, nta co navugiye mu mpisho.


ati Ni mugende, muhagarare mu rusengero, mubarire abantu amajambo yose ya bga Bugingo.


Kand’ imisi yose mu rusengero no mu mihana ntibahorereza kwigisha no kuvuga ubutumwa bgiza bga Yesu, kw ari we Kristo.


Ūri n’ugutwi ni yumve ico Mpwemu abgira amashengero. Ūnesha nta co urupfu rwa kabiri ruzomugira.


Ūri n’ugutwi ni yumve ico Mpwemu abgira amashengero. Ūnesha nzomuha kuri manu yanyegejwe, kandi nzomuha ibuye ryera, kur’ iryo buye handitswekw izina risha, nta muntu arizi, atar’ ūzorihabga.


Ūri n’ugutwi, ni yumve ico Mpwemu abgira amashengero.


Ūri n’ugutwi ni yumve ico Mpwemu abgira amashengero. Ūnesha, nzomuha kurya ku vyamye ku giti c’ubugingo kiri muri Paradiso y’Imana.


Ūri n’ugutwi ni yumve ico Mpwemu abgira amashengero.


Ūri n’ugutwi, ni yumve ico Mpwemu abgira amashengero.


Ūri n’ugutwi, ni yumve ico Mpwemu abgira amashengero.


ကြှနျုပျတို့နောကျလိုကျပါ:

ကြော်ငြာတွေ


ကြော်ငြာတွေ