Biblia Todo Logo
အွန်လိုင်း သမ္မာကျမ်းစာ

- ကြော်ငြာတွေ -




Yeremiya 7:19 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

19 Mbega ni jewe baritera gusa? Si bo baryitera, ngo bibazanire ukumāramāra? ni jewe Uhoraho mbibajije.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ




Yeremiya 7:19
21 ပူးပေါင်းရင်းမြစ်များ  

Uhereye mu bihe vya ba sogokuruza twamye dukora ibidutsinda vyinshi cane, gushitsa na bugingo n’ubu; kand’ ibigabitanyo vyacu ni vyo vyatumye twe n’abami bacu n’ abaherezi bacu tugaburwa mu maboko y’abami bo mu bindi bihugu, tukagenda twicwa n’ inkota, tukajanwa tur’ imbohe, tukanyagwa utwacu, tukaba ibimāramāre nk’uko bimeze uyu musi.


Asangwa warakoze icaha, uyitwaye iki? Kand’ ibicumuro vyawe namba vyaragwiriye, uyigize iki?


Na ho ni mwanka mukagarariza, inkota izobarya: kukw akanwa kanje Uhoraho ari ko kabivuze.


Ni co gituma Umwami, Uhoraho Nyen’ ingabo, Inyenkomezi y’Abisirayeli, avuga, at’ Erega nzotururuzwa n’ukwīhōra abarwanizi banje, kand’ abansi banje nzobasubiriza mu nkōko!


Bazotētērwa, bamāramāre bose, bazomāramārira hamwe, abakora ibishushanyo vy’ibigirwamana.


Umugore yavyaye ndwi arahondobereye, aregutse; izuba ryiwe ryacokeye hakiri ku murango; aratēterewe, aramāramāye; amasigarira yabo nzoyagaburira inkota imbere y’ abansi babo, ni jewe Uhoraho mbivuze.


Mbega si wewe wavyihamagariye, kuko wataye Uhoraho Imana yawe akikurōngōra mu nzira?


Ivyaha vyawe ni vyo bizogukubita, n’ubuhemu bgawe ni bgo buzoguhana: uzomenya rero kand’ uzobona yukw ar’ ikintu c’icago kandi c’umururazi, kunta jewe Uhoraho Imana yawe, no kutampa igitinyiro, ni jewe Umwami, Uhoraho Nyen’ ingabo, mbivuze.


Ariko noneh’ Uhoraho ari kumwe nanje nk’umunyenkomezi n’uw’ igitinyiro; ni co kizotuma abampama batsitara, ntibaneshe: bazorimarima rwose kuko batākoze ivy’ ubgenge, bagire ibitētērwa bitazobavako, bitazoruha vyibagirana.


Umuyaga ni wo uzoragira abungere bākuragira bose, kand’ abūzure bawe bazoja mu mugozi: bibaye birtyo ntuzobura gutētērwa no kumāramāra kubg’ ibibi vyawe vyose.


Ariko mwebge ntimwanyumviye, ni k’ Uhoraho agize, atar’ ukundakisha ibikorwa vy’intoke zanyu, mukikwegera ivyago.


Ni turambarare hasi mu gatētereza kacu, twipfuke ubumāramāre bgacu; kuko twacumuye k’Uhoraho Imana yacu, twe na ba sogokuruza, kuva mu buto bgacu gushitsa no kur’ uyu musi, ntitwumvire Uhoraho Imana yacu.


kubg’ ivyaha vyabo bākoze ngo banshavuze, kuko boshereje imibavu izindi mana bakazisaba, izo batigeze bamenya, bo ubgabo, canke mwebge, canke ba sogokuruza banyu.


Umve, ijwi ry’ugutakamba kw’umukobga, ari we bgoko bgacu, rituruka hirya no hino mu gihugu, riti Mbeg’ Uhoraho ntakiba i Siyoni? Mbeg’ Umwami waho si ho akiri? Mbega na bo n’iki catumye bandakisha ibishushanyo vyabo bibājwe, n’ ivy’ imburakimazi vy’ivyaduka?


Kukw ijwi ry’amaborogo yumvikana i Siyoni, rit’ Ewe kuntu tugeseye! Turatēterewe cane, kuko twirukanywe mu gihugu cacu, kandi bāsanganguye amazu yacu.


Kandi wasambanye n’ Abanyegiputa b’ababanyi bawe b’ amasekanya; ugwiza ubumaka bgawe ng’ untere ishavu.


Cank’ Umwami tumutere ishari? Mbega tumurusha inkomezi?


Bayiteye kugira ifūhe kubgo gusaba imana z’inyamahanga, Bayirakishije ibizira bakoze;


ကြှနျုပျတို့နောကျလိုကျပါ:

ကြော်ငြာတွေ


ကြော်ငြာတွေ