Yeremiya 7:18 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)18 Abana batoragura udukwi, ba se bagacana umuriro, abagore bagacumba, ngo bahakurire imitsima umwamikazi wo mw ijuru, kandi ngo basukire ibiturire izindi mana, ngo bantere ishavu. အခန်းကိုကြည့်ပါ။ |
uku ni k’Uhoraho Nyen’ ingabo agize, ni we Mana y’Abisirayeli, ati Mwebge n’abagore banyu mwavugishije akanwa kanyu, mubishikisha amaboko yanyu, muti Ntituzobura gushitsa amasezerano twasezeranye yo kwosereza imibavu umwamikazi wo mw ijuru, no kumusukira ibiturire: enda rero ni mukomeze amasezerano yanyu! Enda ayo masezerano yanyu muyashitse!
kuko, mmaze kubashitsa mu gihugu, ico narahiye mmanitse ukuboko ko nzobaha, uko babonye umusozi wose muremure n’igiti cose gitotahaye, baciye bahatangira ibimazi vyabo, baba ari ho bashikanira ishikanwa ryabo ryo kundatsa; ni ho batangiye ibizana imibabge imota neza, bakahasukira amashikanwa yabo y’ibiturire.
Nukw anshikana mu nyubakwa y’imbere yo ku ngoro y’ Uhoraho; maze mbona ku rugi rw’urusengero rw’Uhoraho, hagati y’umuryango n’igicaniro, abantu bashika nko kuri mirongwibiri na batanu, bateye ibitugu urusengero rw’Uhoraho, berekeje amaso i burasirazuba, kandi bāriko barasenga izuba, batumbereye iyo rirasira.