Biblia Todo Logo
အွန်လိုင်း သမ္မာကျမ်းစာ

- ကြော်ငြာတွေ -




Yeremiya 7:18 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

18 Abana batoragura udukwi, ba se bagacana umuriro, abagore bagacumba, ngo bahakurire imitsima umwamikazi wo mw ijuru, kandi ngo basukire ibiturire izindi mana, ngo bantere ishavu.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ




Yeremiya 7:18
28 ပူးပေါင်းရင်းမြစ်များ  

ngw Arik’ ukora ibibi kurenza abakubanjirije bose, ng’ Uragenda wironderera izindi mana z’ibishushanyo bivugutiwe mu nkero, ng’ Uramuratsa, umushiburira inyuma yawe;


riti Nagukūye mu mukungugu ndagushira hejuru, nkugira segaba w’abantu banje b’Abisirayeli; rit’ Ariko non’ ugendera mu ngeso za Yerobowamu, ukwegera abantu banje b’Abisirayeli mu vyaha, kugira ngo bantēze umwikomo ivyaha vyabo ngo ndake;


Amagorwa y’abakāba Uhoraho iyindi mana azogwira, Ibimazi vyazo vy’amaraso sinzobihereza ngo ndabisuke, Kand’ amazina yazo sinzoyavugisha iminwa yanje.


I Yerusalemu haradandabagiranye, i Buyuda haratemvye; kuk’ ururimi rwabo n’ibikorwa vyabo ar’ ibigarariza Uhoraho, bakajinyūrira imbere y’inyonga ziwe z’icubahiro.


Mu nguru ziba mu mwonga ni ho har’ umugabane wawe; izo nyene ni zo mugabane wawe; izo ni zo wūhiye ishikanwa ry’ibiturire, ukaziterekēra. Mbeg’ ivyo novyiyumanganya?


Ariko mwebge abantaye jewe Uhoraho, mukibagira umusozi wanje wera, mugatereka Gadi, mugaturiraniriza Meni;


N’abantu bahora banshinyaguriza imbonankubone, bagatangira ibimazi mu bigabiro, bakosereza imibavu ku bicaniro vyubakishijwe amatafari;


Nanje nzokwātamīra amateka mbaciriye kubg’ ibibi vyabo vyose bākoze; kuko bāndetse, bakosereza imibavu izindi mana, bagasenga ivyakozwe n’intoke zabo.


Kuko jewe Uhoraho Nyen’ ingabo nari narakubaditse, ari jewe nyene nkugeneye ivyago, kubg’ ibibi vyakozwe n’ab’ inzu ya Isirayeli n’ab’ inzu ya Yuda, ivyo bakoze vyo kundatsa, mu kwosereza Bayali imibavu.


abana babo bibuka ibicaniro vyabo, n’ibigirwamana vyabo vya Ashera vyashinzwe i ruhande y’ibiti bitotahaye ku misozi miremire.


ingo z’i Yerusalemu n’ingoro z’abami b’i Buyuda zizoba ibihumane, zimere nk’aha hantu i Tofeti, mbere n’amazu yose būriyeko hejuru ngo bosereze imibavu inyenyeri zose, ari zo ngabo zo kw ijuru, bagasukira ibiturire izindi mana.


Ariko mwebge ntimwanyumviye, ni k’ Uhoraho agize, atar’ ukundakisha ibikorwa vy’intoke zanyu, mukikwegera ivyago.


n’Abakaludaya bateye iki gisagara, bazogishikamwo bagiturire bagitongore, bo n’amazu būriyeko hejuru ngo bosereze imibavu Bayali, bagasukira ibiturire izindi mana, kugira ngo bantere ishavu.


uku ni k’Uhoraho Nyen’ ingabo agize, ni we Mana y’Abisirayeli, ati Mwebge n’abagore banyu mwavugishije akanwa kanyu, mubishikisha amaboko yanyu, muti Ntituzobura gushitsa amasezerano twasezeranye yo kwosereza imibavu umwamikazi wo mw ijuru, no kumusukira ibiturire: enda rero ni mukomeze amasezerano yanyu! Enda ayo masezerano yanyu muyashitse!


Yamara nabatumyekw abasavyi banje bose, ni bo bavugishwa nanje, nama nzindurwa no kubatuma, nti Ntimugakore ico kizira c’ubuyobe nanka urunuka.


Mbega ntubona ivyo bakora mu bisagara vy’i Buyuda no mu nzira z’i Yerusalemu?


Imisore isigaye ikorerwa insyo, N’abana banyikizwa n’imbambo z’inkwi.


Kandi wasambanye n’ Abanyegiputa b’ababanyi bawe b’ amasekanya; ugwiza ubumaka bgawe ng’ untere ishavu.


kuko, mmaze kubashitsa mu gihugu, ico narahiye mmanitse ukuboko ko nzobaha, uko babonye umusozi wose muremure n’igiti cose gitotahaye, baciye bahatangira ibimazi vyabo, baba ari ho bashikanira ishikanwa ryabo ryo kundatsa; ni ho batangiye ibizana imibabge imota neza, bakahasukira amashikanwa yabo y’ibiturire.


Nukw anshikana mu nyubakwa y’imbere yo ku ngoro y’ Uhoraho; maze mbona ku rugi rw’urusengero rw’Uhoraho, hagati y’umuryango n’igicaniro, abantu bashika nko kuri mirongwibiri na batanu, bateye ibitugu urusengero rw’Uhoraho, berekeje amaso i burasirazuba, kandi bāriko barasenga izuba, batumbereye iyo rirasira.


Maz’ arambaza, ati Mbeg’ ivyo urabibonye ga mwana w’umuntu? Mbeg’ ab’ inzu ya Yuda kibabereye ikibangutse gukora ivyo bizira bakorera hano hantu? Kukw igihugu bacujuje umuryano, bakongeranya kwihindagura ngo bandatse: mbere bagashira udushami ku mazuru yabo.


Cank’ Umwami tumutere ishari? Mbega tumurusha inkomezi?


Bayiteye kugira ifūhe kubgo gusaba imana z’inyamahanga, Bayirakishije ibizira bakoze;


Ati Bantēje ifūhe ibitar’ Imana; Bandakishije ibigirwamana vyabo vy’ubusa: Nuko nanje nzobatēza ishari abatar’ ihanga ry’ukuri, Nzobarakisha ihanga ry’imburabgenge.


kandi mwiyubare kugira ngo ni mwararama mukarāba mw ijuru, mukabona izuba n’ukwezi n’inyenyeri, ari zo ngabo zose zo kw ijuru, bize vyoye kubakwega ngo mubisenge, mubisabe, kand’ ari vyo Uhoraho Imana yanyu yashiriyeh’ amahanga yose yo musi y’ijuru.


ကြှနျုပျတို့နောကျလိုကျပါ:

ကြော်ငြာတွေ


ကြော်ငြာတွေ