Biblia Todo Logo
အွန်လိုင်း သမ္မာကျမ်းစာ

- ကြော်ငြာတွေ -




Yeremiya 7:14 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

14 nuko rero, nk’uko nagiriye i Shilo, ni ko nzogirira iyi ngoro yitirirwa izina ryanje, iyo mwizigira, ni ho hantu nabahaye, mwe na ba sogokuruza banyu.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ




Yeremiya 7:14
28 ပူးပေါင်းရင်းမြစ်များ  

Araheza yanda umuriro ingoro y’Uhoraho, n’ingoro y’umwami, n’amazu yose y’i Yerusalemu; mber’ inzu yose ikomeye ayitongoza umuriro.


kand’ iyi ngoro, nah’ ar’ agahambaye irtya, ūzoyica i ruhande wese azokwumirwa, avuge, at’ Ariko n’iki catumye Uhoraho agirira artya iki gihugu n’iyi ngoro?


Bituma iheba umugerēro w’i Shilo, Ni wo hema yashinze hagati y’abantu.


Inzu yacu yera nziza, iyo ba sogokuruza bacu bāguhimbarizamwo, yaraturiwe; n’ ibintu vyacu vyose vyāduhimbara vyārononekaye.


Nahevye inzu yanje, nataye ishamvu yanje; narekuriye inkundwakazi y’umutima wanje mu maboko y’abansi.


nuko rero nzobībagira rwose, nzobashiburana n’igisagara nabahānye na ba sogokuruza, ngo mumve imbere;


bati Mika w’i Moresheti yavugishwa n’Imana ku ngoma ya Hezekiya umwami w’i Buyuda; kandi yabariye abantu bose b’i Buyuda, at’ Uku ni k’Uhoraho Nyen’ ingabo agize, ati Siyoni hazosīzwa hahinduke nk’ubusīze, Yerusalemu hazohinduka ibirundo vy’ amasakamburira, n’umurwa wubatswekw iyi ngoro uzohinduka nk’ikibira kiri ku mpinga z’imisozi.


Kand’ ubabarire, ut’ Uku ni k’Uhoraho agize, ati Ni mwanka kumutega amatwi, ngo mugendere mu vyagezwe vyiwe yabashize imbere,


maze mukaza mugahagarara imbere yanje mur’ iyi ngoro yitirirwa izina ryanje, mukavuga, muti Turakijijwe: mwaheza mugakora ivyo bizira vyose?


Enda ni mugende ha hantu hanje i Shilo, aho natanguye gushira izina ryanje ngo rihabe, mwitegereze ivyo nahagiriye kubg’ ivyaha vy’abantu banje b’Abisirayeli.


Ntimwizigire amagambo y’ibinyoma, avuga ngo Nguru urusengero rw’Uhoraho, nguru urusengero rw’Uhoraho, nguru urusengero rw’Uhoraho!


Umwami Imana yashibuye igicaniro ciwe, yazinutswe ahēra hiwe, Yagabuye mu maboko y’ abansi ibigo vy’ingoro z’i Siyoni: Bāyogoreye mu ngoro y’ Uhoraho, nko ku musi mukuru washinzwe.


Ewe kuntu izahabu yafyirifyitiye! Ukuntu izahabu nziza yahindutse ukundi! Amabuye y’ahēra h’urusengero yasābagijwe mu mayirabiri yose.


Watoye inzira ya mukurwawe, ni co gituma igikombe ciwe ngira ndagishire mu kuboko kwawe.


riti Bgira ab’ inzu ya Isirayeli, ut’ Uku ni k’Umwami Uhoraho agize, ngo Ngira mpumanye ahantu hanje hēra, aho mwishimira yukw ari ho bubasha bganyu, mukahamizakw amaso, imitima yanyu ikahagirira igishika; kand’ abahungu banyu n’abakobga banyu mwasizeyo bazoririkwa n’ inkota.


arikw ahantu Uhoraho Imana yanyu azotoranya mu miryango yanyu yose ngw ahashire izina ryiwe, aho hantu nyene azogerēra az’ abe ari ho muzohora mumubariza, abe ari ho muja gushengerera.


Bazota hagati ibisagara vyanyu vyose, bavyugarize, gushitsa ah’ inzitiro zanyu ndende zikomeye muzoba mwizigiye, zizohomvagurirwa mu gihugu canyu cose; mbere bazokwugariza ibisagara vyanyu vyose vyo mu gihugu canyu cose Uhoraho Imana yanyu yabahaye.


ကြှနျုပျတို့နောကျလိုကျပါ:

ကြော်ငြာတွေ


ကြော်ငြာတွေ