Biblia Todo Logo
အွန်လိုင်း သမ္မာကျမ်းစာ

- ကြော်ငြာတွေ -




Yeremiya 7:13 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

13 Kandi none, ko mwakoze ivyo bikorwa vyose, ni jewe Uhoraho mbivuze, nkaba nari naravuganye namwe nzinduwe no kubabgira, ariko ntimwumve, nkabahamagara ariko ntimwitabe;

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ




Yeremiya 7:13
27 ပူးပေါင်းရင်းမြစ်များ  

Ko nabahamagaye, namwe mukanka; Nkabākura, ntihagire ūbibabara;


Mbeg’ aho naza, n’iki catumye ntagira uwo ndahasanga, ngahamagara, ntihagire uwitaba? Mbeg’ ukuboko kwanje kwabaye kugufi ngo kunanirwe gucungura? Canke se nta bubasha mfise bgo kurokora? Ereg’ iyo nkankamiye ikiyaga ndagikamya, inzūzi ndazihindura ubugaragwa; amafi yari muri zo aranuka, kukw ata mazi ariho, yatikijwe n’inyota.


nanje nzobashirirah’ inkota, mwese muzokwunamira kwicwa: kukw igihe nahamagara mutitavye, n’igihe navuga mutumvise; ariko mugakora ivyo mbona kw ari bibi, mukitoraniriza ibitannezera.


None nanje nzobatoraniriza amagorwa, mbatēze ibibatera ubgoba; kukw aho nahamagara ata witavye, aho navuga ntibumve, ariko bagakora ivyo mbona kw ari bibi, bagahitamw’ ivyo nanka.


Kuko nihanikirije rwose ba sogokuruza banyu, mpereye umusi nabakūriye mu gihugu ca Egiputa ngashitsa no kur’ uyu musi, nzinduka mbihanikiriza, mvuga nti Ni munyumvire.


Yamara ntibānyumvira, canke ngo batege amatwi, ariko bāgendera mu budadarare bg’imitima yabo mibi: ni co catumye mbashitsakw ivyo nababūriye vyose vyo mur’ iryo sezerano, iryo nabageze kwitondera, ntibaryitondere.


Aba bantu b’abanyakibi, uko bākanse kwumva amajambo yanje, bakagendera mu budadarare bg’imitima yabo, bagakurikira izindi mana ngw abe ari zo basaba, bazisenge, bazomera nk’uyu mukanda utakigira ico umaze.


Nk’uk’ umukanda uramata ubura bg’ umuntu, uko ni ko nari naratumye inzu yose ya Isirayeli indamatako, bo n’inzu yose ya Yuda, ni jewe Uhoraho mbivuze; kugira ngo bambere ubgoko niharije, bampeshe izina ry’iritazirano, n’icubahiro n’ubgiza: ariko banka kwumva.


at’ Uhereye mu mwaka ugira icumi na gatatu wa Yosiya mwene Amoni, umwami w’i Buyuda, gushitsa no kur’ uyu musi, iyo myaka ukw ari mirongwibiri n’itatu, ijambo ry’ Uhoraho ryama rinzako, nanje nkaribabgira, nkāma nzindurwa no kubabarira, namwe ntimwumve.


ngo mwumvire amajambo y’ abasavyi biwe avugisha, abo abatumako, mber’ akāma azindurwa no kubatuma, mukanka kubumvira,


kuko batumviye amajambo yanje, ni jewe Uhoraho mbivuze, ayo natumye abasavyi banje mvugisha, nama nzindurwa no kubatuma, ariko ntibaruha bumva, ni jewe Uhoraho mbivuze.


Banteye ibitugu mu gishingo co kuntumbera, naho nabahanūra nkāma nzindurwa no kubahanūra, yamara ntibanyumviye ngo babishire ku mutima.


Amajambo ya Yonadabu mwene Rekabu, ayo yihanikirije abana biwe ngo ntibanywe vino, barayashitsa, no gushitsa kur’ uyu musi nta yo banywa, kuko bumviye iragi rya sekuruza; ariko jeho navuganye namwe, nama nzindurwa no kubabarira, namwe ntimwanyumvira.


Kandi nabatumyekw abasavyi banje bose abo navugisha, nama nzindurwa no kubatuma, nt’ Enda ni mugaruke, umuntu wese ave mu nzira yiwe mbi, mutunganye ibikorwa vyanyu, mwoye gukurikira izindi mana ngo muzigendanire; nti Ni ho muzobona kwibera mu gihugu nabahaye, mwe na ba sogokuruza: ariko ntimwateze ugutwi, canke ngo munyumvire.


nuko rero, uku ni ko mvuze, jewe Uhoraho, Imana Nyen’ ingabo, Imana y’Abisirayeli, nt’ Ehe nzozana ku Bayuda no ku baba i Yerusalemu bose ivyago vyose nabageneye, kuko nababūriye bakanka kwumva, nkabahamagara bakanka kwitaba.


Ko mwosheje imibavu, mugacumura k’Uhoraho, ntimwumvire Uhoraho, ngo mugendere mu vyagezwe vyiwe, no mu vyo yashinze no mu vyo yihanikirije, ivyo ni vyo vyatumye ibi vyago bibashikako, nk’uko bimeze n’uyu musi.


Yamara nabatumyekw abasavyi banje bose, ni bo bavugishwa nanje, nama nzindurwa no kubatuma, nti Ntimugakore ico kizira c’ubuyobe nanka urunuka.


mut’ Enda ni mwumve ibi, mwa bantu b’ibipfu, batagira umutima, bafise amaso ntibabone, bafise n’amatwi ntibumve:


Nobarira nde ngw ambere icabona, kugira ngo bumve? Ereg’ amatwi yabo arazivye, ntibashobora kwumva: ijambo ry’Uhoraho ryahindutse agatukisha kuri bo; ntibakirinezererwa.


Uhereye umusi ba sogokuruza banyu bāviriye mu gihugu ca Egiputa ugashitsa no kur’ uyu musi, nabatumyekw abasavyi banje bose, ari bo mvugisha, nama nzindurwa uko bukeye no kubatuma:


Arik’ ukw abo navugisha bāshishikara kubahamagara, ni ko bārushiriza kubaja kure, bagatanga ibimazi kuri Bayali, bakosereza imibavu ibishushanyo bibājwe.


Abantu banje bamogoreye gusubira inyuma ngo bamveko; naho bobahamagarira kwerekeza amaso kw Īsumba vyose, ariko nta n’umwe yokwemera kuyishira hejuru.


Imana yanje izobata kure, kuko batayumviye; kandi bazoba inyererezi mu mahanga.


Kandi nk’uko nahamagaye bakica amatwi, ni ko na bo bazohamagara nanje nkica amatwi, ni k’Uhoraho Nyen’ ingabo agize;


Ewe Yerusalemu! Ewe Yerusalemu! Wica abavugishwa n’Imana, ugatera amabuye abagutumweko, ni kangahe nagomvye gukoranya abana bawe, nk’ukw inkoko ikoranya imiswi yayo iyibundikira mu vyubi vyayo, ntimwakunda!


ကြှနျုပျတို့နောကျလိုကျပါ:

ကြော်ငြာတွေ


ကြော်ငြာတွေ