Biblia Todo Logo
အွန်လိုင်း သမ္မာကျမ်းစာ

- ကြော်ငြာတွေ -




Yeremiya 7:12 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

12 Enda ni mugende ha hantu hanje i Shilo, aho natanguye gushira izina ryanje ngo rihabe, mwitegereze ivyo nahagiriye kubg’ ivyaha vy’abantu banje b’Abisirayeli.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ




Yeremiya 7:12
13 ပူးပေါင်းရင်းမြစ်များ  

nuko nanje nzoherengeteza Abisirayeli mu gihugu nabahaye, kand’ iyi ngoro nejeje kubg’ izina ryanje nzoyishibura imve mu maso; kand’ Abisirayeli bazoba iciro ry’imigani n’agashinyaguro mu mahanga yose;


ngo Ni ho azohindura iyi ngoro kuba nk’i Shilo, kandi n’iki gisagara ngw Azogihindura ikivume ku mahanga yose yo mw isi.


nuko rero, nk’uko nagiriye i Shilo, ni ko nzogirira iyi ngoro yitirirwa izina ryanje, iyo mwizigira, ni ho hantu nabahaye, mwe na ba sogokuruza banyu.


maz’ ahantu Uhoraho Imana yanyu azotoranya ngw ahashire izina ryiwe ngo rihabe, az’ abe ari ho mujana ivyo mbagera vyose; ibimazi vyanyu vyo kwoswa, n’ ibimazi vyanyu bindi, n’ibigiracumi vyanyu mutanga, n’amashikanwa yanyu mumugereye, n’ ivy’ indobanurwa vyo gushitsa amasezerano mwasezeraniye Uhoraho;


arikw ahantu Uhoraho Imana yanyu azotoranya mu miryango yanyu yose ngw ahashire izina ryiwe, aho hantu nyene azogerēra az’ abe ari ho muzohora mumubariza, abe ari ho muja gushengerera.


Maz’ ikoraniro ryose ry’Abisirayeli bakoranira i Shilo, bahashinga ihema ry’ibonaniro; kand’ igihugu cari kimaze gukōndōka.


Nuko Yosuwa abapfindira ubupfindo imbere y’Uhoraho i Shilo; agabanganya Abisirayeli ico gihugu, nk’ukw imigabane yabo iri.


Nukw ico gishushanyo kibājwe bāshinze, ico Mika yari yarironkeye, kiguma ngaho kumara igihe cose inzu y’ Imana yamaze i Shilo.


Uwo muntu yama ava mu gisagara c’i wabo uk’ umwaka utashe, akadūga i Shilo gusenga no gushikanira Uhoraho Nyen’ ingabo ibimazi. Kandi bene Eli bompi, Hofuni na Finehasi, bār’ abaherezi b’Uhoraho aho hantu.


Aravuga, at’ Icubahiro kirashize mu Bisirayeli, kukw isandugu y’Imana ifashwe mpiri.


ကြှနျုပျတို့နောကျလိုကျပါ:

ကြော်ငြာတွေ


ကြော်ငြာတွေ