Biblia Todo Logo
အွန်လိုင်း သမ္မာကျမ်းစာ

- ကြော်ငြာတွေ -




Yeremiya 7:11 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

11 Non’ iyi ngoro yitirirwa izina ryanje, mbeg’ ihindutse nk’isenga ry’abambuzi mu maso yanyu? Erega jewe ni jewe ubganje navyiboneye, ni jewe Uhoraho mbivuze.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ




Yeremiya 7:11
16 ပူးပေါင်းရင်းမြစ်များ  

uz’ uvyumve uri mw ijuru ah’ uba, uwo munyamahanga umumarire ivyo azoba agutakambiye vyose, bitume amahanga yose yo mw isi amenya izina ryawe, bakwubahe, nk’ukw abantu bawe b’Abisirayeli bakwubaha, kandi bamenye n’iyi ngoro nubatse ko yitwa iy’ izina ryawe.


Iyo muje kunshengerera, ni nde aba yābabariye gupfa kunkandagirira mu rugo?


abo na bo nzobashikana ku musozi wanje wera, mbanezereze mu ngoro yanje yo gusengeramwo; ibimazi vyabo vyo kwoswa n’ivyo gukererwa bizokwemerwa ku gicaniro canje: kukw ingoro yanje izokwitwa inzu yo gusengerwamwo n’amahanga yose.


Mbere no ku mpuzu zawe haboneka amaraso y’abantu b’abakene wishe batagira igicumuro, kand’ utābafashe bamena inzu.


Har’ uwoshobora kwinyegeza ahantu hihishije ngo nanje sindamubone? ni jewe Uhoraho mbibajije. Mbega sinkwiye ijuru n’isi? ni jewe Uhoraho mbibajije.


kuko bākoze ivy’ ubupfu mu Bgisirayeli, bagasambana n’abagore ba bagenzi babo, bakavuga amagambo y’ibinyoma mw izina ryanje, ayo ntābageze; jewe ubganje ndabizi, kandi nd’icabona, ni jewe Uhoraho mbivuze.


maze mukaza mugahagarara imbere yanje mur’ iyi ngoro yitirirwa izina ryanje, mukavuga, muti Turakijijwe: mwaheza mugakora ivyo bizira vyose?


Kandi mwanyihayagijeko n’akanwa kanyu, mumpundakw amagambo yanyu: na vyo nyene naravyumvise.


Ewe Mana yanje, banga ugutwi kwawe wumve, ni wihwezeshe inyonga zawe witegereze ubugesera bgaduteye, n’umurwa witirirwa izina ryawe, kukw ivyo tugutakambiye, tutabigushize imbere twishingikirije ku bugororotsi bgacu, ariko ni kubg’ imbabazi zawe nyinshi.


Arababgira, ati Handitswe ngw Ingoro yanje izokwitwa inzu yo gusengeramwo, ariko mwebge mwayihinduye nk’isenga ry’abambuzi.


Arigisha arababgira, ati Mbega ntivyanditswe, ngw Ingoro yanje izokwitwa inzu yo gusengerwamwo n’amahanga yose? Ariko mwebge mwayihinduye nk’isenga ry’abambuzi.


Abarira abadandaza inuma, ati Ni mukūreh’ ivyo, nta co muhindura inzu ya Data kuba inzu y’akaguriro.


Kand’ imbere yayo nta caremwe gihishijwe, ariko vyose vyambaye ubusa, biragaragara, imbere y’inyonga z’Iyizotubaza ivyo twakoze.


ကြှနျုပျတို့နောကျလိုကျပါ:

ကြော်ငြာတွေ


ကြော်ငြာတွေ