Biblia Todo Logo
အွန်လိုင်း သမ္မာကျမ်းစာ

- ကြော်ငြာတွေ -




Yeremiya 7:10 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

10 maze mukaza mugahagarara imbere yanje mur’ iyi ngoro yitirirwa izina ryanje, mukavuga, muti Turakijijwe: mwaheza mugakora ivyo bizira vyose?

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ




Yeremiya 7:10
31 ပူးပေါင်းရင်းမြစ်များ  

Uhoraho aramubarira, ati Numvise ugusenga kwawe n’ukwinginga kwawe wingingiye imbere yanje; kandi nejeje iyi ngoro wubakiye izina ryanje ngo rihabe ibihe vyose; nzoyihozakw amaso n’umutima na ntaryo.


Yubaka n’ibicaniro mu ngoro y’Uhoraho, ari ho Uhoraho yari yaravuze, at’ I Yerusalemu ni ho nzoshira izina ryanje.


Yubaka n’ ibicaniro mu ngoro y’Uhoraho, ari ho Uhoraho yari yaravuze, at’ I Yerusalemu ni ho izina ryanje rizoba ibihe vyose.


Ca gishushanyo c’ikigirwamana yabāje agishinga mu ngoro y’Imana, ari yo ngoro Imana yari yarabariye Dawidi na Salomo umuhungu wiwe, iti Mur’ iyi ngoro, bo n’i Yerusalemu, ni ho natoranije mu miryango yose y’Abisirayeli ko nzohashira izina ryanje ngo rihabe ibihe vyose.


Ikimazi abanyakibi batanga n’ igisesema k’Uhoraho, Arikw ahimbarwa n’ugusenga kw’abagororotsi.


Kuko biyita abo ku murwa wera, bakishingikiriza ku Mana ya Isirayeli; Uhoraho Nyen’ ingabo ni ryo zina ryanje.


Ariko bāshize ibizira vyabo vy’ ubuyobe mu ngoro yanje yitirirwa izina ryanje ngo bayihumanye.


Ariko mweho mwari mwigaruye, mukora igitunganye mu nyonga zanje, mutanga umwidegemvyo, umuntu wese arekura mugenzi we; kandi mwari musezeraniye isezerano imbere yanje mu ngoro yitirirwa izina ryanje;


Mbega mwibagiye ivyaha vya ba sogokuruza banyu, n’ivyaha vy’abami b’i Buyuda, n’ivyaha vy’abamikazi babo, n’ivyaha vyanyu ubganyu, n’ivyaha vy’abagore banyu, ivyo bākoreye mu gihugu c’i Buyuda, no mu nzira z’i Yerusalemu?


Non’ iyi ngoro yitirirwa izina ryanje, mbeg’ ihindutse nk’isenga ry’abambuzi mu maso yanyu? Erega jewe ni jewe ubganje navyiboneye, ni jewe Uhoraho mbivuze.


nuko rero, nk’uko nagiriye i Shilo, ni ko nzogirira iyi ngoro yitirirwa izina ryanje, iyo mwizigira, ni ho hantu nabahaye, mwe na ba sogokuruza banyu.


Kuk’ uruvyaro rwa Yuda bakoze ibibi mu nyonga zanje, ni jewe Uhoraho mbivuze; bashize ibintu vyabo vy’ubuyobe mu ngoro yitirirwa izina ryanje, ngo bayihumanye.


Namwe, mwebge ab’ inzu ya Isirayeli, uku ni k’Umwami Uhoraho agize, ati Hogi ni mugende, umuntu wese n’asabe ibigirwamana vyiwe! Ariko hanyuma muzonyumvira, kand’ izina ryanje ryera ntimuzoba mukirihumanisha amashikanwa yanyu n’ibigirwamana vyanyu.


na bo bazoguhanana urwanko, bakunyage ivyo waruhiye vyose, bagusige amēnya wambaye ubusa; kand’ ubgambure bg’ubumaka bgawe buzogaragazwa, ubushakanyi bgawe n’ubumaka bgawe vyompi.


Kuko basambanye, kand’ amaraso bavishije ari ku ntoke zabo; basambanye n’ibigirwamana vyabo; kandi n’abahungu babo bamvyariye babatanze kw ibimazi ngo boswe mu muriro, babashikaniye ivyo bigirwamana ngo bibarye.


Kuko bamaze kwica abana babo, babashikaniye ibigirwamana vyabo, kur’ uwo musi nyene baca baza ahēra hanje kuhahumanya: mber’ uko ni ko bakoze mu ngoro yanje.


Nuko rero, ubabarire, ut’ Uku ni k’Umwami Uhoraho agize, ati Ko murya inyama zitavuyemw’ amaraso, mukunamurira amaso ibigirwamana vyanyu, mukavisha amaraso: none mugira ngo mwohabga igihugu kw ishamvu?


Maze baza kuri wewe nk’ ukw abantu basanzwe baza, bakicara imbere yawe nk’ah’ ar’ abantu banje, bakumviriza amajambo yawe, ariko ntibayakore: kuko berekanisha akanwa kabo urukundo rwinshi, yamar’ imitima yabo ikurikira ukwiyungukira kwabo.


Ni co gituma ndahiye ukubaho kwanje, ni k’Umwami Uhoraho agize, kuko wahumanishije ahēra hanje ibintu vyawe vyankwa urunuka, n’ibizira vyawe vyose, ni co gituma nanje ntazobura kugutūvya; ijisho ryanje ntirizogira ico riziguriza, kandi nta n’akagongwe nzogira.


Ewe Mana yanje, banga ugutwi kwawe wumve, ni wihwezeshe inyonga zawe witegereze ubugesera bgaduteye, n’umurwa witirirwa izina ryawe, kukw ivyo tugutakambiye, tutabigushize imbere twishingikirije ku bugororotsi bgacu, ariko ni kubg’ imbabazi zawe nyinshi.


Nk’ukw ibitero vy’abambuzi biryamira umuntu, ni k’umurongo w’abaherezi wicira abantu mu nzira ija i Shekemu: bakora ivy’ ubugesera.


Mutange imitsima yambiwe kw ibimazi vyo gukenguruka, n’ivyo mutanga muvyigombeye ni muvyāmāmaze, mubikwize! Kukw ivyo ari vyo bibahimbara, yemwe Bisirayeli, ni k’Umwami Uhoraho agize.


n’abasenga inyenyeri, ari zo ngabo zo kw ijuru, būriye hejuru ku mazu; n’abasenga bandahira jewe Uhoraho bagatako bakarahira na Milikomu;


Noneh’ abībone ni bo twita abanyehirwe, mber’ abakora ibibi bagirwa abakomeye; ushime bagerageza Imana bagakira.


Muzobona ibara, mwebge abanyabgenge b’ivyanditswe n’Abafarisayo, mwa ndyarya mwe, kuko mwugarirana ubgami bgo mw ijuru imbere y’abantu: kandi ntimubginjiramw’ ubganyu, n’abagomba kubginjiramwo ntimubakundira. [


Simvuze mwese, kuko nzi abo natoranije, ariko n’ukugira ngw ivyanditswe bishike, ng’ Ūrya ivyo kurya vyanje ni we ambanguriye umugere.


Bakūra Yesu kwa Kayafa, bamujana mw iboma: hāri mu mutwenzi. Arik’ ubgabo ntibinjira mw iboma, ngo boye kwihumanya, kugira ngo babone ingene barya Pasika.


ကြှနျုပျတို့နောကျလိုကျပါ:

ကြော်ငြာတွေ


ကြော်ငြာတွေ