Nuko rero, uku ni ko mbivuze, jewe Umwami Uhoraho, nt’ Eh’ uburake bganje n’ubushangashirwe bganje bizosukwa aha hantu, uhereye ku bantu no ku bitungwa no ku biti vyo ku misozi no ku bimera vyo mu mirima; buzotongora, nta kizobuzimya.
Ico gihe igihugu kizobona uko gishumbushwa ya masabato yaco, ico gihe cose kikir’ amatongo, namwe mukiri mu gihugu c’ abansi banyu; aho ni ho igihugu kizoruhuka, gishumbushwe ya masabato yaco.