Biblia Todo Logo
အွန်လိုင်း သမ္မာကျမ်းစာ

- ကြော်ငြာတွေ -




Yeremiya 6:8 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

8 Kunda wigishwe, Yerusalemu, umutima wanje woye guhubanwa nawe; noye kuzohava nguhindura amatongo, igihugu kitakirimw’ umuntu.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ




Yeremiya 6:8
23 ပူးပေါင်းရင်းမြစ်များ  

Noneho rero, mwa bami, ni muce ubgenge, Mwa bacamanza bo mw isi, ni mwemere kugīrwa inama.


K’ur’ inyankaguhanwa, Ugashiburira amajambo yanje inyuma yawe!


Ewe Uhoraho, hahirwa umuntu uhana, Ukamwigishisha ivyagezwe vyawe;


Wumvire inama, wemere kwigishwa, Kugira ng’ ube umunyabgenge mu bihe vyo hanyuma.


Gumya ukwigishwa, ntukurekure; Ukuzigame, kukw ari kwo bugingo bgawe.


yamara bo ntibānyumvira, canke ngo batege amatwi, ariko bāgamika amazosi ngo boye kwumva, canke ngo bemere kwigishwa.


Imigunza y’intambge yamwivugiyeko irenza amajwi, yahinduye igihugu ciwe imisaka; ibisagara vyiwe vyaturiwe, bisigaye ata wukihaba.


N’ ukuri mmaze guhindukizwa narihannye; bimaze kunyigisha narishishitiye: nagize isoni, mbere ndatētērwa, kukw ibiteye isoni vyo mu buto bganje vyansubiyeko.


Banteye ibitugu mu gishingo co kuntumbera, naho nabahanūra nkāma nzindurwa no kubahanūra, yamara ntibanyumviye ngo babishire ku mutima.


Ewe Yerusalemu, ni wuhagire umutima wawe ivyaha, kugira ng’ ukizwe. Uzogeza ryari kwama usembereza ivyiyumviro vyawe bibi mu mutima?


Nuko rero, uku ni ko mbivuze, jewe Umwami Uhoraho, nt’ Eh’ uburake bganje n’ubushangashirwe bganje bizosukwa aha hantu, uhereye ku bantu no ku bitungwa no ku biti vyo ku misozi no ku bimera vyo mu mirima; buzotongora, nta kizobuzimya.


Ubabgire, ut’ Ubu ni bgo bgoko butumviye Uhoraho Imana yabo, ntibemere kwigishwa: ukuri kurapfuye, kurazimiriye mu kanwa kabo.


Maze mu bisagara vy’i Buyuda no mu nzira z’i Yerusalemu nzohaca ijwi ry’ibitwengo n’iry’ umunezero, bo n’ijwi ry’umukwe n’iry’ umugeni: kukw igihugu kizoba gicitse amatongo.


Kand’ i Yerusalemu nzohahindura ibirundo vy’amasakamburira, n’i wabo w’imbgebge; kandi n’ibisagara vy’i Buyuda nzobihindura amatongo, ata wukihaba.


Uko ni ko yagaragaje ubusambanyi bgiwe, agatwikurura ibiteye isoni vyiwe: nanje umutima wanje uca uramuzinukwa na we, nk’uko wazinutswe mukuru we.


nyina akaba yarīhinduye maraya, uwabavyaye akaba yarakoze ibiteye isoni: kuko yavuze, ati Ndikurikirira abūzure banje, bampa ivyo ndya n’ivyo nnywa, bakampa ubgoya bg’intama n’ipampa, bo n’amavuta n’ibinyobga.


Naho borera abana babo, nzobabahēkūra, ntihaze hagire umuntu asigara: mbere bazobona ibara igihe nzoba mbataye!


Ico gihe igihugu kizobona uko gishumbushwa ya masabato yaco, ico gihe cose kikir’ amatongo, namwe mukiri mu gihugu c’ abansi banyu; aho ni ho igihugu kizoruhuka, gishumbushwe ya masabato yaco.


Nari nibgiye, nti N’ukuri uzontinya, uzokwemera guhanūrwa, ngw inzu zawe zoye gusangangurwa, nk’uko nari mmaze kubishinga vyose: ariko bama bazindukanwa no kwonona ibikorwa vyabo vyose.


Iyo baba abanyabgenge bokwibajije ibi, Bakiyumvira ivy’ iherezo ryabo.


ကြှနျုပျတို့နောကျလိုကျပါ:

ကြော်ငြာတွေ


ကြော်ငြာတွေ