Kukw iki gisagara, guhēra ku musi bācubakiye gushitsa no kur’ uyu musi, cabaye ico kuntera ishavu n’ubushangashirwe, bituma ngira ngikūre mu nyonga zanje;
Uku ni k’Umwami Uhoraho agize, ati Birahāgije, yemwe ba segaba b’Abisirayeli: ni mureke umuryano no kunyaga, ni muce imanza zibereye n’iziroranye; mukūre ku bantu banje akadenderezo mubadendereza, ni k’Umwami Uhoraho agize.
Umuryano urisumbuye ucitse inkoni yo guhana ikibi; nta masigarira yo muri bo, haba no mu masinzi yabo, haba no mw itunga ryabo; nta n’ubukuru bukiba muri bo.