Biblia Todo Logo
အွန်လိုင်း သမ္မာကျမ်းစာ

- ကြော်ငြာတွေ -




Yeremiya 6:7 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

7 Nk’ukw iriba ridudubiza amazi yaryo, uko ni ko kidudubiza ibibi vyaco: humvikana umuryano n’ubunyazi muri co; ububabare n’inguma vyama imbere yanje na ntaryo.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ




Yeremiya 6:7
24 ပူးပေါင်းရင်းမြစ်များ  

Rinda umutima wawe kurusha uko worinda ikindi cose, Kukw ari ho ubugingo bududubiriza.


Uhereye mu bgoro bg’ikirenge ugashitsa ku mutwe nta hazima hariho, atar’ inguma n’ibipfupfuri n’imishishagu, bitigeze gukandwa canke gupfukwa canke kubombekeshwa amavuta.


Arikw abanyakibi bameze nk’ikiyaga gisuriranya; kuko kidashobora guhwekera, kand’ amazi yaco azīkurura isūri n’imyanda.


Ivyo bājishe butangurirwa ntibizovamw’ imyambaro, kandi ntibazoshobora kwipfuka ibikorwa vyabo; ibikorwa vyabo n’ ibikorwa vy’ubugāba, ibikorwa vy’ umuryano biri mu maboko yabo.


Kukw iyo mvuze, mvugira hejuru; mvugira hejuru, nti Har’ umuryano n’ubunyazi! Mber’ ijambo ry’Uhoraho ryampinduye agatukisha n’agatwengo kurenza umusi.


Kuk’ ukw ari ko mvuze, jewe Uhoraho, nt’ Igikomere cawe ntikivūrika, n’igisebe cawe n’ ikigoye.


Nta wo kukwitsa ariho, kugira ng’ upfukwe igikomere: nta n’imiti ufise yo kukuvūra.


Non’ igikomere cawe kikuririza iki? K’uburibge bgawe butavūrika; ni kubg’ ibigabitanyo vyawe vyinshi, kukw ivyaha vyawe vyari vyiyongeranije, ivyo ni vyo vyatumye nkugira ntyo.


Kukw iki gisagara, guhēra ku musi bācubakiye gushitsa no kur’ uyu musi, cabaye ico kuntera ishavu n’ubushangashirwe, bituma ngira ngikūre mu nyonga zanje;


Mbeg’ i Gileyadi ntihariy’ umuti wo gusomōra? Nta muvūzi abayo? None n’iki cabujije uruguma rwa wa mukobga ari bo bgoko bgacu ko rukira?


bākuroteye inzozi z’ubusa, n’indagu z’ibinyoma, ngo ni wewe uzoyibangurira ku mazosi y’abanyakibi bākomerekejwe akagīrīre, abo umusi wabo washitseko, mu gihe giherahereza ibigabitanyo vyabo.


Kukw amaraso yaco ari hagati muri co; cayashize ku rutare rugaragara; nticayasutse mw ivu, ngw atwikirwe n’umukungugu.


Uku ni k’Umwami Uhoraho agize, ati Birahāgije, yemwe ba segaba b’Abisirayeli: ni mureke umuryano no kunyaga, ni muce imanza zibereye n’iziroranye; mukūre ku bantu banje akadenderezo mubadendereza, ni k’Umwami Uhoraho agize.


Umuryano urisumbuye ucitse inkoni yo guhana ikibi; nta masigarira yo muri bo, haba no mu masinzi yabo, haba no mw itunga ryabo; nta n’ubukuru bukiba muri bo.


Itegure iminyororo! Kukw igihugu cuzuye ubgicanyi, n’igisagara cuzuye umuryano.


Uzobona ibara, urya murwa wagararije, wanduye, kand’ uhahaza!


ကြှနျုပျတို့နောကျလိုကျပါ:

ကြော်ငြာတွေ


ကြော်ငြာတွေ