Biblia Todo Logo
အွန်လိုင်း သမ္မာကျမ်းစာ

- ကြော်ငြာတွေ -




Yeremiya 6:6 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

6 Kuk’ ukw ari k’Uhoraho Nyen’ ingabo agize, ati Ni mwicire ibiti, murundire Yerusalemu ikigunguzi co kwūririrako: ico gisagara gikwiye kūzirwa; nta kindi kiri muri co atar’ agahahazo.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ




Yeremiya 6:6
15 ပူးပေါင်းရင်းမြစ်များ  

Uti Ni co gitumye Uhoraho avuga ivy’ umwami w’i Ashuri, ati Ntazoruha agera mur’ iki gisagara, canke ngw aharase n’umwampi, canke ngw ahatumbereze n’inkinzo, canke ngw aharunde ikirundo co kwūririrako.


Kukw iyo mvuze, mvugira hejuru; mvugira hejuru, nti Har’ umuryano n’ubunyazi! Mber’ ijambo ry’Uhoraho ryampinduye agatukisha n’agatwengo kurenza umusi.


Ariko weho amaso yawe n’umutima wawe nta handi bitumbereye atar’ ukwifuza inyungu mbi, no kuvisha amaraso y’abatācumuye, no guhahaza, n’umuryano.


Eh’ ibirundo barundiye kwūririrako ngo baneshe igisagara birashitse: igisagara gitanzwe mu maboko y’Abakaludaya bagiteye, kubg’ inkota n’inzara n’ikīza. Ivyo wavuze birashitse, nawe urik’ uravyibonera.


Kukw iki gisagara, guhēra ku musi bācubakiye gushitsa no kur’ uyu musi, cabaye ico kuntera ishavu n’ubushangashirwe, bituma ngira ngikūre mu nyonga zanje;


Kuk’ ukw ari ko mvuze, jewe Uhoraho, Imana y’Abisirayeli, ku vy’amazu yo mur’ iki gisagara, no ku vy’ingoro z’umwami w’i Buyuda, vyasambuwe ngo bavyubakishe aho kwikingiriza ngo barwanye abitwaje inkota būrira ku birundo kubatera,


Nuko Yerusalemu haratsindwa. Nebukadineza umwami w’i Babuloni, n’ingabo ziwe zose, yaje gutera Yerusalemu arahugariza, mu mwaka ugira icenda Zedekiya umwami w’i Buyuda ari ku ngoma, mu kwezi kw’icumi;


Mbeg’ ivyo ntibizotuma nisidukira? ni jewe Uhoraho mbibajije; mbeg’ umutima wanje ntuzohōra ubgoko bumeze burtyo?


Mbeg’ ivyo ntibizotuma nisidukira? ni k’Uhoraho abaza; mbeg’ ivyo umutima wanje ntuzobihōra ubgoko bumeze burtyo?


maz’ ukiziguze, wubake ibihome vyo kuhatera, ukirundire ibigunguzi vyo kwūririrako, ugisagazeko n’ insago, ugikikizeko hirya no hino ibiti vy’imigogo vyo kugihomvora.


Uku ni k’Umwami Uhoraho agize, at’ Ehe ngaha i Yerusalemu, aho natabitse hagati y’amahanga n’ibihugu bihakikije!


Nuk’ umwami w’i burārūko azoza, atere ibisagara bikikijwe n’inzitiro z’amabuye zikomeye, abirundire ibigunguzi vyo kwūririrako, abineshe; arikw ingabo z’uw’ i bumanuko, bo n’intōre ziwe, ntizizomushobora; ntihazoboneka inkomezi zo kumushobora.


Uzobona ibara, urya murwa wagararije, wanduye, kand’ uhahaza!


Kukw imisi izokuzako, ah’ abansi bawe bazokurundira ikirundo c’ivu kigukikije, na bo ubgabo bakagukikiza, bakakwugariza impande zose,


ကြှနျုပျတို့နောကျလိုကျပါ:

ကြော်ငြာတွေ


ကြော်ငြာတွေ