Garuka, mukunzi wanje, umere nk’ingeregere canke nk’umukangara w’impongo Wo ku misozi y’i Beteri, Igihe ca ni musi kitarashika, ibitūtu vyo ku kirengazuba bitarazimangana.
Ku vy’abavugishwa bazimiza abantu banje, bagasemerera, bati N’amahoro, iyo bagize ico babugunyīra, arik’ ūtagize ico ashira mu kanwa kabo bitegura kumurwanya; ibi ni vyo Uhoraho avuga kuri bo,