Biblia Todo Logo
အွန်လိုင်း သမ္မာကျမ်းစာ

- ကြော်ငြာတွေ -




Yeremiya 6:1 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

1 Muhunge mwikize, mwebge Babenyamini, muve hagati muri Yerusalemu; muvugirize inzamba i Tekowa, kand’ i Beti‐hakeremu muhashire inderetsi yo gutabaza; kukw ivyago bisēsetse i burārūko, n’ukugeseza gukomeye.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ




Yeremiya 6:1
19 ပူးပေါင်းရင်းမြစ်များ  

Nuko Yowabu atuma i Tekowa guhamagaza umugore w’ umunyabgenge; aramubarira, ati Ntabara wīgire nk’ūgandaye, wambare nk’ūri ku kigandaro, ntiwīsīge amavuta, arik’ use n’umugore amaze imisi myinshi agandariye uwapfuye.


Iryo rembo ricishwamw’ umwavu ryasanwe na Malakiya mwene Rekabu, umukuru aganza intāra y’i Beti‐hakeremu; araryubaka, aterakw inzugi zaryo n’ ivyuma vyo kuzigumya n’ibihindizo vyazo.


Bakurikirwa n’ab’i Tekowa, arikw abapfasoni bo muri bo ntibarushe bemera gukora igikorwa ca Segaba.


Umve ijwi ry’impuha, ngw imivurungano ikomeye iraje, ivuye mu gihugu c’i burārūko, kugira ngw ibisagara vy’i Buyuda bigirwe imisaka, habe i wabo w’imbgebge.


nzotuma kugomora imiryango yose y’i burārūko, ni jewe Uhoraho mbivuze, kandi nzotuma no kuri Nebukadineza umwami w’i Babuloni, umusavyi wanje, mbazane ngo barwanye iki gihugu n’abakibamwo, barwanye n’aya mahanga yose agikikije; kandi nzobageseza rwose, mbahindure akajoreza, n’abo kuvuzwakw agahwa, n’iciro ry’imigani ibihe bidashira.


Abo mu bisagara vyose bahungishijwe n’urwamo rw’abagendera ku mafarasi n’urw’ abanyamiheto; banyegera mu bisaka, būrira ku bitandara hejuru: igisagara cose gisigara ar’ umurara ata n’umwe akihaba.


Uku ni k’Uhoraho agize, at’ Eh’ ubgoko buraje buvuye mu gihugu c’i burārūko; ihanga rikomeye rizovyutswa rive ku mpera y’isi.


Amajambo ya Amosi wo mu bungere b’i Tekowa, y’ivyo yeretswe ku Bisirayeli ku ngoma ya Uziya umwami w’i Buyuda, no ku ngoma ya Yerobowamu mwene Yehowasi, umwami w’Abisirayeli, avyeretswe, hashira imyaka ibiri kwa gutigita kw’isi kuraza.


Cank’ inzamba yovugirizwa mu gisagara, abantu ntibakanguke? Canke har’ icago cotera igisagara, Uhoraho atakirekuye?


Umukogote ukwegwa n’amafarasi y’imifyiri ugiye mu gihugu c’i burārūko, ay’ ibitare arayakurikiye; ay’ ibibamba na yo agiye mu gihugu c’i bumanuko.


Arikw Abayebusi bo, ari bo bāba i Yerusalemu, Abayuda ntibāshoboye kubirukana; ariko bībēra i Yerusalemu mu Bayuda gushitsa n’ubu.


Arikw Ababenyamini ntibirukanye Abayebusi bāba i Yerusalemu; nukw Abayebusi babana n’Ababenyamini i Yerusalemu gushitsa na bugingo n’ubu.


ကြှနျုပျတို့နောကျလိုကျပါ:

ကြော်ငြာတွေ


ကြော်ငြာတွေ