Biblia Todo Logo
အွန်လိုင်း သမ္မာကျမ်းစာ

- ကြော်ငြာတွေ -




Yeremiya 52:9 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

9 Maze bafata umwami, baramudūgana, bamuzanira umwami w’i Babuloni bamumusanza i Ribula, mu ntāra y’i Hamati: amucirakw iteka.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ




Yeremiya 52:9
15 ပူးပေါင်းရင်းမြစ်များ  

Uko ni ko Salomo yagize imisi mikuru ico gihe, hamwe n’Abisirayeli bose, bār’ ikoraniro rinini bavuye mu gihugu cose, uhereye ahafata i Hamati ugashitsa ku mugezi wa Egiputa; bamara imisi ndwi, baraheza basubira iyindi ndwi, yose na yose iba icumi n’ine, bar’ imbere y’Uhoraho Imana yacu.


Bukeye Farawo‐neko amuta mu ngoyi amubohera i Ribula mu gihugu c’i Hamati, amukūra ku ngoma i Yerusalemu; igihugu ciwe agicira iciru c’italanto ijana z’ifeza n’italanto imwe y’izahabu.


Maze bafata umwami, baramudūgana, bamuzanira umwami w’i Babuloni, bamumusanza i Ribula; bamucirakw iteka.


Ni co catumye Uhoraho abatēza abagabisha b’ingabo z’umwami w’i Ashuri, bagafata Manase, bakamubohesha ivyuma, bakamushira mu minyororo, bakamujana i Babuloni.


Kandi hanyuma y’ivyo, ni jewe Uhoraho mbivuze, nzogabura Zedekiya umwami w’Abayuda, n’ abasavyi biwe, n’abantu bazoba bagisigaye mur’ iki gisagara, batishwe n’ikīza n’inkota n’inzara, mbashire mu kuboko kwa Nebukadineza umwami w’i Babuloni, no mu maboko y’abansi babo, no mu maboko y’abarondera kubica: azobicisha ubugi bg’inkota; ntazobagirira impuhwe cank’ akagongwe cank’ imbabazi.


Maz’ ingabo z’Abakaludaya zibōma inyuma, zihambiriza Zedekiya mu kiyaya c’i Yeriko: bamaze kumufata, baramudūgana, bamuzanira Nebukadineza umwami w’i Babuloni bamumusanza i Ribula mu ntāra y’i Hamati: amucirakw iteka.


Uwar’ atubereye nk’impwemu duhumeka, uwari yararobanujwe amavuta n’Uhoraho, yakorokeye mu vyobo vyabo, Kand’ ari we twari twishimiye, ngo mu gitūtu ciwe ni ho tuzoba, uko turi hagati mu mahanga.


Muzoririkwa n’inkota; nzobacira urubanza ndi mu rugabano rw’i Bgisirayeli: namwe muzomenya yuko jewe nd’ Uhoraho.


Nuko bazogutera bafise ibirwanishwa, n’imikogote y’intambara n’iyitwara ibintu, n’isinzi ry’amahanga; bazotonda urugamba bakurwanye, bagutangatanze impande zose, bafise inkinzo nto‐nto na nini‐nini n’inkofero z’ivyuma: kandi nzoshira imanza mu maboko yabo, bagucire urubanza, nk’ukw imanza zabo ziri.


Nuko baradūga, batata ico gihugu, bahereye mu bugaragwa bg’i Zini, bashitsa i Rehobu, hahereranye n’ahafata i Hamati.


ruvudutse i Shefamu, rumanuke, rushike i Ribula, hirya ya Ayini ahahera i burasirazuba; ruheze rumanuke rujane inkōkoro y’ikiyaga Kinereti ihera i burasirazuba;


bo n’igihugu c’Abagebali, n’i Lebanoni hose aherekeye i burasirazuba, uhereye i Bayali‐gadi musi y’umusozi Herumoni, ugashitsa ahafata i Hamati;


ကြှနျုပျတို့နောကျလိုကျပါ:

ကြော်ငြာတွေ


ကြော်ငြာတွေ