Yeremiya 52:9 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)9 Maze bafata umwami, baramudūgana, bamuzanira umwami w’i Babuloni bamumusanza i Ribula, mu ntāra y’i Hamati: amucirakw iteka. အခန်းကိုကြည့်ပါ။ |
Kandi hanyuma y’ivyo, ni jewe Uhoraho mbivuze, nzogabura Zedekiya umwami w’Abayuda, n’ abasavyi biwe, n’abantu bazoba bagisigaye mur’ iki gisagara, batishwe n’ikīza n’inkota n’inzara, mbashire mu kuboko kwa Nebukadineza umwami w’i Babuloni, no mu maboko y’abansi babo, no mu maboko y’abarondera kubica: azobicisha ubugi bg’inkota; ntazobagirira impuhwe cank’ akagongwe cank’ imbabazi.
Nuko bazogutera bafise ibirwanishwa, n’imikogote y’intambara n’iyitwara ibintu, n’isinzi ry’amahanga; bazotonda urugamba bakurwanye, bagutangatanze impande zose, bafise inkinzo nto‐nto na nini‐nini n’inkofero z’ivyuma: kandi nzoshira imanza mu maboko yabo, bagucire urubanza, nk’ukw imanza zabo ziri.