Biblia Todo Logo
အွန်လိုင်း သမ္မာကျမ်းစာ

- ကြော်ငြာတွေ -




Yeremiya 52:7 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

7 Abakaludaya baraheza basatura uruzitiro rw’ ico gisagara; maz’ ingabo zose zirahunga, zihenga mw ijoro ziva mu gisagara, ziciye mu kirimba kiri hagati y’inzitiro zibiri cari hafi y’indimiro y’umwami; kand’ Abakaludaya bāri bakikije igisagara impande zose; nuko zijana inzira ica mu kiyaya Araba.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ




Yeremiya 52:7
17 ပူးပေါင်းရင်းမြစ်များ  

Abakaludaya baraheza basatura uruzitiro rw’ico gisagara, maz’ ingabo zose zihenga mw ijoro zirahunga, ziciye mu kirimba kiri hagati y’inzitiro zibiri, cari hafi y’indimiro y’umwami; kand’ Abakaludaya bāri bakikije igisagara impande zose; nuk’ umwami ajana inzira ica mu kiyaya Araba.


Rāba nzobigera, ni jewe Uhoraho mbivuze, mbagarukane kur’ iki gisagara; kandi bazokirwanya bagitsinde, bagitongoze umuriro: kand’ ibisagara vy’i Buyuda nzobigira imisaka, ata wukihaba.


maze mu mwaka ugira icumi na rimwe Zedekiya ari ku ngoma, mu kwezi kwa kane, ku musi wakwo w’icenda, basatura uruzitiro rw’ico gisagara.


Ni co gitumye imisore yaho izohindikirana mu nzira zaho, n’abahizi bose bazozibizwa kur’ uwo musi, ni jewe Uhoraho Nyen’ ingabo mbivuze.


kandi ko bazitiye ivyambu giturumbuka, baturiye n’ urufunzo, kandi kw abahizi bacitse ivutu.


Bati Ni mukūre hasi, tudūge mw ijoro, dusangangure ingoro ziwe.


Kandi segaba ari muri bo azokwikorera ku rutugu mw ijoro, asohoke: bazokwimba batobore uruzitiro ngo bahacane ibintu; na we azokwitwikira mu maso, ngo ntaz’ abone igihugu.


Usohore ibintu vyawe ku murango bakubona, nk’ ibijonjoranwa: nawe ubgawe uhenge mu kagoroba usohoke bakubona, nk’ukw abantu bāmbukanywe bagenda.


Maze mu mwaka ugira icumi na kabiri uhereye aho twambukaniwe tur’ inyagano, mu kwezi kw’ icumi, ku musi ugira gatanu w’ ukwo kwezi, haza umuntu acitse avuye i Yerusalemu, aranshikīra, at’ Igisagara caratsinzwe.


Kandi nzohoza igitsūre canje kuri mwebge, muzoneshwa n’abansi banyu: ababanka ni bo bazobaganza; kandi muzohunga ata kibirukanye.


Amasigarira yo muri mwebge nzotuma barandukira imitima mu gihugu c’abansi babo: bazokangwa n’ ukwumva akababi gakakaje, bahunge nk’ūhunga inkota; bazotemba ata kibirukanye.


Bazobacisha mu vyuho, umugore wese aramirije imbere yiwe; bazobashiburira mw iboma, ni k’Uhoraho agize.


Uhoraho azotuma muneshwa n’abansi banyu: muzojana inzira imwe mubateye, mu kubahunga muce mu nzira ndwi; muzoba akūmiza mu bihugu vyose vyo mw isi.


Umwe yoshoboye ate gukinagiza igihumbi, Na babiri kwirukana ibihumbi cumi, Iyo ca Gitandara cabo atabagura, Iy’ Uhoraho atabagabura?


ကြှနျုပျတို့နောကျလိုကျပါ:

ကြော်ငြာတွေ


ကြော်ငြာတွေ