Biblia Todo Logo
အွန်လိုင်း သမ္မာကျမ်းစာ

- ကြော်ငြာတွေ -




Yeremiya 52:4 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

4 Mu mwaka ugira icenda Zedekiya ari ku ngoma, mu kwezi kw’icumi, ku musi wakwo ugira icumi nyene, Nebukadineza umwami w’i Babuloni araza, bo n’ingabo ziwe zose, batera Yerusalemu, basagaza inyuma yaho; bubaka n’ ibihome vyo kuhatera hirya no hino.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ




Yeremiya 52:4
22 ပူးပေါင်းရင်းမြစ်များ  

Nzogusagazako ngutangatange impande zose, nzogukikiza ibihome ngute hagati, nzoguta hagati nkurundire ikirundo c’ivu kigukikije.


muti Basigurize Uhoraho; kuko Nebukadineza umwami w’i Babuloni ateye: kumbure Uhoraho yotugirira nk’ukw ibikorwa vyiwe vyose vy’igitangaza bimeze, agatuma asubira inyuma akatureka.


Eh’ ibirundo barundiye kwūririrako ngo baneshe igisagara birashitse: igisagara gitanzwe mu maboko y’Abakaludaya bagiteye, kubg’ inkota n’inzara n’ikīza. Ivyo wavuze birashitse, nawe urik’ uravyibonera.


Ijambo ryaje kuri Yeremiya rivuye k’Uhoraho, igihe Nebukadineza umwami w’i Babuloni n’ingabo ziwe zose n’abami bo mw isi yose yaganzwa na we, n’ amahanga yose, bāriko bararwana n’i Yerusalemu n’ibisagara vyaho vyose,


Nuko Yerusalemu haratsindwa. Nebukadineza umwami w’i Babuloni, n’ingabo ziwe zose, yaje gutera Yerusalemu arahugariza, mu mwaka ugira icenda Zedekiya umwami w’i Buyuda ari ku ngoma, mu kwezi kw’icumi;


Bakikije Yerusalemu nk’abarinda ivyona umurima, kuko hangararije, ndabivuze jewe Uhoraho.


Abakaludaya baraheza basatura uruzitiro rw’ ico gisagara; maz’ ingabo zose zirahunga, zihenga mw ijoro ziva mu gisagara, ziciye mu kirimba kiri hagati y’inzitiro zibiri cari hafi y’indimiro y’umwami; kand’ Abakaludaya bāri bakikije igisagara impande zose; nuko zijana inzira ica mu kiyaya Araba.


Mu kuboko kwiwe kw’i buryo ni ho haranze i Yerusalemu, ngw ahomvoze inzitiro zaho ibiti vy’imigogo, yasamire abazoharirikirwa, ashire hejuru avuze akarūru, ahomvoze amarembo ibiti vy’ imigogo, akirundire ibigunguzi vyo kwūririrako, yubake n’ibihome vyo kuhatera.


Amatongo, amatongo, nzobigira amatongo masa: kandi ni ko bizokwama, gushitsa igihe nyenevyo azozira; nanje nzobimuha.


Abakobga bawe bari mu misozi azobaririkisha inkota: kand’ azokwubaka ibihome vyo kugutera, akurundire ibigunguzi vyo kwuririrako, kand’ azokugwako yitwaje inkinzo.


Maze mu mwaka ugira icumi na kabiri uhereye aho twambukaniwe tur’ inyagano, mu kwezi kw’ icumi, ku musi ugira gatanu w’ ukwo kwezi, haza umuntu acitse avuye i Yerusalemu, aranshikīra, at’ Igisagara caratsinzwe.


Mu mwaka ugira mirongwibiri na gatanu uhereye aho twambukaniwe tur’ inyagano, kw itanguriro ry’umwaka, ku musi w’ icumi w’ukwezi, hashize imyaka cumi n’ine igisagara gitsinzwe, kur’ uwo musi nyene, ukuboko kw’Uhoraho kwanjeko, maz’ anjanayo.


Kandi nzobatērēra inkota, ibahōre kuva mw isezerano ryanje; na ho ni mwirundaniriza mu bisagara vyanyu, nzobatērēra ikīza; kandi muzotangwa mu maboko y’abansi.


rit’ Uku ni k’Uhoraho Nyen’ ingabo agize, at’ Ukwisonzesha kwo mu kwezi kwa kane, n’ukwo mu kwa gatanu n’ukwo mu kw’indwi n’ukwo mu kw’icumi, kuzocikira inzu ya Yuda umunezero no guhimbarwa n’imisi mikuru y’akanyamuneza: nuko rero mukunde ukuri n’amahoro.


Kukw imisi izokuzako, ah’ abansi bawe bazokurundira ikirundo c’ivu kigukikije, na bo ubgabo bakagukikiza, bakakwugariza impande zose,


Ariko ni mwabona i Yerusalemu hakikijwe n’ibitero, muze mumenye yuk’ ubuyobe bgaho bugira bushike.


ကြှနျုပျတို့နောကျလိုကျပါ:

ကြော်ငြာတွေ


ကြော်ငြာတွေ