Biblia Todo Logo
အွန်လိုင်း သမ္မာကျမ်းစာ

- ကြော်ငြာတွေ -




Yeremiya 52:3 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

3 Kukw ivyabaye i Yerusalemu n’i Buyuda vyavuye ku burake bg’Uhoraho, gushitsa ah’ amaramarije kubirukana imbere yiwe. Hanyuma Zedekiya agarariza umwami w’i Babuloni.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ




Yeremiya 52:3
19 ပူးပေါင်းရင်းမြစ်များ  

Rāba, uyu musi unyirukanye kw isi, nshiburiwe kure yo mu nyonga hawe; nzogenda ndāraguza, nd’ inyererezi mw isi, kand’ ūzombona wese azonyica.


Nuko Kayini ava imbere y’Uhoraho, aba mu gihugu c’i Nodi, ku ruhande rwa Edeni ahahera i burasirazuba.


Maz’ uburake bg’Uhoraho bgongera kuziriringira Abisirayeli; asunika Dawidi ngw abakwegere, ati Genda uharūre Abisirayeli n’Abayuda.


Uhoraho Imana yawe ahimbazwe, yagushimye akagushira ku ngoma mu Bisirayeli. Kuk’ Uhoraho yakunze Abisirayeli uhereye kera hose, ni co catumye akwimika, kugira ng’uce izibereye n’iziroranye.


Ni co catumye Uhoraho arakira cane Abisirayeli, akabirukana ngo bave imbere yiwe, ntihasigara n’umwe atar’ umuryango w’Abayuda gusa.


Nuk’ Uhoraho aheba uruvyaro rwose rwa Isirayeli, abatēza ivyago, abagabura mu maboko y’ababanyaga, kugeza aho yabakomboye bakava imbere yiwe.


gushitsa ah’ Uhoraho yabakūriye imbere yiwe, nk’uko yari yarabivugiye mu basavyi biwe bose yavugisha. Uko ni kw Abisirayeli bāmbukanywe, bakūrwa mu gihugu cabo bajanwa muri Ashuri, gushitsa na bugingo n’ubu.


Kukw ivyabaye i Yerusalemu n’i Buyuda vyavuye ku burake bg’ Uhoraho, gushitsa ah’ amaramarije kubirukana imbere yiwe. Hanyuma Zedekiya agarariza umwami w’i Babuloni.


Na we agarariza umwami Nebukadineza, kandi yari yaramurahije Imana; nukw agamika izosi, yikomantaza umutima, ntiyahindukirira Uhoraho Imana y’Abisirayeli.


kugira ngo barondere mu gitabo kidonda ivyagenda biba ku ngoma za ba sogokuruza. Nuko uzobisanga mur’ ico gitabo, kand’ uzomenya yukw ico gisagara ar’igisagara cama kigarariza, kikazana ubuhombe ku bami no ku bihugu vyabo, kikāma gitera umugararizo uhereye no mu bihe vya kera; mbere ni vyo vyatumye ico gisagara nyene gisangangurwa.


Iyo havyutse umugararizo mu gihugu abakiganza baba benshi, Arikw abantu b’ubgenge bakerebutse batuma impore ihoraho.


Uzobona ibara, wa gihugu, umwami wawe iy’ ar’ umwana, abaganwa bawe bakazindukira kurya.


Abanyegiputa nzobagabura mu kuboko kw’umutware w’imburakigongwe, kand’ umwami w’inkazi azobaganza, ni k’Umwami Uhoraho Nyen’ ingabo agize.


Rāba Umwami, Uhoraho Nyen’ ingabo, anyaze ab’ i Yerusalemu n’Abayuda icishimikizo n’inkoni begamiye, icishimikizo cose, ari co vyo kurya vyabo, n’icishimikizo cose, ari co mazi yabo;


Ngw Inama yawe n’ inkomezi zo kurwana, erega n’ amajambo y’impfagusa. Ngo Mbeg’ uwo wishimiye ni nde, yatumye umugarariza?


Maz’ Uhoraho arambarira, ati Naho Mose na Samweli bohagarara imbere yanje, umutima wanje ntiwohangaza ubu bgoko: bahinde, bave mu nyonga zanje, bagende.


Kandi nzobahinda mbirukane mu nyonga zanje, nk’uko nahinze bene wanyu bose, ni bo ruvyaro rwose rwa Efurayimu.


ကြှနျုပျတို့နောကျလိုကျပါ:

ကြော်ငြာတွေ


ကြော်ငြာတွေ