Mu mwaka ugira icenda Zedekiya ari ku ngoma, mu kwezi kw’icumi, ku musi wakwo ugira icumi nyene, Nebukadineza umwami w’i Babuloni araza, bo n’ingabo ziwe zose, batera Yerusalemu, basagaza inyuma yaho; bubaka n’ibihome vyo kuhatera hirya no hino.
Ivyo uwavugishwa n’Imana Yeremiya yageze Seraya mwene Neriya, Neriya wa Mahaseya, igihe yajana na Zedekiya umwami w’i Buyuda, aja i Babuloni, mu mwaka ugira kane wo kuba ku ngoma kwiwe. Kandi Seraya yar’ umukuru w’abagaranzurira umwami.