Biblia Todo Logo
အွန်လိုင်း သမ္မာကျမ်းစာ

- ကြော်ငြာတွေ -




Yeremiya 51:9 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

9 Twagerageje kuvūra Babuloni, ariko ntihakize: reka tuhahebe, umuntu wese ni yisubirire mu gihugu cabo: kukw iteka haciriweko rishitse no kw ijuru, rigiye hejuru gushitsa no mu bicu.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ




Yeremiya 51:9
13 ပူးပေါင်းရင်းမြစ်များ  

Ariko hāriy’ ūvugishwa n’Uhoraho yitwa Odedi; aragenda aja gusanganira izo ngabo zihindukiye i Samariya, arababarira, at’ Ereg’ icātumye Uhoraho Imana ya ba sogokuruza agabura Abayuda mu maboko yanyu n’uko yar’ abarakiye, ariko mwebge mwabicanye ishavu ryinshi rishika mw ijuru.


ndavuga, nt’ Ewe Mana yanje, isoni ziriko zirammwa, mu maso hanje hāhīndānye, bimbuza kukwunamurirakw amaso, Mana yanje, kukw ibigabitanyo vyacu bigwiriye, bikaba umurengera, ivyo twakoze biradutsinze, vyarundanye bigera mw ijuru.


Maz’ umuntu wese azosubira mu b’i wabo, yiruka nk’ingeregere ihīgwa, canke nk’intama itagira ūyiragiye, umuntu wese ahungire mu gihugu c’i wabo.


Uko ni ko bizokubera, ivyo wakobereje; abādandaza nawe uhereye mu buto bgawe bazokwīgīra, umuntu wese yīgīre ahiwe; ntihazogira ūgukiza.


Yatumye benshi batsitara, mbere bātsitaranyeko: bati Ngo tuvyuke twisubirire mu b’i wacu, no mu gihugu twavukiyemwo, duhunge inkota iririka.


Kand’ ingabo zaho z’abacangero ziri hagati yaho, zimeze nk’inyana zo mu ruhongore: kuko na zo zakimiranye, zahungiye icarimwe, ntizashinga ikirenge: kuk’ umusi w’ ivyago vyabo ubashitseko, ni co gihe co kūzirwa kwabo.


Murandure i Babuloni umubivyi, bo n’ūtemesha umuhoro mu gihe c’iyimbura. Kubgo gutinya inkota iririka, bazohunga, umuntu wese asubire mu bgoko bgabo, umuntu wese asubire mu gihugu cabo.


Bat’ Igihe c’iyimbura kirashize, ici rirahise, natwe ntituragakira.


Bazobona ibara, kuko bāgiye bāngāra bakamvako! Bazotikizwa, kuko bāncumuyeko! Naho nagomba kubacungura, ariko bo bāhavuye bandemera ibinyoma!


Numva ijwi rindi rivuye mw ijuru, rivuga, riti Bantu banje, ni muve i we, kugira ngo mwoye gufatanya n’ivyaha vyiwe, mwoye guhabga ku vyago vyiwe.


Kukw ivyaha vyiwe vyārundanijwe bigashika kw ijuru, kand’ Imana yibutse ukugabitanya kwiwe.


ကြှနျုပျတို့နောကျလိုကျပါ:

ကြော်ငြာတွေ


ကြော်ငြာတွေ