Biblia Todo Logo
အွန်လိုင်း သမ္မာကျမ်းစာ

- ကြော်ငြာတွေ -




Yeremiya 51:7 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

7 Babuloni cār’ igikombe c’izahabu mu kuboko kw’Uhoraho, cāboreje isi yose: amahanga yanyoye kuri vino yaco, ni co catumye azimira ubgenge.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ




Yeremiya 51:7
16 ပူးပေါင်းရင်းမြစ်များ  

ni ho uzokwitamba ku muvyimba umwami w’i Babuloni, ut’ Eh’ ukuntu umunyagahahazo aherengeteye, n’amanyama yiwe ukuntu aherengeteye!


Ni ho uzoca ubabgira, ut’ Uku ni k’Uhoraho agize, at’ Ehe ngira nuzuze ababa mur’ iki gihugu bose ubudandahirwe, uhereye ku bami uko bakūranwa ku ngoma ya Dawidi, no ku baherezi, no kuri ba kamenyi, no ku baba i Yerusalemu bose.


nzotuma kugomora imiryango yose y’i burārūko, ni jewe Uhoraho mbivuze, kandi nzotuma no kuri Nebukadineza umwami w’i Babuloni, umusavyi wanje, mbazane ngo barwanye iki gihugu n’abakibamwo, barwanye n’aya mahanga yose agikikije; kandi nzobageseza rwose, mbahindure akajoreza, n’abo kuvuzwakw agahwa, n’iciro ry’imigani ibihe bidashira.


Ikigatwa kizoba ku mazi yaho, kand’ azogaduka; kukw ar’ igihugu c’ibishushanyo bibājwe, bāciwe ntema n’ibigirwamana.


Maz’ urwamo rw’ishengero ryidibamiye rwahōga aho muri; kandi hamwe n’abantu ba nyarucari hazanywe n’ababorewe bavuye mu bugaragwa; babambika mwempi imiringa ku maboko, n’ibitsibo vyiza mu mitwe.


Ico gishushanyo, umutwe waco war’ izahabu nziza, kand’ igikiriza n’amaboko vyar’ ifeza, inda n’ibibero vyar’ imiringa,


kand’ ah’ abantu baba hose yaguhaye n’ibikōko vyo mw ishamba, n’ibiguruka vyo mu kirēre, ibishira mu kuboko kwawe, iguha kubiganza vyose. Nuko rer’ uwo mutwe w’izahabu ni wewe.


Umumarayika wundi wa kabiri akurikirirako, ati Kirakomvomvotse, kirakomvomvotse, Babuloni, ca gisagara gihambaye, cateretse amahanga yose vino ni yo burake bg’ubushakanyi bgaco.


Uyo abami bo kw isi bāsambana na we, ababa kw isi bakaborerwa vino, ni zo busambanyi bgiwe.


Uwo mugore yambaye impuzu y’inyambarabami n’iy’ agahama, yari yisakaye izahabu n’utubuyenge tw’igiciro kinini n’imaragarita, afise igikombe c’izahabu mu minwe cuzuye ibihumanya n’imyanda y’ubusambanyi bgiwe.


Kand’ ukumurika kw’itara ntikugisubira kubonesha muri wewe ukundi, kand’ ijwi ry’umukwe n’iry’ umugeni ntirigisubira kwumvikana muri wewe ukundi. Abadandaza bawe bār’ abahambaye bo kw isi, kukw amahanga yose yahendahenzwe n’uburozi bgawe.


Kukw amahanga yose yanyoye vino, ni zo burake bg’ubusambanyi bgiwe, kand’ abami bo kw isi bāsambana na we, abadandaza bo kw isi bātungishwa n’ubginshi bg’ibihinda vyiwe.


kukw amateka yayo ar’ay’ ukuri n’ukugororoka. Yaciriyekw iteka umwe maraya w’agahebuza, yononesha abari mw isi ubusambanyi bgiwe, kand’ imuhōye amaraso y’abagurano bayo.


ကြှနျုပျတို့နောကျလိုကျပါ:

ကြော်ငြာတွေ


ကြော်ငြာတွေ