Biblia Todo Logo
အွန်လိုင်း သမ္မာကျမ်းစာ

- ကြော်ငြာတွေ -




Yeremiya 51:6 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

6 Ni muhunge muve hagati muri Babuloni, umuntu wese yunzūre amagara yiwe; ntimuranduranwe na ho, muzira ibigabitanyo vyaho, kukw ar’ igihe c’uguhōra kw’Uhoraho, agira ahasubirize mu nkōko.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ




Yeremiya 51:6
29 ပူးပေါင်းရင်းမြစ်များ  

Uhoraho, Mana Nyen’ uguhōra, Mana Nyen’ uguhōra, kayangana.


Gendana n’abanyabgenge, nawe uzogira ubgenge, Arik’ ūcudika n’ibipfu azokomereka.


Ni muve i Babuloni, muhunge muve mu Bakaludaya, muvuge ibi, mubikwize, muvyamamaze gushitsa ku mpera y’isi, mubivugishe ijwi ry’indirimbo, mut’ Uhoraho acunguye umusavyi wiwe Yakobo.


Kuko nari narashinze mu mutima umusi wo kwīhōra, kand’ umwaka wo gucungura abantu banje urashitse.


Kandi na bo ubgabo amahanga menshi n’abami bahambaye bazobahindura abaja; kandi nzoba mbashubirije mu nkōko ibihwanye n’ivyo bākoze, n’ibihwanye n’ ibikorwa vy’amaboko yabo.


Bazokinywa badandabagirane, bazimire ubgenge, kubg’ inkota nzorungika muri bo.


Kand’ amahanga yose azomusaba, asabe n’umwana wiwe n’umwuzukuru wiwe, gushitsa igihe co kūzirwa kw’igihugu ciwe kigeze; ni ho amahanga menshi n’abami bahambaye bazomuhindura umuja na we.


Kuk’ uwo musi ar’ uw’ Umwami, ni we Uhoraho Nyen’ ingabo, ar’ umusi wo kwīhōrako, kugira ngo yīhōre abarwanizi biwe: inkota izorya ihāge, izonywa amaraso yabo ihīmbe: kuk’ Umwami, ari we Uhoraho Nyen’ ingabo, acumitira ibimazi mu gihugu c’i burārūko ku nkengera y’uruzi Efurate.


Muhunge, mwunzūre amagara, mube nk’agasaka k’inkōkōre mu bugaragwa.


Muhīrahire mur’ irya n’ino; hazokoma amashi, ibihome bihakingiye bizotemba, inzitiro zaho zisangangurwe: kukw ar’ uguhōra kw’ Uhoraho; namwe muhīhōre; nk’ uko hakoze abe ari ko muhasubiriza mu nkōko.


Ni mwumve ingene bahunga, bacika bava mu gihugu c’i Babuloni, ngo bamamaze i Siyoni uguhōra kw’Uhoraho Imana yacu, uguhōra yahōye urusengero rwiwe!


Ehe tuzohigūra twe nawe, wa munyabgibone we, ni jewe Umwami Uhoraho Nyen’ ingabo mbivuze; kuk’ umusi wawe ushitse, ni wo gihe nkūziye.


Muhunge muve hagati y’i Babuloni, muve mu gihugu c’ Abakaludaya, mube ba kizigenza nk’impfizi z’impene mu mukuku.


Mukarishe imyampi, mubangirize inkinzo: Uhoraho yagayambije imitima y’abami b’Abamedi; kukw imigabo yagīriye i Babuloni n’ukuhageseza: kukw ar’ uguhōra kw’Uhoraho, uguhōra yahōye urusengero rwiwe.


None rero, uku ni k’ Uhoraho agize, at’ Ehe nzokwitsa mu manza zawe, ndaguhōre; nzokamya ikiyaga caho, n’isōko yaho nzoyimīmūra.


Yemwe bantu banje, ni muve hagati muri ho, mwikize mwese uburake bganje bg’inkazi, jewe Uhoraho.


Yemwe abakize inkota, mugende, ntimuhagarare; munyibuke, jewe Uhoraho, mukiri kure, i Yerusalemu hagaruke mu mitima yanyu.


mber’ abanyazi barahashitse, bashitse i Babuloni nyene, abahizi baho barafashwe, imiheto yabo iravunaguritse. Kuk’ Uhoraho ar’ Imana yīhōra, ntazobura kwīhōra.


Twagerageje kuvūra Babuloni, ariko ntihakize: reka tuhahebe, umuntu wese ni yisubirire mu gihugu cabo: kukw iteka haciriweko rishitse no kw ijuru, rigiye hejuru gushitsa no mu bicu.


Uhoraho we, uzobasubiriza mu nkōko ibihwanye n’ibikorwa vy’amaboko yabo.


Abarira ishengero, ati Ni mwīgireyo, muve ku mpande zose z’amahema y’izi nkozi z’ibibi, ntimugire ikintu cabo na kimwe mukorako, kugira ngo ntimuranduranwe na bo mu guhanirwa ivyaha vyabo vyose.


Hanze inkota izohēkūra, No mu nzu habe gucika ivutu, Yice imisore n’inkumi, N’abana bonka n’abatāma bameze imvi.


Yukw igihe nzokarisha inkota yanje irabagirana nk’ umuravyo, Ukuboko kwanje kugafata amatēka, Nzokwihōra abarwanizi banje, Nsubirize mu nkōko abanyanka.


Yemwe banyamahanga, ni munezeranwe n’abantu bayo, Kukw abāvishije amaraso y’ abasavyi bayo izoyabahōra, Kand’ izokwihōra abarwanizi bayo, Itangire impongano igihugu c’abantu bayo.


Ntukagire umuntu wihutira kurambikakw ibiganza, kandi ntugafatanye n’abandi mu vyaha vyabo. Uze wame wirinda ubuhumane.


Ca gisagara gihambaye kigabanywamwo gutatu, ibisagara vy’abanyamahanga birasenyuka. I Babuloni hahambaye hibukwa imbere y’Imana, ngo hahabge agakarabo ka vino y’uburake bgayo bg’inkazi.


ကြှနျုပျတို့နောကျလိုကျပါ:

ကြော်ငြာတွေ


ကြော်ငြာတွေ