Biblia Todo Logo
အွန်လိုင်း သမ္မာကျမ်းစာ

- ကြော်ငြာတွေ -




Yeremiya 51:57 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

57 Kandi nzoboreza abaganwa baho n’abanyabgenge baho, bo n’abagabisha baho, n’abahaganza n’abahizi baho; bazosinzira itiro ry’intashira, ntibikangure ukundi, ni jewe Umwami mbivuze, izina ryanje nd’ Uhoraho Nyen’ ingabo.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ




Yeremiya 51:57
20 ပူးပေါင်းရင်းမြစ်များ  

Maz’ umumarayika w’Uhoraho arasohoka, atera mu nsago z’Abashuri, yicamw’ ingabo ibihumbi ijana na mirongumunani na bitanu: abantu bavyutse mu gatondo basanga ingabo zose ar’ imihindigiti y’imivyimba.


Indagu z’abanyabinyoma ndazihindura ubusa, abapfumu nkabatēza ibisazi, nsubiza inyuma abanyabgenge, ubgenge bgabo nkabuhindura ubupfu.


Maze ndavuga, nti Mbonye ibara, ndapfuye; kuko nd’ umunyaminwa yanduye, kandi mba hagati y’ubgoko bufise iminwa yanduye; kukw amaso yanje abonye Umwami, Uhoraho Nyen’ ingabo.


Ni ho uzoca ubabgira, ut’ Uku ni k’Uhoraho agize, at’ Ehe ngira nuzuze ababa mur’ iki gihugu bose ubudandahirwe, uhereye ku bami uko bakūranwa ku ngoma ya Dawidi, no ku baherezi, no kuri ba kamenyi, no ku baba i Yerusalemu bose.


Kand’ uz’ ubabarire, ut’ Uku ni k’Uhoraho Nyen’ ingabo agize, ni we Mana y’Abisirayeli, ati Ni munywe, muborerwe, mudahwe, mwubameho, ntimuze musubire kuvyuka ukundi, kubg’ inkota nzorungika muri mwebge.


Nk’uko ndiho, ni k’Umwami agize, ari we yitwa Uhoraho Nyen’ ingabo, n’ukuri nk’uko Tabora umeze ku yindi misozi, kandi nk’ uko Karumeli umeze ku kiyaga, ni k’ūgiye kuza azoza ameze.


Mowabu hacitse imisaka, badūze gutera ibisagara vyaho, kand’ imisore yaho y’intōre imanutse gukekagurwa, ni k’Umwami agize, yitwa Uhoraho Nyen’ ingabo.


Ni co gitumye imisore yaho izohindikirana mu nzira zaho, n’abahizi bose bazozibizwa kur’ uwo musi, ni k’Uhoraho agize.


Bamaze kuborerwa nzobategurira amazimano, kandi nzobaboreza kugira ngo banezerwe, basinzire itiro ry’intashira, batazokwikangura ukundi, ni jewe Uhoraho mbivuze.


Ndahiye ukubaho kwanje, ni k’Umwami Uhoraho agize, n’ ukuri ngira mbe Umwami wanyu, mbaganzishe ukuboko gukomeye kandi kubanguye, n’uburake busukumbuka.


Kuko naho bomera nk’amahwa azitanye, canke bagahindurwa iveve n’inyobga, bazotōngōrwa rwose nk’ibirararara vyumye.


Ewe kuntu abungere bawe bisinziriye, ga mwami wa Ashuri; abanyacubahiro bawe bakiruhukira! Abantu bawe bāsābagiriye ku misozi, kandi nta wo kubegeranya.


Arik’ umuntu w’ingunge aravumwe, afise isukurume mu mukuku wiwe yasezeranye kuyishikana, maz’ agashikanira Umwami Imana iyifise agasembga; kuko nd’Umwami ahambaye, ni k’Uhoraho Nyen’ ingabo agize, kand’ izina ryanje riteye ubgoba mu banyamahanga.


Kand’ abami bo kw isi, abāsambana na we, bagasangira na we ibihinda vyiwe, bazomuririra, bamuvugirize amarūru, aho bazobonera umwotsi wo kuyigizwa kwiwe,


ကြှနျုပျတို့နောကျလိုကျပါ:

ကြော်ငြာတွေ


ကြော်ငြာတွေ