Biblia Todo Logo
အွန်လိုင်း သမ္မာကျမ်းစာ

- ကြော်ငြာတွေ -




Yeremiya 51:53 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

53 Naho Babuloni hodūga hagashika kw ijuru, kandi nah’ ibihome vyaho birebire vyoba uruhatane, na ho nyene abanyazi bohashika bavuye kuri jewe, ni jewe Uhoraho mbivuze.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ




Yeremiya 51:53
29 ပူးပေါင်းရင်းမြစ်များ  

Baravuga, bati Ngo twiyubakire igisagara, n’umunara uz’ ushikīre ijuru, kugira ngo twironkere izina rya rurangiranwa, twoye gusābagira mw isi yose.


Nah’ ubgibone bgiwe bgoshika kw ijuru, Umutwe wiwe ugashika mu bicu,


Rāba nzovyutsa Abamedi ngo babatere; ntibazorāba ifeza, kandi naho zoba izahabu ntibazozibabara.


Nahagurukije umuntu avuye i burārūko, kand’ araje; uwambaza izina ryanje avuye i burasirazuba: azokāta abaganza nk’ūkāta urwondo, canke nk’uk’ umubumvyi akāta ibumba.


Icara wumaniwe, wibembeteranye mu mwiza, wa mukobga w’ Abakaludaya we, kuk’ utazokwongera kwitwa Umugabekazi w’ibihugu.


Urīyāga, uti Nzoba umugabekazi ibihe bidashira. Ivyo ntiwarushe ubishirak’ umutima, canke ngo wibuke iherezo ryavyo.


Gutera ubgoba kwawe n’ubgibone bgo mu mutima wawe vyaraguhenze, wewe uba mu bihoro vyo mu bitandara, wihase ku mpinga y’ umusozi: naho wokwārika icāri cawe hejuru iyo bigwa nk’inkukuma, nzokumanura ngukūreyo, ni k’Uhoraho agize.


Dūga utere igihugu c’i Meratayimu, uhatere, utere n’ababa i Pekodi: ubakurikirane, ubice, ubatotore rwose, ni jewe Uhoraho mbivuze, ubagirire nk’ivyo nkubariye vyose.


Uhoraho yuguruye ububīko bg’ibirwanishwa vyiwe, asohoye ibirwanishwa vy’ubushangashirwe bgiwe: kuk’ Umwami, ari we Uhoraho Nyen’ ingabo, afise igikorwa co gukora mu gihugu c’ Abakaludaya.


Nuko rero ni mwumve inama Uhoraho yarunduye kuri Babuloni, n’imigabo yagabiye y’ ivyo azogirira igihugu c’Abakaludaya: ati N’ukuri bazobakwega nk’imyagazi yo mu mukuku; n’ ukuri azobagesezanya n’aho baba.


Mukarishe imyampi, mubangirize inkinzo: Uhoraho yagayambije imitima y’abami b’Abamedi; kukw imigabo yagīriye i Babuloni n’ukuhageseza: kukw ar’ uguhōra kw’Uhoraho, uguhōra yahōye urusengero rwiwe.


Ehe tuzohigūra twe nawe, wa musozi ugeseza we, ni jewe Uhoraho mbivuze, wagesheje isi yose: nzokubangurirak’ ukuboko kwanje, ngucuranguze ngukūre ku rutare, nguhindure umusozi uhiye inkomvorera.


Ni ho ijuru n’isi n’ibirimwo vyose bizoririmbishwa n’umunezero wo kwitamba kuri Babuloni; kukw abanyazi bazohāzira bavuye i burārūko, ni jewe Uhoraho mbivuze.


mber’ abanyazi barahashitse, bashitse i Babuloni nyene, abahizi baho barafashwe, imiheto yabo iravunaguritse. Kuk’ Uhoraho ar’ Imana yīhōra, ntazobura kwīhōra.


Uku ni k’Uhoraho Nyen’ ingabo agize, at’ Inzitiro zagutse z’i Babuloni zizosangangurwa rwose, n’amarembo yaho maremare atongozwe umuriro; kand’ amahanga azoba yar’ atamijwe n’ubusa, n’amoko azoba yar’ aruhijwe n’ibizoja mu muriro.


Umwami aravuga, ati Mbeg’ aha si Babuloni hahambaye aho niyubakiye ngo habe umurwa wanje niberako, mpubakishije inkomezi z’ububasha bganje, ngo hatere igitinyiro canje icubahiro?


Naho bokwiyimbira bakaja i kuzimu, na ho ukuboko kwanje kwobakūrayo; naho bokwūrira bakaja mw ijuru, na ho nyene nzobamanurayo.


Kandi naho bokwambukanwa n’abansi babo ar’ inyagano, aho na ho nzohabagomorera inkota, ibamare: kandi nzobatungīra igitsure co kubazanira ivyago ariko s’amahirwe.


Azobona ibara, ūronderera inzu yiwe inyungu mbi, kugira ngo yiyarikire icāri ciwe hejuru iyo bigwa, ngw abone gukira ukuboko kw’umunyakibi!


ကြှနျုပျတို့နောကျလိုကျပါ:

ကြော်ငြာတွေ


ကြော်ငြာတွေ