Biblia Todo Logo
အွန်လိုင်း သမ္မာကျမ်းစာ

- ကြော်ငြာတွေ -




Yeremiya 51:41 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

41 Ewe kuntu i Sheshaki hatsinzwe! Ahār’ ibihimbaro vy’isi yose ukuntu hazirimukiwe! Ewe kuntu i Babuloni hahindutse ibitongozi hagati mu yandi mahanga!

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ




Yeremiya 51:41
15 ပူးပေါင်းရင်းမြစ်များ  

kand’ iyi ngoro, nah’ ar’ agahambaye irtya, ūzoyica i ruhande wese azokwumirwa, avuge, at’ Ariko n’iki catumye Uhoraho agirira artya iki gihugu n’iyi ngoro?


Kandi Babuloni, icubahiro c’amahanga y’abami, ubgiza bg’ubgibone bg’Abakaludaya, hazomera nk’uko vyabaye hamwe Imana yakomvomvora i Sodomu n’i Gomora.


ni ho uzokwitamba ku muvyimba umwami w’i Babuloni, ut’ Eh’ ukuntu umunyagahahazo aherengeteye, n’amanyama yiwe ukuntu aherengeteye!


n’abami bose b’i burārūko, abari kure n’abari hafi, bose hamwe; n’ibihugu vyose vy’abami bo mw isi, aho biri hose mw isi; kand’ umwami w’i Sheshaki ni we azobaherukira kunywa.


Mbega n’ iki catumye igisagara c’ishimwe kitāzigurijwe, ca gisagara cannezereza?


Ewe kuntu ya nyundo yar’ igeramiye isi yose ivunitse, imenaguritse! Ewe kuntu i Babuloni hahindutse ibitongozi hagati mu mahanga!


Isi ihindishwa agashitsi no kwumva gutsindwa kw’i Babuloni: amarūru yaho yumvikana mu mahanga.


Kand’ i Babuloni hazocika ibirundo vy’amasakamburira, n’i wabo w’imbgebge, n’akajoreza, n’ico kuvuzwakw agahwa, ata wukihaba.


Ababa ku kiyaga bose baragutangariye, n’abami babo bafashwe n’ubgoba bginshi, mu nyonga habo harasuherewe.


kand’ ah’ abantu baba hose yaguhaye n’ibikōko vyo mw ishamba, n’ibiguruka vyo mu kirēre, ibishira mu kuboko kwawe, iguha kubiganza vyose. Nuko rer’ uwo mutwe w’izahabu ni wewe.


ico giti ni wewe, mugenzi; warakuze, urakomera, kuk’ ubukuru bgawe bgakuze bugashika kw ijuru, n’inganji yawe igashika ku mpera y’isi.


Umwami aravuga, ati Mbeg’ aha si Babuloni hahambaye aho niyubakiye ngo habe umurwa wanje niberako, mpubakishije inkomezi z’ububasha bganje, ngo hatere igitinyiro canje icubahiro?


Kandi mur’ ayo mahanga yose ah’ Uhoraho azoba yarabajanye, muzohahindukira akajoreza n’iciro ry’imigani n’agashinyaguro.


ကြှနျုပျတို့နောကျလိုကျပါ:

ကြော်ငြာတွေ


ကြော်ငြာတွေ