Biblia Todo Logo
အွန်လိုင်း သမ္မာကျမ်းစာ

- ကြော်ငြာတွေ -




Yeremiya 51:34 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

34 Nebukadineza umwami w’i Babuloni yaramfyonderanije, arandotsa, angira urwavya rusigaye ubusa, yaranyongobeje nk’igisato c’amahēro, yagemereje inda yiwe ivyar’ ivyiza vyanje; yaranyirukanye.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ




Yeremiya 51:34
21 ပူးပေါင်းရင်းမြစ်များ  

Yamize ubutunzi miyonzwa, non’ azobudahwa: Imana izobisevya mu nda yiwe.


Ni wewe watandukanishije ikiyaga inkomezi zawe, Wameneye mu mazi imitwe y’ibikōko,


Tubayongobeze nk’i kuzimu, bakibona, Ar’ imirava, nk’abamanuka baja muri rwa rwobo;


Arikw inkongori n’ibinyogoto ni vyo bizocegukira, ibihuna n’ibikona na vyo bizokibamwo; azohageresha umugozi, ni wo bitongozi, na karisho, ni ko gusigara ubusa.


Aba bantu n’abantu bāsahuwe, bānyazwe inkōkōre; bose bāratezwe, bagwa mu vyobo, kandi babanyegeje mu mabohero; n’abo gucika inyagano, ata wo kubakiza; n’abo gucika inyagano, ata wo kuvuga ati Barekure.


Abisirayeli n’intama zisābagiye; intambge zarabasanzaje: umwami w’i Ashuri ni we yabanje kubarotsa, ubuheruka Nebukadineza uyo, umwami w’i Babuloni, yabajanjaguye amagufa.


Abābabonye bose bāgiye babatsontsomera; abarwanizi babo bāvuze, bati Nta caha dukoze, kuko bācumuye k’Uhoraho, ari we i wabo w’ubugororotsi, k’Uhoraho, ari we vyizigiro vya ba sekuruza.


Kandi nzohanira ca kigirwamana Beli i Babuloni, nzokijiginyura mu menyo ivyo catsontsomeye; kand’ amahanga ntazosubira gusendanisha aja kuri co: mber’ uruzitiro rw’i Babuloni ruzotemba.


Nk’uko Babuloni hāhindikiranije abishwe b’Abisirayeli, ni kw i Babuloni hazohindikirana abishwe b’igihugu caho.


Ewe kuntu igisagara cari cuzuye abantu gisigaye cicaye ubusa! Ukuntu cahindutse nk’umupfakazi! Icar’ agakomeye mu mahanga, kikaba umwamikazi mu ntāra, Ukuntu gisigaye gishikanira abandi!


Abansi bawe bose barakwasamiye cane, Bavuza agahwa, bagahekenya imisaya, bati Twarahayongobeje; Bati N’ukuri uyu ni wo musi twari twiteze; none turawushitseko, turawiboneye.


nuko rero, shirak’ ubivuge, ut’ Uku ni k’Umwami Uhoraho agize, ati N’ukuri ko babagize amatongo, bakabayongobeza babaturutse impande zose, mukaba inyegu ayandi mahanga yegukiye, mugatorwakw ikineguro n’akanwa k’imvuzi, mugahinduka agatwengo ku bantu;


Abisirayeli barayongobejwe: ubu bari mu mahanga bameze nk’urwavya rudahimbaye.


Ni mwumve ibi, yemwe abagomba gusiribanga abakene, no kumara impahazwa zo mu gihugu,


Kuk’ Uhoraho agarukanye icubahiro c’aba Yakobo, nk’icubahiro c’Abisirayeli; kukw abasahuzi babasahuye, bagahanyagura amashami y’imizabibu yabo.


Muzobona ibara, mwebge abanyabgenge b’ivyanditswe n’Abafarisayo, mwa ndyarya mwe, kuko mwugarirana ubgami bgo mw ijuru imbere y’abantu: kandi ntimubginjiramw’ ubganyu, n’abagomba kubginjiramwo ntimubakundira. [


ကြှနျုပျတို့နောကျလိုကျပါ:

ကြော်ငြာတွေ


ကြော်ငြာတွေ