3 Umurashi ntaz’ aruhe afora umuheto wiwe, n’uwambaye ivyuma bimukīngira ntaz’ aruhe yirwanira. Ntimuzigurize imisore yaho; mutotore rwose ingabo zaho zose.
Hazohirwa ūzofata abana bawe bato Akabahonda ku rutare!
Mushire amatandiko ku mafarasi, muheze mwūrire, mwebge abayagenderako, mutonde mwambaye inkofero z’ivyuma; murtyorore amacumu, mwambare ivyuma vyo gukīngira imibiri.
Mwebge mwese abarashi, mutondere urugamba Babuloni irya n’ino; muharase, ntimuzigurize imyampi: kuko hācumuye k’Uhoraho.
Dūga utere igihugu c’i Meratayimu, uhatere, utere n’ababa i Pekodi: ubakurikirane, ubice, ubatotore rwose, ni jewe Uhoraho mbivuze, ubagirire nk’ivyo nkubariye vyose.
Ni mwice amakombe yaho yose; n’amanuke aje kubāgwa. Babonye ibara! Kuk’ umusi wabo washitse, ni wo gihe co kūzirwa kwabo.
Naho Babuloni hodūga hagashika kw ijuru, kandi nah’ ibihome vyaho birebire vyoba uruhatane, na ho nyene abanyazi bohashika bavuye kuri jewe, ni jewe Uhoraho mbivuze.
Kuk’ urupfu rwūriye rugaca mu madirisha yacu, rukinjira n’i bukuru bgacu; rukaririka abana bari hanze, n’abasore bari mu mayira.
Hanze inkota izohēkūra, No mu nzu habe gucika ivutu, Yice imisore n’inkumi, N’abana bonka n’abatāma bameze imvi.
Kuk’ urubanza rutagirira akagongwe ūtāgize akagongwe. Ariko mu rubanza ikigongwe kiratsinda.