Biblia Todo Logo
အွန်လိုင်း သမ္မာကျမ်းစာ

- ကြော်ငြာတွေ -




Yeremiya 51:12 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

12 Mushinge ibendera mwerekeye inzitiro z’i Babuloni, mugwize abashibamyi, mushireh’ abateramyi, mugere abaja kuhaca ibico: kuk’ Uhoraho yahagīriye imigabo, agashitsa ivyo yavuze ku baba i Babuloni.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ




Yeremiya 51:12
18 ပူးပေါင်းရင်းမြစ်များ  

Mukarishe imyampi, mubangirize inkinzo: Uhoraho yagayambije imitima y’abami b’Abamedi; kukw imigabo yagīriye i Babuloni n’ukuhageseza: kukw ar’ uguhōra kw’Uhoraho, uguhōra yahōye urusengero rwiwe.


Ni mushinge ibendera ku musozi muremure w’uruharabuga, shira ijwi hejuru mubahamagare, mubākure, kugira ngo bace mu birimba vy’abaganwa.


Ūjonjanga arakudūgiye: mera magabo ku ruzitiro rw’amabuye, shibama mu nzira, kenyera zigume, iyungunganye uk’ ushoboye kwose!


Isi ihinze agashitsi, irasambagirika: kukw imigabo Uhoraho yagīriye i Babuloni igihamye, ngw ahindure igihugu c’i Babuloni ibitongozi, ata wukihaba.


nzokoraniriza hamwe amahanga yose, mbamanukane mu kiyaya ca Yehoshafati; ni ho nzobavuganiriza, mbūrana abantu banje, ni bo shamvu yanje Abisirayeli, abo bāsābagirije mu mahanga, bakīgaburira igihugu canje.


Uhoraho yakoze ico yagabiye; Yashikije ijambo ryiwe yashinze mu misi ya kera; Yagukubise hasi ata kagongwe; Yahaye umwansi kukwitamba hejuru, Yashize hejuru ihembe ry’ abarwanizi bawe.


Mushinge ibendera mu gihugu, muvuze inzamba zitabaza mu mahanga, mwiteguze amahanga arwane na ho, mukoranirize hamwe abami b’i Ararati n’i Mini n’i Ashikenazi kuharwanya; mushinge umugabisha wo kuhagomorera; mudūze amafarasi nk’inzige zishinze urwoya.


Mubitāngāze mu mahanga, muvyamamaze, mushinge ibendera; muvyamamaze, ntimubihishe, mut’ I Babuloni haratsinzwe, ikigirwamana Beli kiratēterewe, Merodaki kiravunaguritse; ibishushanyo vyaho biratēterewe, ibigirwamana vyaho biravunaguritse.


Ubgenge cank’ ukumenya Cank’ inama, biba ar’ ubusa imbere y’Uhoraho.


Maz’ umwami w’i Hayi abibonye, akorokana kare n’abo mur’ ico gisagara, bihutira gushwabadukira Abisirayeli, umwami n’ abantu biwe bose, ngo babasange ku kamanuko kaja mu kiyaya, babasōbōre; ariko ntiyar’ azi ko har’ abābunze hirya y’ico gisagara.


Kubg’ ivyo isi izogandara, n’ijuru ryiraburanirwe: kuko mbivuze, kandi mbimaramaje, sinzokwigarura canke ngo nihindukize.


Uburake bganje jewe Uhoraho ntibuzokebanuka kugeza aho nzoba nshikije ivy’ umutima wanje wagabiye, mbiheraheje: mu misi yo hanyuma muzobitahura rwose.


Uhoraho yuguruye ububīko bg’ibirwanishwa vyiwe, asohoye ibirwanishwa vy’ubushangashirwe bgiwe: kuk’ Umwami, ari we Uhoraho Nyen’ ingabo, afise igikorwa co gukora mu gihugu c’ Abakaludaya.


Kand’ azoshingira amahanga ibendera, akoranirize hamwe abāri birukanywe bo mu Bisirayeli, akumakumire hamwe Abayuda bagiye isābagire, abakūye ku mfuruka zine z’isi.


ကြှနျုပျတို့နောကျလိုကျပါ:

ကြော်ငြာတွေ


ကြော်ငြာတွေ