Biblia Todo Logo
အွန်လိုင်း သမ္မာကျမ်းစာ

- ကြော်ငြာတွေ -




Yeremiya 51:1 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

1 Uku ni k’Uhoraho agize, at’ Ehe nzovyutsa igihuhuta c’umuyaga kigeseza, ngitēze i Babuloni n’ababa i Lebu‐kamayi.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ




Yeremiya 51:1
23 ပူးပေါင်းရင်းမြစ်များ  

Ngo Rāba azomushiramw’ uwundi mutima, kand’ azokwumva impuha zitume asubira mu gihugu ciwe; kandi ngw Azomwicishiriza inkota mur’ ico gihugu ciwe nyene.


Ewe wa mukobga Babuloni, wa muranduzi we, Hazohirwa ūzogusubiriza mu nkōko Ibihwanye n’ivyo watugiriye!


Ni co kizotuma ntigitisha amajuru, kand’ isi na yo izonyiganyiga ive ahayo, kubg’ uburake bganje Uhoraho Nyen’ ingabo, ku musi w’uburake bganje bg’inkazi.


uti Nzodūga ndenge ah’ ibicu bigarukira; nzoba nk’ Īsumba vyose.


Imbūri yo ku bugaragwa buri ku kiyaga. Nk’ukw agashururu ko mu gihugu c’i bumanuko gasuriranya, ni ko biza bivuye mu bugaragwa, mu gihugu giteye ubgoba.


Manuka wicare mu mukungugu, wa nkumi y’i Babuloni; wa mukobga w’Abakaludaya, icara hasi hatari ku ntebe y’ubgami, kuk’ utazokwongera kuvugwa k’udibamye canke ko wāmikaye.


Rāba ikirura canje, jewe Uhoraho, ni bgo burake bganje, kirahinze, mbere n’ikirura c’imvugusi: kizorindimukira ku mitwe y’abanyavyaha.


Kandi nzohuruza kuri Elamu imiyaga ine iturutse ku mpande zine z’ijuru, mbashwiragirize mur’ ivyo birēre vyose; abirukanywe b’i Elamu nta hanga batazoshikamwo.


Dūga utere igihugu c’i Meratayimu, uhatere, utere n’ababa i Pekodi: ubakurikirane, ubice, ubatotore rwose, ni jewe Uhoraho mbivuze, ubagirire nk’ivyo nkubariye vyose.


Naguteze umutego, nawe uca urafatwa ata co winona, ewe Babuloni: wararushe uraboneka, utak’ urafatwa, kuko warwanije Uhoraho.


Ni muhamagare abarashi bakoranire kurwanya Babuloni, abazi gufora imiheto bose; musagaze hirya no hino yaho; ntihagire uwaho acika: muhīhōre ibikwiranye n’ibikorwa vyaho, muhasubirize mu nkōko ibikwiranye n’ivyo hākoze; kuko hinantaje k’Uhoraho, k’Uwera w’ Abisirayeli.


Uku ni k’Uhoraho Nyen’ ingabo agize, at’ Abisirayeli n’Abayuda bāhaharijwe hamwe; ababajanye kw inyagano bārabagumije, banse kubarekura.


Kuko rāba, nzoyagamvya ikoraniro ry’amahanga ahambaye aturutse i burārūko, ngw adūge atere i Babuloni: kandi bazotonda urugamba kuharwanya; bazohatsinda bahereye kur’ urwo ruhande: imyampi yabo izoba nk’iy’ umuhizi w’umuhanga: nta wuzogwa hasi.


Naho Babuloni hodūga hagashika kw ijuru, kandi nah’ ibihome vyaho birebire vyoba uruhatane, na ho nyene abanyazi bohashika bavuye kuri jewe, ni jewe Uhoraho mbivuze.


Nuko Yeremiya yari yanditse mu gitabo ivyago vyose bizotera i Babuloni, ni vyo ayo majambo yose yanditswe avuga ivya Babuloni.


Arik’ uwo muzabibu waranduranywe uburake, utsindwa hasi, maz’ umuyaga uva i burasirazuba wumisha inzabibu zawo; rya shami ryawo rinoze rirahanyurwa rirakabirana, umuriro urariturira.


Naho yorondoka muri bene se, umuyaga uturutse i burasirazuba uzoza, ni wo muyaga w’Uhoraho udūga uvuye mu bugaragwa; isōko yiwe izokamuka, iriba ryiwe rigaduke: azonyagwa itunga ry’ibintu vyiwe vyose vy’imbombovu bihimbaye.


Cank’ inzamba yovugirizwa mu gisagara, abantu ntibakanguke? Canke har’ icago cotera igisagara, Uhoraho atakirekuye?


Kuk’ ukw ari k’Uhoraho Nyen’ ingabo agize, ni we yantumye kumuhesha icubahiro mu mahanga yabanyaze; at’ Ūbakorako aba akoze ku mbone y’ijisho ryiwe.


Yikubita hasi, yumva ijwi rimubaza, riti Sauli, Sauli, umpīgira iki?


ကြှနျုပျတို့နောကျလိုကျပါ:

ကြော်ငြာတွေ


ကြော်ငြာတွေ