Ni co kizotuma ntigitisha amajuru, kand’ isi na yo izonyiganyiga ive ahayo, kubg’ uburake bganje Uhoraho Nyen’ ingabo, ku musi w’uburake bganje bg’inkazi.
Imbūri yo ku bugaragwa buri ku kiyaga. Nk’ukw agashururu ko mu gihugu c’i bumanuko gasuriranya, ni ko biza bivuye mu bugaragwa, mu gihugu giteye ubgoba.
Manuka wicare mu mukungugu, wa nkumi y’i Babuloni; wa mukobga w’Abakaludaya, icara hasi hatari ku ntebe y’ubgami, kuk’ utazokwongera kuvugwa k’udibamye canke ko wāmikaye.