Biblia Todo Logo
အွန်လိုင်း သမ္မာကျမ်းစာ

- ကြော်ငြာတွေ -




Yeremiya 50:3 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

3 Kukw i burārūko hazoturuka ihanga rije kuhatera, rizohindura igihugu caho amatongo, kandi nta wuzoba akihaba; abantu bo n’ibitungwa bizohunga bigende.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ




Yeremiya 50:3
22 ပူးပေါင်းရင်းမြစ်များ  

Uhoraho aravuga, at’ Abantu naremye nzobamara mw isi, uhereye ku muntu n’igikōko n’ icikwega n’ikiguruka mu kirere: kuko nicujije ico nabiremeye.


Kuko mur’ iryo joro nyene nzoca mu gihugu ca Egiputa, nkica abana bose b’ imfura bo mu gihugu ca Egiputa, uhereye ku muntu no ku gitunzwe; kand’ imana z’Abanyegiputa zose, amatēka nziciriyeko zose nzoyashitsa: nd’ Uhoraho.


Nahagurukije umuntu avuye i burārūko, kand’ araje; uwambaza izina ryanje avuye i burasirazuba: azokāta abaganza nk’ūkāta urwondo, canke nk’uk’ umubumvyi akāta ibumba.


Ibi ni vyo jewe Uhoraho mbgira uwo narobanuje amavuta, ni we Kuro, uwo mfashe ukuboko kw’i buryo, kugira ngo nsiribange amahanga imbere yiwe, kandi nzokenyurura inkindi z’abami, kugira ngo ndamwugururire inzugi imbere yiwe, kand’ amarembo ntazokwugarirwa:


Kandi nzokubita ababa mur’ iki gisagara, abantu n’ibitungwa: bazokwicwa n’ikīza gikomeye.


Kuko rāba, nzoyagamvya ikoraniro ry’amahanga ahambaye aturutse i burārūko, ngw adūge atere i Babuloni: kandi bazotonda urugamba kuharwanya; bazohatsinda bahereye kur’ urwo ruhande: imyampi yabo izoba nk’iy’ umuhizi w’umuhanga: nta wuzogwa hasi.


Mukarishe imyampi, mubangirize inkinzo: Uhoraho yagayambije imitima y’abami b’Abamedi; kukw imigabo yagīriye i Babuloni n’ukuhageseza: kukw ar’ uguhōra kw’Uhoraho, uguhōra yahōye urusengero rwiwe.


Ni ho ijuru n’isi n’ibirimwo vyose bizoririmbishwa n’umunezero wo kwitamba kuri Babuloni; kukw abanyazi bazohāzira bavuye i burārūko, ni jewe Uhoraho mbivuze.


kand’ ut’ Ewe Uhoraho, wavuze ku vy’aha hantu k’uzohahonnya, ngo ntihaze hagire ūzoba akihaba, ar’ umuntu cank’ igitungwa, ariko ko hazoba ibitongozi gushitsa ibihe bidashira.


Nuko rero, uku ni ko mbivuze, jewe Umwami Uhoraho, nt’ Eh’ uburake bganje n’ubushangashirwe bganje bizosukwa aha hantu, uhereye ku bantu no ku bitungwa no ku biti vyo ku misozi no ku bimera vyo mu mirima; buzotongora, nta kizobuzimya.


Ngira ndirire imisozi ndayiborogere, ncurire akanihiro amātsi yo mu biyaya, kuko haturiwe, ata wukihaca, kand’ ata wucumva kwābagirana kw’amasho; inyoni zo mu kirēre bo n’ibikōko birahunze, biragiye.


Kand’ i Yerusalemu nzohahindura ibirundo vy’amasakamburira, n’i wabo w’imbgebge; kandi n’ibisagara vy’i Buyuda nzobihindura amatongo, ata wukihaba.


Nzokwanzura abantu n’amatungo, nzokwanzura ibiguruka mu kirēre n’amafi yo mu kiyaga, n’abanyakibi nzobatega urutsiburira; eka nzorandura abantu bose kw isi, ni k’Uhoraho agize.


ကြှနျုပျတို့နောကျလိုကျပါ:

ကြော်ငြာတွေ


ကြော်ငြာတွေ