Biblia Todo Logo
အွန်လိုင်း သမ္မာကျမ်းစာ

- ကြော်ငြာတွေ -




Yeremiya 50:2 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

2 Mubitāngāze mu mahanga, muvyamamaze, mushinge ibendera; muvyamamaze, ntimubihishe, mut’ I Babuloni haratsinzwe, ikigirwamana Beli kiratēterewe, Merodaki kiravunaguritse; ibishushanyo vyaho biratēterewe, ibigirwamana vyaho biravunaguritse.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ




Yeremiya 50:2
34 ပူးပေါင်းရင်းမြစ်များ  

Kand’ abantu bose bazotinya; Bamenyekanishe igikorwa c’ Imana, Biyumvirishe ubgenge ivyo yakoze.


Mwamamaze mu mahanga ubgiza bgiwe, N’ibikorwa bitangaje yakoze muvyamamaze mu moko yose.


Abasenga ibishushanyo bibājwe, Bakirata ivy’ ubusa, ni bamāramāre: Ibigirwamana vyose biramwunamira.


Kandi kur’ uwo musi muzovuga, muti Ni mukengurukire Uhoraho, mwambaze izina ryiwe, mwamamaze ibikorwa vyiwe mu mahanga, mumenyekanishe izina ryiwe ko rishizwe hejuru.


Ni mushinge ibendera ku musozi muremure w’uruharabuga, shira ijwi hejuru mubahamagare, mubākure, kugira ngo bace mu birimba vy’abaganwa.


non’ ehe haje umuce w’ingabo zigendera ku mafarasi bagenda ari babiri‐babiri. Arongera aravuga, ati Babuloni harakomvomvowe, harakomvomvowe; n’ibishushanyo bibājwe vyose vy’ibigirwamana vyaho bihindikiraniye hasi bivunaguritse.


bātereye imana zabo mu muriro; ariko ntizar’ imana nya mana, zar’ izakozwe n’intoke z’abantu mu biti no mu mabuye; ni co catumye bazihonnya.


Ico gihe Merodaki‐Baladani mwene Baladani umwami w’i Babuloni arungikira Hezekiya ivyete n’ingemurano, kuko yari yumvise ko yarwaye agakira.


Beli irarundutse, Nebo irubamye; ibishushanyo vyazo biremētswe ingamiya n’inka; bimwe mwarerura mushogamanga bicitse umutwaro ugenda uravuna inka.


Ni muve i Babuloni, muhunge muve mu Bakaludaya, muvuge ibi, mubikwize, muvyamamaze gushitsa ku mpera y’isi, mubivugishe ijwi ry’indirimbo, mut’ Uhoraho acunguye umusavyi wiwe Yakobo.


Waravyumvise, non’ ehe vyitegereze vyose: mbega ntuvyemera? Guhēra ubu ngira mbereke ibisha, vyari bihishijwe, utigeze kumenya.


Uk’ ukwiye kubabgira n’uku: ut’ Imana zitāremye ijuru n’isi, izo ni zo zizoherengetezwa mw isi no musi y’ijuru.


N’ivy’ ubusa gusa, n’igikorwa c’uruhendo; igihe cabo co kūzirwa bizoherengetezwa.


Ni mwumve ijambo ry’Uhoraho, mwa mahanga, muvyamamaze mu bizinga vya kure mu kiyaga: muvuge, mut’ Uwashwiragije Abisirayeli ni we azobatororokanya, abazigame, nk’uk’ umwungere agirira umukuku wiwe.


buti Mubarire amahanga, mubūrire Yerusalemu, yukw abaje gutega ibico bariko baraza, bavuye mu gihugu ca kure, bīrahira ibisagara vy’i Buyuda n’amajwi arenga.


Mushinge ibendera aherekeye i Siyoni: muhunge mwikize, ntimutebagane: kukw ehe rāba, nzanye ivyago biturutse i burārūko, n’ukugeseza gukomeye.


Muvugire muri Egiputa, muvyamamaze i Migidoli, muvyamamaze n’i Nofu n’i Tahapanesi, muti Mutonde, mwitegure, kukw inkota yariritse impande zose zigukikije.


Isi ihindishwa agashitsi no kwumva gutsindwa kw’i Babuloni: amarūru yaho yumvikana mu mahanga.


Mushinge ibendera mwerekeye inzitiro z’i Babuloni, mugwize abashibamyi, mushireh’ abateramyi, mugere abaja kuhaca ibico: kuk’ Uhoraho yahagīriye imigabo, agashitsa ivyo yavuze ku baba i Babuloni.


Mushinge ibendera mu gihugu, muvuze inzamba zitabaza mu mahanga, mwiteguze amahanga arwane na ho, mukoranirize hamwe abami b’i Ararati n’i Mini n’i Ashikenazi kuharwanya; mushinge umugabisha wo kuhagomorera; mudūze amafarasi nk’inzige zishinze urwoya.


Intabaza imwe izohūra n’iyindi, n’intumwa imwe ihūre n’iyindi, ngo bamenyeshe umwami w’i Babuloni yukw igisagara ciwe gitsinzwe impande zose:


Kandi nzohanira ca kigirwamana Beli i Babuloni, nzokijiginyura mu menyo ivyo catsontsomeye; kand’ amahanga ntazosubira gusendanisha aja kuri co: mber’ uruzitiro rw’i Babuloni ruzotemba.


Nuko rero, rāba imisi igira ize, nzohana ibishushanyo bibājwe vy’i Babuloni, igihugu caho cose kizotētērwa; abishwe baho bose bazohindikirana hagati muri ho.


Nuko rero, rāba imisi igira ize, ni jewe Uhoraho mbivuze, nzohana ibishushanyo bibājwe vyaho; kandi mu gihugu caho cose abakomeretse bazocura umuniho.


I Babuloni harakomvomvowe giturumbuka, harageseye: muhaborogere; mwābīre umuti wo kuvūra uburibge bgaho, namba kumbure hokira.


Maze mu mwaka ugira mirongwitatu n’indwi Yehoyakina umwami w’i Buyuda ari mu mugozi, mu kwezi kw’icumi na kabiri, ku musi wakwo wa mirongwibiri na gatanu, Evili‐merodaki umwami w’i Babuloni abohora Yehoyakina umwami w’i Buyuda, amukūra mw ibohero: hāri mu mwaka yimyemwo.


None rero mwa mahanga, ni mwumve ibigira bibabeko; ubimenye, wa koraniro ry’amoko;


Umwami Imana agabura Yehoyakimu umwami w’Abayuda mu maboko yiwe, bo n’ibintu vy’imbombovu bimwe vyo mu ngoro y’Imana, abijana mu gihugu c’i Shinari mu nzu y’imana yiwe; ashira ivyo bintu mu nzu y’ ububiko bg’iyo mana.


Nebukadineza atangura kubabaza, ati Mbega Shaduraka na Meshaki na Abedunego, mwabigize ibigirankana kudasaba imana zanje no kudasenga ico gishushanyo c’izahabu nahagaritse?


Uhoraho azobabera agaterabgoba: kukw azocobogoza ibigirwamana vyose vyo kw isi; maz’ abantu bazomwunamira, umuntu wese ah’ ari, mbere n’ibizinga vyose vyo mu kiyaga vy’abanyamahanga.


Asemerera n’ijwi rirenga, ati Kirakomvomvotse, kirakomvomvotse, Babuloni ca gisagara gihambaye, gicitse ikibanza c’abadayimoni, aharindirwa impwemu zihumanya zose, aharindirwa ibisīga bihumanya vyankwa vyose.


ကြှနျုပျတို့နောကျလိုကျပါ:

ကြော်ငြာတွေ


ကြော်ငြာတွေ