Biblia Todo Logo
အွန်လိုင်း သမ္မာကျမ်းစာ

- ကြော်ငြာတွေ -




Yeremiya 5:9 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

9 Mbeg’ ivyo ntibizotuma nisidukira? ni k’Uhoraho abaza; mbeg’ ivyo umutima wanje ntuzobihōra ubgoko bumeze burtyo?

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ




Yeremiya 5:9
23 ပူးပေါင်းရင်းမြစ်များ  

Ni ko bimerera uwinjirana umugore wa mugenzi we; Ūmukorako wese ntazobura guhanwa.


Ni co gituma Umwami, Uhoraho Nyen’ ingabo, Inyenkomezi y’Abisirayeli, avuga, at’ Erega nzotururuzwa n’ukwīhōra abarwanizi banje, kand’ abansi banje nzobasubiriza mu nkōko!


Mu nguru ziba mu mwonga ni ho har’ umugabane wawe; izo nyene ni zo mugabane wawe; izo ni zo wūhiye ishikanwa ry’ibiturire, ukaziterekēra. Mbeg’ ivyo novyiyumanganya?


None rero, uku ni k’Uhoraho agize, ni we Mana y’Abisirayeli, ku vyo ageneye abungere baragira abantu biwe: ati Mwashwiragije umukuku wanje, murawirukana, ntimwawurāba; nuko rero nanje nzobāzira, mbazanekw ivyago bihwanye n’ ukugira nabi kwanyu, ni jewe Uhoraho mbivuze.


Kukw iki gisagara, guhēra ku musi bācubakiye gushitsa no kur’ uyu musi, cabaye ico kuntera ishavu n’ubushangashirwe, bituma ngira ngikūre mu nyonga zanje;


Bigatuma Uhoraho atagishobora kuvyihanganira, kubg’ ibibi vy’ibikorwa vyanyu, no kubg’ ibizira vy’ ubuyobe mwakoze; ivyo ni vyo vyatumye igihugu canyu gihinduka imisaka n’akajoreza n’ikivume, ata wukikibamwo, nk’uko bimeze n’ uyu musi.


Ni mwūrire ku nzitiro zaho, muhonnye; yamara ntimuherengeteze rwose: mukūreh’ amashami yaho, kukw atar’ ay’ Uhoraho.


Mbeg’ ivyo ntibizotuma nisidukira? ni jewe Uhoraho mbibajije; mbeg’ umutima wanje ntuzohōra ubgoko bumeze burtyo?


Ni co gituma nuzuye ubushangashirwe bg’Uhoraho: bingoye kubuzina; burekurire ku bana bari mu nzira, no ku misore ah’iganamye: kuk’ umugabo azonyaganwa n’umugore wiwe, n’umutāma azonyaganwa n’ūgeze mu zabukuru.


Kuk’ ukw ari k’Uhoraho Nyen’ ingabo agize, ati Ni mwicire ibiti, murundire Yerusalemu ikigunguzi co kwūririrako: ico gisagara gikwiye kūzirwa; nta kindi kiri muri co atar’ agahahazo.


Ururimi rwabo n’umwampi wica; ruvuga ibinyoma; umuntu wese avugana n’umubanyi wiwe ivy’ amahoro mu kanwa kiwe, ariko mu mutima wiwe aba amuryamiye.


Mbeg’ ivyo ntibizotuma nisidukira? ni jewe Uhoraho mbibajije; mbeg’ umutima wanje ntuzobihōra ubgoko bumeze burtyo?


Igihano c’ukugabitanya kwawe kirarangiye, weho mukobga, Siyoni we; Ntazokwongera kukujana kure ur’ inyagano: Ariko wewe mukobga, Edomu we, azoguhanira ibigabitanyo vyawe; Azogaragaza ivyaha vyawe.


Ijisho ryanje ntirizoziguriza, kandi nta n’akagongwe nzogira: ariko nzogusubiza ku mutwe ibihwanye n’ingeso zawe, kand’ ibizira vyawe bizokubonekako; ni ho uzomenya yuko jewe Uhoraho, ari jewe mpana.


Nzomuhōra imisi yamaze yosereza za Bayali imibavu, yisakaye impeta n’utugenegene, agakurikira abūzure biwe, nanje jeho akanyibagira, ni k’Uhoraho agize.


Ku vy’ ibimazi banshikanira, batanga inyama z’ibimazi, bakazīrīra; ariko jewe Uhoraho simbākīrira: mbere nzokwibuka ibigabitanyo vyabo, mbahanire ivyaha vyabo; bazosubira muri Egiputa.


bikanduza n’igihugu cabo; ni co gituma ngira ngihōre ibigabitanyo vyaco, ico gihugu kikahava kidahwa abakibamwo.


Kandi nzobatērēra inkota, ibahōre kuva mw isezerano ryanje; na ho ni mwirundaniriza mu bisagara vyanyu, nzobatērēra ikīza; kandi muzotangwa mu maboko y’abansi.


Uhoraho n’Imana ifūha kandi ni we ahōra; Uhoraho arahōra kandi yuzuye uburake; Uhoraho yihōra abarwanizi biwe, kand’ abansi biwe ababīkira uburake.


Uguhōra n’ukwanje, nzobasubiriza mu nkōko Igihe ibirenge vyabo bizonyerera. Kuk’ umusi w’ivyago vyabo uri hafi, Kand’ ibigira bibazeko bizotebuka.


Yemwe banyamahanga, ni munezeranwe n’abantu bayo, Kukw abāvishije amaraso y’ abasavyi bayo izoyabahōra, Kand’ izokwihōra abarwanizi bayo, Itangire impongano igihugu c’abantu bayo.


ကြှနျုပျတို့နောကျလိုကျပါ:

ကြော်ငြာတွေ


ကြော်ငြာတွေ