Nabonye ibizira vyawe, ni bgo busambanyi bgawe, n’ukuroherana kwawe, ni bgo bushakanyi bg’ubusambanyi bgawe, ku misozi no ku gahinga. Uzobona ibara, ewe Yerusalemu! Ko wanse kwezwa: mbeg’ uzogeza ryari?
Uz’ uce ubabgira, uti N’uko ba sogokuruza banyu bāmutaye, ni k’Uhoraho agize, bakagendanira izindi mana, bakazisaba bakazisenga, na we bakamuta, ntibitondere ivyagezwe vyiwe;
Mmaze kwirukana Isirayeli Inamusubiranyuma, no kumuha icete c’uko tuvāvānura, ku nyanduruko y’uko yasambanye, na ho nyene mbona mwene nyina Yuda Inamuryarukanyi ata kōba agize: na we n’uko, aragenda yihindura maraya.
Icompa umutwe wanje ukuzuramw’ amazi, amaso yanje akaba isōko y’amosozi, kugira ngo name ndira ku murango no mw ijoro, ndirira abishwe ba wa mukobga, ari bo bgoko bgacu!