Yeremiya 5:6 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)6 Ni co gituma intambge yo mu kibira izobica, n’ibingira rigendagenda uko buhwibiriye rizobasahura, n’ingwe izotegera ku bisagara vyabo, maz’ ūbisokorokamwo wese atabagurwe; kuk’ ukugabitanya kwabo ari kwinshi, n’ugusubira inyuma kwabo kukaba kurenze urugero. အခန်းကိုကြည့်ပါ။ |
Eh’ azodūga nk’intambge ivuye kuri Yorodani iyo rwigize akagabo, ngw atere ahantu h’itsitsi hakomeye: ariko nzotuma ahahunga giturumbuka, kand’ uwo nzotoranya ni we nzoshinga ngw ahaganze: none ni nde ahwanye nanje? Kandi ni nde azonshingira igihe? Kandi ni nde mwungere yohangara guhagarara imbere yanje?