Biblia Todo Logo
အွန်လိုင်း သမ္မာကျမ်းစာ

- ကြော်ငြာတွေ -




Yeremiya 5:6 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

6 Ni co gituma intambge yo mu kibira izobica, n’ibingira rigendagenda uko buhwibiriye rizobasahura, n’ingwe izotegera ku bisagara vyabo, maz’ ūbisokorokamwo wese atabagurwe; kuk’ ukugabitanya kwabo ari kwinshi, n’ugusubira inyuma kwabo kukaba kurenze urugero.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ




Yeremiya 5:6
38 ပူးပေါင်းရင်းမြစ်များ  

Mbere n’abaherezi bakuru‐bakuru bose bo n’abantu bāgize ivy’ ubuhemu bginshi, bakaja mu vy’ibizira vyose vy’ubuyobe vy’abanyamahanga, bakanduza ingoro y’Uhoraho, iyo Uhoraho ubgiwe yari yarejeje i Yerusalemu.


Maze Ezira umuherezi arahaguruka, arababarira, ati Mwaracumuye, mwābīra abagore b’abanyamahangakazi, mwongerereza Abisirayeli icaha.


ndavuga, nt’ Ewe Mana yanje, isoni ziriko zirammwa, mu maso hanje hāhīndānye, bimbuza kukwunamurirakw amaso, Mana yanje, kukw ibigabitanyo vyacu bigwiriye, bikaba umurengera, ivyo twakoze biradutsinze, vyarundanye bigera mw ijuru.


Kandi n’iyo novyutsa umutwe, woca umpīga nk’intambge; Maz’ ukongera kunyiyereka ur’ akūmiza.


Uzana umwiza, hakaba ijoro: Ni ho ibikōko vyose vyo mu kibira bisokoroka bisōbōka.


Ingurube yo mu kibira irawonona, Ibikōko vyo mw ishamba birawona.


Abakuru bawe n’abagarariji, n’abagenzi b’ibisuma; umuntu wese muri bo akunda ingurire, akurikira guhongerwa; ntibacira urubanza impfuvyi, kand’ imanza z’abapfakazi ntizigera aho bari.


Kukw ibicumuro vyacu vyagwiriranye imbere yawe, kand’ ivyaha vyacu ari vyo bitwagiriza: kukw ibicumuro vyacu turi kumwe, kandi n’ibigabitanyo vyacu na vyo turabizi;


Nah’ ibigabitanyo vyacu bitwagiriza, gira ico ukora kubg’ izina ryawe, Uhoraho we: kuko gusubira inyuma kwacu ari kwinshi, kandi twagucumuyeko.


Imigunza y’intambge yamwivugiyeko irenza amajwi, yahinduye igihugu ciwe imisaka; ibisagara vyiwe vyaturiwe, bisigaye ata wukihaba.


Mbega si wewe wavyihamagariye, kuko wataye Uhoraho Imana yawe akikurōngōra mu nzira?


Ivyaha vyawe ni vyo bizogukubita, n’ubuhemu bgawe ni bgo buzoguhana: uzomenya rero kand’ uzobona yukw ar’ ikintu c’icago kandi c’umururazi, kunta jewe Uhoraho Imana yawe, no kutampa igitinyiro, ni jewe Umwami, Uhoraho Nyen’ ingabo, mbivuze.


Yemwe runganwe rw’iki gihe, ni murābe ijambo ryanje, jewe Uhoraho. Mbeg’ Abisirayeli nababereye ubugaragwa? Canke se nababereye igihugu c’umwiza w’umuzitanya? N’iki gituma abantu banje bavuga, bati Turidohoye: ntitukigomba kukugarukako?


Yahevye ahiwe nk’ukw intambge iheba ikibundo cayo; kukw igihugu cabo gihindutse akajoreza kubg’ ubukare bg’inkota itwaza igitugu, no kubg’ uburake bgiwe bg’inkazi.


Abūzure bawe bose barakwibagiye; ntibakikubabaye; kuko ngukomerekeje nk’ūkomerekejwe n’umwansi, ngukubise bga ruburakigongwe; ni kubg’ ibigabitanyo vyawe vyinshi, kukw ivyaha vyawe vyari vyiyongeranije.


Non’ igikomere cawe kikuririza iki? K’uburibge bgawe butavūrika; ni kubg’ ibigabitanyo vyawe vyinshi, kukw ivyaha vyawe vyari vyiyongeranije, ivyo ni vyo vyatumye nkugira ntyo.


Uburake bg’inkazi bg’Uhoraho ntibuzohwama kugeza ah’ azoba ashikije ivyo umutima wiwe wagabiye, abiheraheje: mu misi yo hanyuma muzobitahura.


Intambge isokorotse mu gisaka cayo, ni yo mugeseza w’amahanga; ifashe inzira, isokorotse ahantu hayo, kugira ngw itikize igihugu canyu, ibisagara vyanyu ngo bisigare ar’ imisaka, ata wukihaba.


Eh’ azodūga nk’intambge ivuye kuri Yorodani iyo rwigize akagabo, ngw atere ahantu h’itsitsi hakomeye: ariko nzotuma ahahunga giturumbuka, kand’ uwo nzotoranya ni we nzoshinga ngw ahaganze: none ni nde ahwanye nanje? Kandi ni nde azonshingira igihe? Kandi ni nde mwungere yohangara guhagarara imbere yanje?


None rero n’iki cashubije inyuma aba bantu b’i Yerusalemu, bagasubira inyuma akagīrīre? Bakobereza ubugunge, bakanka kugaruka.


Mber’ igisīga sarumfune co mu kirēre kizi ibihe vyaco cāgerewe, kand’ intunguru n’intamba n’inyanāna bimenya ibihe vyavyo vyo kuziramwo; arikw abantu banje bo ntibazi ibgirizwa ryanje, jewe Uhoraho.


Abarwanizi baho bahagiye hejuru, abansi baho bararoraniwe; Kuk’ Uhoraho yahababaje ahahōye ibicumuro vyaho vy’isinzi: Abana baho bashorewe ar’ inyagano imbere y’abarwanizi.


Wītabiye ibitabo mu mayirabiri yose, ubgiza bgawe ubugira igihumane, witega ūhise wese, ugwiza ubumaka bgawe.


Abaganwa baho bameze nk’amabingira atabagura ico ahīze; bavisha amaraso, bagahonnya abantu, ngo bironkere inyungu.


Yamara yakomeje kugwiza ubumaka bgiwe, yibuka imisi yo mu buto bgiwe, igihe yīgira maraya mu gihugu ca Egiputa.


Ica mbere casa n’intambge, kandi cari gifise amababa nk’ay’ inkukuma; ndacitegereza, gushitsa ah’ ivyubi vyaco bihanyuwe, gikūrwa hasi, gihagarikwa ku maguru, cēma nk’umuntu, kandi gihabga umutima nk’uw’ umuntu.


Hanyuma y’ivyo mbona ikindi gikōko gisa n’ingwe; mu mbavu zaco cari gifise amababa ane, nk’ay’ igisīga; kand’ ico gikōko cari gifise imitwe ine; gihabga inganji.


Kuko nzomerera Efurayimu nk’intambge, n’inzu ya Yuda nk’ umugunza w’intambge: jewe, jewe nyene nzotabagura, nīgīre; nzogenda nsēngēse, kandi nta wuzonyaka.


Amafarasi yabo arusha ingwe ubukuba, kand’ arusha ubukazi amabingira agenda ijoro: abagendera ku mafarasi yabo baza bihaya: mber’ abagendera ku mafarasi yabo baza bavuye kure; baguruka nk’inkukuma yihutira ico irotsa.


Abaganwa bo muri wo ni nk’intambge zīvuga; abacamanza bawo ni nk’amabingira agenda ijoro, atagira ico arāza na mba.


None namwe musubiye mu gishingo ca ba so, mur’ uruvyaro rw’inkozi z’ibibi, kugira ngo mwongereze uburake bg’Uhoraho arakiye Abisirayeli.


Ico gikōko nabonye casa n’ingwe, amajanja yaco yar’ ameze nk’ay’ idubu, akanwa kaco kari kameze nk’ak’ intambge. Ca gisato kigiha ububasha bgaco, no kuja ku ngoma yaco, n’ubutware buhambaye.


ကြှနျုပျတို့နောကျလိုကျပါ:

ကြော်ငြာတွေ


ကြော်ငြာတွေ